Burundi : Abanyororo bangana na 5.442 baraye barekuwe ku kigongwe c’Umukuru w’iguhugu

40
Umukuru w'Igihugu c'Uburundi ariko ahereza imfashanyo umunyororo

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi ariko ahereza imfashanyo umunyororo

Kuri uyu wa 14/11/2024, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yarekuye ku ncuro igira kabiri abanyororo barenga 5.442 bakoze ivyaha bitobito hamwe n’abarangije ica kane c’umunyororo wabo. Muri abo hakaba harimwo abo mw’ibohero rya Muramvya, bashika ku banyororo 477. Mwomenya ko abanyororo barekuwe bangana n’ibice 41%, ni ukuvuga ko abapfunzwe bose hamwe baharurwa muri 13.211 mu gihugu cose.

Umukuru w’igihugu akaba yavuze ko ivyaha bito bito bishobora kubabarirwa, ariko ngo nk’ivyaha vy’ubwicanyi, guhungabanya umutekano w’igihugu, guhemukira igihugu n’ivyo gufata ku nguvu bitari mu vyaha bibabarirwa. Yahanuye abaronkejwe ico kigongwe kwigenza runtu kugira ntibaze basubire kurwa mu vyaha vyohava bibasubiza mw’ibohero.

Mwomenya ko ico gikorwa cabaye mu ntumbero yo gushira mu ngiro akamo katewe n’Umukuru w’igihugu ko kugabanya ibitigiri mu mabohero narirya vyabaye umurengera, nk’uko bishikirizwa na Léonard Manirakiza, umushikirizamanza kizigenza wa Republika.

40 thoughts on “Burundi : Abanyororo bangana na 5.442 baraye barekuwe ku kigongwe c’Umukuru w’iguhugu

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights