Bubanza: Hasozerewe igikorwa kijanye no kurangiza imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme

107
WhatsApp Image 2024-12-10 at 7.57.23 PM

Kuri uyu wa 10 Kigarama 2024, ikigo kijejwe Iterambere ry’ingo n’imiryango mu ntara ya Bubanza, gifadikanije n’ishirahamwe GRID rikorana na CONCERN Worldwide batunganije igikorwa kijanye no kurangiza imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ico gikorwa cabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru, gitanguzwa n’urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje abigeme biga ku mashure ya Bon Avenir na ETB Bubanza no gutanga impanuro zijanye no kurwanya ayo mabi.

Mw’ijambo yashikirije, Venant Ndayiziga, umuyobozi w’ikigo c’iterambere ry’ingo n’imiryango muri iyo ntara, yibukije abari aho ko kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme biraba buri muntu wese. Akamenyesha ko uwo musi bivugwa ko barangije imisi 16 yahariwe kurwanya ayo mabi ariko badahagaritse kuyarwanya.

Kubw’ijambo n’impanuro vyashikirijwe n’umuhanuzi wa Buramatari ajejwe iterambere, David Ndayizeye, yibukije abari aho ko igihugu kidashobora gushika kw’ihangiro ry’igihugu cifashe muri 2040 kandi giteye imbere muri 2060 mu gihe hacibonekeza abakenyezi n’abigeme bahohoterwa abandi bagafatwa ku nguvu.

Yabandanije atanga impanuro asaba ko umwe wese yofata iya mbere mu kurwanya ayo mabi. Aca ahanura urwaruka rw’abigeme kwirinda ibihendamaso no kwiga amashure maremare kugira bazoteze imbere Igihugu.

107 thoughts on “Bubanza: Hasozerewe igikorwa kijanye no kurangiza imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights