Bubanza: Umukenyererarugamba Sylvie Nizigama yararihiye amadeni abagwayi, arashikiriza n’inzu 4 yubakiye abapfakazi
Kuri uyu wa 14/12/2024, umukenyererarugamba Sylvie Nizigama asanzwe arongoye abakenyererarugamba mu ntara yagutse ya Bujumbura, yaragendeye abakenyererarugamba bo muri Komine yagutse ya Bubanza mu ntumbero yo gushikiriza inzu 4 abapfakazi n’abana b’impfuvyi, gushikiriza ibifungurwa abafise amikoro make n’abari mu bitaro no kurihira amadeni abari mu bitaro. Izo nzu zubatswe n’abakenyererarugamba.
Hambavu yo gushikiriza izo nzu 4 kuri ba ntahonikora, abapfakazi n’impfuvyi, uwurongoye abakenyererarugamba, yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’imfungurwa, imatera n’akabahasha kazofasha abahawe inzu hamwe n’amasuka yo kurwiza umwimbu. Abo bashikirijwe izo nzu bakaba ari abo mu ma Zone ya Mitakataka, Bubanza, Musigati na Kivyuka.
Inyuma yo gushikiriza izo nzu, yabandanije urugendo rwiwe aho yashiriye imfungurwa abenegihugu bafise amikoro make n’abari mu bitaro vya Bubanza yongera arihira amadeni abari mu bitaro vya Musigati basanzwe bafise amikoro make.
Mu mpanuro yashikirije inyuma y’urwo rugendo, yasavye abagumyabanga bose, kwitegurira neza amatora yimirije, kugira urukundo no kwirinda imyidodombo nyamara baje ku kivi bashigikire imbonakazoza y’igihugu, y’Uburundibwifashe muri 2040 n’Uburundi buteye imbere muri 2060.
Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru akaba asanzwe ari n’umukenyererarugamba avuka muri Komine yagutse ya Mpanda.
Kugira ashikirize inzu abafise amikoro make, abanza kuraba ko ari abo mumugambwe CNDD? N’areke kuvangura imigambwe ahereze n’abandi.
Ibikorwa ciza co kurihira amafranga abarwayi ndagishima kubwanje.
Aho ntakindi ariko arabikorera ataruko ashaka kuzokwitoza nko muba dépités kugira azogaruze ayo yatanze.
Nabe aragabanya ayo yinjije.
Aba DD, ndabikundira kweli. Ko hegereje amatora ubu bagiye kuboneka mu vyiza vyinshi. Aho uwuzi ubwenge aramenye ko ariko ariyamamaza kugira ciwe.
Kwitegurira neza amatora yimirije, kugira urukundo no kwirinda imyidodombo niyo mpanuro abona ko yotanga mugihe ibintu nka vyose vyanse? Abantu boreka kwidodomba gute badafise n’utwo bahereza umunwa ariko abandi amakonte yabo ajojota?
Imbono kazoza arayitahura umuvyeyi. N’abandanye ikivi turamushigikiye natwe dushikigwe.
Abatari i Bubanza natwe nagire atubone kuko amikoro si menshi. Nadusahirize turabe ko harico twokora tukaronka ubugari.
urukundo mwibaza ko arirwo rumuranga? Kwitegurira neza amatora yimirije wewe yabitanguye kare kuko ari kukivi co kuzokwitoza.
Sylvie Nizigama, ariyorobetse aje imbere yama camera ngo babone ko afise umutima naho shwi. Ntawegera n’iwiwe ngo asabe n’amazi yomuhembura. Uwo mugore siwe. Sinzi nico bamushimiye ngo aserukire abakenyerarugamba iwacu.
Ikimbabaza ivyo nuko bishika gake iyaba nogira icizere ko nanj un jr nzoshikirwa noremye twese amadeni araturembeje
Bakomeze imfashanyo ubuzima bwuyumusi mbona arindyankurye ntacoroshe
Amatora aregereje babemerere nibitayega namwe muje narwo abarundi turinjiji kweli none nkiki kibazo cigitoro abantu twese twabuze ayoducira nayo tumira bazoza batubeshe icokilo cibiharage hama hama tubahunde amajwi ngo turatoye ?
Ututuntu ababategetsi bigira turanyica iyobaba abandi ntibaba bambara umwambaro ngo baj’ahabona .
Barabonye ko tutabona nyene nibaze baraducamwo.
Niyirambire uyo numuvyeyi
Yakoze igikorwa c’iteka
Gufasha n’igikorwa ciza cane pe