Ni ibiki twokura mu kiyago umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiraniye n’abahoze batwara Uburundi

93
2060

Ku wa gatanu, igenekerezo rya 14 Kigarama 2024, umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, yaragiraniye ikiyago n’abahoze batwara Uburundi ari bo : Domitien Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya, ku vyerekeye imbonakazoza y’Uburundi bwifashe mu 2040, buteye imbere mu 2060. umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye avuga ko igihugu gihomba kubera igiturire, nayo abobikurikiranye bagafumbatishwa barorera. Ico kiyago caciye ku mboneshakure y’igihugu.

Umukuru w’igihugu avuga ko amahera menshi anyuruzwa hakabura n’ifaranga rimwe ryinjira mu kigega ca Reta. ku vyashikirijwe na Domitien Ndayizeye, yagiye aradomako urutoke ku batuma ibintu biyangara. Abo nabo ni abo muri Reta nyene ubwayo.

Abenshi nabo ngo bafise umunoho w’ibintu n’amafaranga, abo rero ngo ni bo bazana izi ngorane Uburundi dufise, kuko bashaka kurya ivyo bataruhiye. 

Sylvestre Ntibantunganya we yibutsa ko Reta iticwa n’umunyagihugu muto, ahubwo yicwa na barya nyene bayikoramwo, bo mu nzego zo hejuru. Avuga ko icihutirwa muri irya mbonakazoza ya 2040-2060, ari ugushira ku murongo abari mu nzego z’igihugu, bakamenya ko baje gukorera igihugu atari kwikorera. 

Yabandanije avuga ko abari mu nzego bategerezwa kuraba ingene bahanahana n’urwaruka, bakamenya uko babategura kugira nabo babone ingene bitegura, barabire ku burorero bwiza, ntibarabire kura abo banyonora, kugira iyo mbono izoshoboke, kuko mu mwaka wa 2060 hari benshi bahari uno musi batazoba bagihari ico gihe.

93 thoughts on “Ni ibiki twokura mu kiyago umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiraniye n’abahoze batwara Uburundi

  1. Ibiyago bizima nukuri igiturire kigitangwa kumugaragaro imbonakazoza dufise izotugora kugerako . Abubahwa bayaze kumajambo yinkoramutima.

  2. Ukuri kwuzuye igihugu nticishwe nabanyagihugu batobato cishwe nabari hejuru bafise ububasha bwogufata ingingo.

  3. Iciza kinampimbara nuko bibaza bakiyishura gusa bikaguma muri théorie none kuwomwubahwa yadomye uruyoki kubarya igiturire hafashwe Ingingo nki??

  4. Abarundi ivyovyose twaramaze kubimenya ariko indongozi zifata ingingo ibintu bitarayangara zagiye hehe?

  5. Byukuri abubahwa turabafise bagifise ubuntu! Ariko Kandi hariho nabandi bakigifukamye munda. Ariko twizerko muri ya mbono yakzoza ya 2040- 2060 bizogenda neza

  6. Aha mugihugu iwacu abo tuma igihugu giterimbere kwaribo usanga bakirya nn wumva ntaho turiko turaja ntanaho turiko turava icokibazo baribakwiy kuciga kuko kiragisibije mugihugu

  7. tutitonze bikabandanya uku bazoce baduha ama visa twigire hanze bagisigaremwo bakirye atawubaraba mukanywa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights