Bujumbura : Ibijanye no kwitwararika isuku vyifashe gute?

100
Gd0RcYDW4AAgkUh

Inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atereye akamo abanyagisagara ku wa 10/08/2024 ko atawohirahira ngo yicare mu biro ngo akore mu gihe aho akorera hari umwanda. Agasaba n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko yoza arasuzuma ko abenegihugu bibuka kugirira isuku mu bibanza baranguriramwo imirimo, abatari bake barabikora kandi ugasanga koko isuku rihari. Mugabo kandi hariho abatari bake bataratahura akamaro ko guta imicafu aho yagenewe, hamwe hamwe ugasanga hariho uducupa tuvamwo amazi n’ibindi.

Ahatari hake nko mu bibanza bihuriramwo na benshi (espace publics) harangwa isuku, mugabo kandi ahari ibikono vyo gutamwo imicafu (poubelles) haracibonekeza imicafu usanga iri hasi kubera ivyo bikono biba vyuzuye. Abatari bake bakabona ko arya mashirahamwe yishinze kwegeranya imicafu yari akwiye kwitwararika gukuramwo iyo micafu kugira iyindi ironke aho ija.

Ntawovuga bimwe ngo yibagire kandi ko mu gisagara ca Bujumbura, hariho abantu bamwe bamwe bataratahura akamaro ko guta imicafu aho yagenewe, hamwe hamwe ugasanga hariho uducupa tuvamwo amazi n’ibindi. Aho rero umuntu ashobora kwibaza uti : Mbega kubera iki hariho aho guta imicafu mugabo ugasanga imicafu yandagaye mw’ibarabara. Vyari bikwiye ko umwe wese afata kugira isuku nk’ikibazo ciwe akavyitwararika.

Ivy’ama poubelles mu ma modokari vyifashe gute?

Iruhande y’ivyo harashizweho itegeko ko imodoka yose yunguruza abantu (bus) itegerezwa kugira akantu kajamwo imicafu (poubelles), ariko ubu imodoka zifise izo poubelles ni nke cane, izindi nta poubelles zigendana. Aho ntituvuze bamwe bafungurira ibintu mu modoka bakabita aho bicaye mu ntebe canke bakabita mw’ibarabara imodoka ziriko ziragenda (ibituma imicafu usanga yandagaye mw’ibarabara).

Naho biri uko, Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura atera akamo abajejwe intwaro hamwe n’abasanzwe bakurikirana ibijanye n’isuku kuba maso kuko hari bamwe bataratahura integuro y’umugambi “Zéro déchets ” babandanya bata imicafu mu bibanza bihuriramwo abantu. No mu ngo bisaba ko umwe wese agirira isuku aho asanzwe aba kugira igisagara kigume cakaka.

100 thoughts on “Bujumbura : Ibijanye no kwitwararika isuku vyifashe gute?

  1. ikibi nabantu baha barya bantu bikorera umwavu kumutwe kuko bapfa aho babisutse bikagaruka kwonona amagara yacu

  2. vyofasha cane hamwe bofata ingingo ruhasha kubantu batwara iyarara numutwe kubera ntibaja kurisghira aho ritegeretwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights