Burundi : Abamenyeshamakuru ntibemerewe kuvuga ivyavuye mu matora imbere y’uko CENI ibimenyesha
Abamenyeshamakuru baba abarundi canke abanyamahanga, ntibemerewe gutangaza ivyavuye mu matora imbere y’uko CENI ku nzego zayo zitandukanye zibishikiriza. Ivyo vyashikirijwe n François Bizimana, ajejwe gushikiriza amakuru mu mugwi CENI. Umumenyeshamakuru wese azorenga kuri iyo ngingo azohanishwa umunyororo uri hagati y’imyaka 5 na 10 n’ihadabu riva ku bihumbi 400 gushika ku bihumbi 800 Fbu. Iyo ni imwe mu ngingo z’itegeko rishasha rigenga amatora, ryasiguriwe abayobozi b’ibinyamakuru i Gitega, mu nama yateguwe na CNC kuva kuri uyu wa 9 na 10 Kigarama 2024.
Espérance Ndayizeye, arongoye inama nkuru yo kumenyesha amakuru (CNC), amenyesha ko abamenyeshamakuru ari inkingi ikomeye mu zigize demokarasi. Gutyo rero, bahamagariwe kuba akarorero mu kuyitsimbataza, na canecane mu kiringo c’amatora. Yavuze kandi rimwe na rimwe abamenyeshamakuru bigenza nabi mu mwuga wabo, ari naco gituma urwego arongoye rwipfuza gutunganya neza, rurikumwe n’ibimenyeshamakuru, ikiringo twimirije.
Ku makenga yashikirijwe n’abamenyeshamakuru, mu gutinya ko iryo tegeko ryobabuza umwidegemvyo wo gutanga amakuru mu gihe c’amatora. Espérance Ndayizeye yasiguye avuga ko ari ngombwa ko abamenyeshamakuru batahura akamaro k’iryo tegeko, na cane cane mu gutanga amakuru nyayo, avugisha impande zose, biciye mu kwubahiriza amategeko y’umwuga no kwubahiriza inyungu rusangi.
asha abamenyeshamakuru muraba mwumva
abakunda ama jeme muraba mwumva
asha ngaho rero abakeneye gufungwa iyomyaka
asha aho ntibazobura abo bafata basi
ikibwirwa nicumva kabisa
none ni kuki base yuko baza barabimenyesha??
none ni kuki base yuko baza barabimenyesha??
umukenyuro kare wabaye kabisa
gusa ivyo bintu ntibisobanutse nukuri
none nimba atangorane ihari kuberiki batoreka bigatangazwa
nko ngaho wosanga hariho abazobirengako
batanguye kare gusa ntawitwara umugisha wuwundi
banka bemera tuzobimenya uko bizoba biri kabisa
botubwira icatumye bafata iyongingo?
ntansiguro bafise gusa ikiriko gitegugwa kirahari pe
murarengeje namwe ahubwo bariko banka urusaku
kandi bongera bakanka nimigumuko kuko muraziko abanka uburundi bahari
Ni vyiza ko abamenyeshamakuru basohora amakuru mu gihe abo vyega bamaze gutanga umuco urashe
Iri tegeko niryo ahubwo rikwirikwizwe kuri bose
Abamenyeshamakiru n’abantu bakomeye mu gihugu kuko bashitsa amakuru ku bantu bose bagize igihugu bakamenye uko ibintu biriko bigenda
Nukwitegurira amatora akazogenda neza cane kandi tukayitabira turi benshi
Ingingo yokuvuga ivyavuye mu matora aruko CENI aruko yatanze uburenganzira nisawa
Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora ndazi ko bari kukivi kandi ibintu bizogenda neza.
Ahubwo mwese muze tuze twitabire amatora kubwinshi
Nibaza ko abamenyeshamakuru bazogendera iyo ngingo
Ntakabuza bazovyubahiriza nkuko vyasabwe
Abamenyeshamakuru bakomeze kuduha aamakuru yizewe neza
nibazako urukugabanya akajagari
gusa kuri jewe mbona atanikosha ryarimwo bobitangaza
canke usanga harimpamvu ikomeye batovuga
abatari vyabintu vyanyu gusa bibe arumuti wundi wukuntu amatora yogenda neza
ibintu birakaze cane
kuberi mukunda gupinga ingingo zose.
bivana ningingo iyariyo
none nkiyo izofasha iki?
Dusenge ntacananiranye bizogenda neza
ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga!!!!!
igikogwa ciza cane
nanje ndabakeje kwiyo ngingo
nizerako ari muntumbero yukwanka akajagari
birahimbaye cane kuko keshi akajagari kavyugwa namajambo yabantu
kuvyukuri keshi bituma haba kugumura abanyagihugu iyo hasohotse ibintu vyibinyoma
aho bizotuma atavyo guhabuka bibaho
Ashaaa who ntihazobura aba birengako
Ashaaa aho bagishoboye kabisa
none bisunze iki kugira babuze abamenyeshamakuru?
ico nico kabisa abamenyeshamakuru bohava babishiramwo ububeshi
Abanyamakuru baba bishakira ama like Mugabe
gusa nisawa kabisa kugira ntihabemwo akajagari
ahubwo boreka birya bi nyamakuru vyizewe akaba arivyo bibimenyekanisha kweri
iyo ngingo nisawa
gusa jewe mboa atangorane vyoba birimwo kabisa
harico vyoba bitwaye none mugihe ibinyamakuru vyobimenyekanisha imbere
Ashaaa ndazi nubwo babateguje ntihazobura aba birengako
Aho barabashoboye
Aho ntawuzohabuka ngwabikore
iyo ngingo izofasha gukura akajagari
Aho babashoboye nukubahana bivuye inyuma
oya twizere ko bavyumvise abo biraba vraiment
Gusa sinziko bazobikora nkuko babivuze
Gusa Nabo baciye inkoni ndende
Iryo nitera bwoba shaa ntamyaka nkiyo yose
Ntamyaka bofunga umuntu nkiyo kukubera guposta
asha bizokurikizwa kunguvu ndabarahiye
Ashaaa jewe aho sindimwo
Nivyo nivyo aho ntawuzohirahira
ubundi se birakwiye gukurikizwa kweri
Nihatari Kweri ivyaha iwacu
iyo ngingo nisawa iragabanya ibihuha
Imana ibafashe ntihagire uwuzotusha
nugukurikiza ivyabakuru baba basavye kuko baba bazi impamvu
Ashaa ndazi ngaho baheje kuvuga
Bafashe ingingo ikomeye cane
Biratesa sana kuba bashinze ingingo
Biratesa kuba bashinze ingingo
gusa bari kudusigurira impamvu yumvikana yatumye babuza abanyamakuru ko bazomenyekanisha ivyavuye mumatora imbere ya CENI
none ni kuki iyo ngingo yafashwe ??
abamenyesha makuru hariho ibintu bagira atarivyo
nibaze barabafunga harigihe banatubesha
asha reka turindire turabeko bawobikora
nibaze babahana bikwiye
burya nyene bazobahana canke nibimwe bariko bivugira
ashaaa nibarindire barabe kwatantumva zigihari
abanyamakuru erega nabo bababasha gufungura nabo
nabo nibabareke bababariko barondera ukuntu babaho
ashaaa bazosubire guhabuka
none umuntu yafashe iyongingo ninde
none nivyashika bakabirengako bazomuhana
aho rero ndawi umuntui yafunzwe basi
nivyo nukuri bashinze ingingo hageze
nivyo ahubwo baribatevye
nihatari kabisa ivyomuburundi kabisa
ashaa bgiye gufungwa bashaa kubwinshi
mbona ivyubu ari amahera gusa
ivyo ntaco bibabwira basha nubwo wobakangisha ibiki
ubu ntavyogufyina basha babafatiye ingingo
bisabwa kobicunga kazima babahaye gasopo
babikwirikize ni bn ntakindi twovuga
nibazako bavyiyumviye neza
Ntagwamo rukenewe tuzovyumve vyaheze