Dutsimbataze agateka ka zina muntu mu bikorwa vyo kurandurana n’imizi umugera wa Sida
Buri mwaka, ku wa mbere Kigarama, harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya SIDA. Mu Burundi, uwo musi wahimbajwe ku civugo : “Dutsimbataze agateka ka zina muntu mu bikorwa vyo kurandurana n’imizi umugera wa Sida”. Nk’uko bishikirizwa na Dr. Lydwine Baradahana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, yavuze ko ari akaryo keza ko kwifatanya n’abasanzwe bagendana umugera wa SIDA no kurabira hamwe ibimaze gukorwa mu rugamba rwo kurwanya SIDA kugira azoshobore gushikira ihangiro ryo kurandurana n’imizi uwo mugera wa SIDA usanzwe uhanze isi yose.
Yabandanije avuga ko ico civugo cibutsa ko umuntu wese akwiye kubaho neza kandi akubahirizwa mu gateka kiwe. Ni akaryo kandi ko kwibutsa abenegihugu, abasanzwe bashigikira Uburundi n’amashirahamwe ashigikira abagendana umugera wa SIDA ko urugamba rwo kurwanya umugera wa Sida rutararangira ahubwo ko gushira hamwe inguvu bikwiye gushimangirwa kugira dukingire abatarandura bongere bahangane n’ingaruka mbi zishobora gushika ku benegihugu bamaze kwandura uwo mugera wa Sida mu ntumbero ‘yuko na bo babandanya babaho neza
Ibiharuro vy’abagendana umugera wa Sida vyerekana ko kuva muri 2002 vyari ku bice 6% nayo mu mwaka wa 2017 bija kuri 0.9%, vyumvikana ko vyabaganutse cane, ndetse n’impfu zandurutse kuri uwo mugera ziragabanuka ku bice 69,1% muri 2022 (Spectrum 2024). Muri iki gihe, ibice 95,5% vy’abagendana umugera wa Sida baramaze kumenya uko amagara yabo yifashe, Ibice 99,8% muri bo, bari ku miti ipfupfahaza nayo ibice 90% muri abo bakaba bafise igipimo cerekanako urugero rw’umugera mu maraso ruri hasi.
Nubwo biri uko, intambamyi zihari zerekana ko ibiharuro vyinshi vy’abandura umugera wa Sida tubisanga mu bana bafise imyaka iri munsi y’ine bitumwe n’abana bavuka ku bavyeyi bagendana umugera wa Sida. Ibindi biharuro biri hejuru tubisanga mu rwaruka rufise imyaka iri hagati ya 15 na 24 bivuye ku bintu bitandukanye bisanzwe bibabangamira mu buzima bw’abo.
Mwomenya ko mu Burundi, uwo musi mpuzamakungu wahariwe kugwanya SIDA, uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2024, ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge.
twizereko hazoboneka umuti uyivura burundu?
ngo umuti uyivura cnk uyipfupfahaza?
Noneko ntaramvuva abazungu bavugako yabamaze?
canke nakantu bafyondeye abirabure?
mbona atabwoba iduteye !
Kobikaze none? ngo ntabwoba ibateye?
corana nayonyonye yaradusize !
African imana iradukunda
Ariko bitavugako twoca twijajara
Nugukomeza kwikingira
udukingirizo tutwitwararika cane
Sida ninkingwara nkizindi iyo uyimenye kare ukaja kumiti
nonega kwihangana vyarase?
Reka reka umuriro nikibazo
ivyubu ni hatali ntibagitinya Sida batinya inda
Izakutumara kabisa kuko ugwaeruka gwubu nturutinya sida kabisa
nikibazo ibara ryaraguye cane
Dukomeza kwumigwa kuko iyi ngwara iwotwimarira pe
bibandanya kugoranya kugorana mugwaruka ivya sida umenga barayibagiye kweli!!!!
Imana ikomeza gufasha ugwaruka gwacu 👏
noneko muvuga ugwaruka kandi numvango bayitegwa nabasogo
ntibaziko abasore twikeneye
canke namwe banyokuru nibo babakorera umuti namwe?
Twijukire twese hamwe turwanye sida mukuyituza
Turakomeza kwifatanya n’abandi kuuko abayirwaye n’abantu nk’abandi ariko rero dukomeze kuyizibukira
biragoye ukurinda abana bubu kuko ibihe turimwo ntivyoroshe
biragoye ukurinda abana bubu kuko ibihe turimwo ntivyoroshe
aho nturi ntivyoroshe gusa bukebuke nukubiragiza imana
namwe muza mwamaze kwihebura ?
yagisha abana banyu kuvyerekeye guhuza ibitsina kand mutabahenda bizotuma batahura vyishi bongere bumve uko bokwirinda
ivyo mutababwira facebook irabibabwira rero ba magabo mugukwirikirana abana banyu
Isi igeze habi cane turagowe cane
Rinda agakuku abana banyu kuko vyishi biva kukuntu murera abana banyu
Ivyo biharuro birashimishije pee nukabandanya mpaka umugera wose utujwe
Umugera wa sida ninrwara nkizindi kirazira Kuca dufata nabi abawurwaye
Tuzowutuza mpaka uheze wose
Ibiharuro birashimishije kabisa
Dusabe urwaruka ruze ruririnda imibonano mpuzabitsina idakingiwe
urwaruka rwo kwikingira kubwinshi kugira iyo nrwara igabanuke
turashima aho ibintu bigeze kabisa bigeze kuntambwe ishimishije
dusabe na reta ibishiremwo uruhara rukomeye kugira urwaruka ruze ruririnda kwandura uwo mugera biciye mubusambanyi
twese tuvire hasi icarimwe turwanye uwo mugera ruhonya ganda
bavyeyi twigishe abana bacu ukuntu bokwikingira mu gihe habaye ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina
ubu SIDA ni nka grippe kuko mbona ataco ikicica ku buzima bwumuntu
ibi bintu vya SIDA ubu vrema urwaruka ruragerageza kuvyikingira kln
uburundi bwarafashe iyambere mukurwanya ico kiza kabisa
asha ibiharuro nivyiza pee
tuzowurwanya mpaka urangiye wose
twikingire imibonano mpuzabitsina idakingiwe
twikingire ikiza ruhonyaganda mugukinga imibonano mpuzabitsina idakingiye
ubu aho tugeze niheza cane kabisa
turakwiye kwikingira uwo mugera ahubwo tukawutuza burundu
iyo ntabwoba iteye ubu kabisa
ubu urwaruka rwasidukanye niyonka mukurwanya ico kiza
nivyiza cane intambwe tugezeko ninziza
twikingire umugera wa SIDA twese munzira zose zishoboka
mu gihugu cacu ntaco tudakora kweri kugira turwanye uwo mugera
iyo rusansuma burya niyo??
gusa ubu vraiment turi kuyindi ntambwe nziza
murubu bushuhe nihatari kweri biragoye ko twikingira
biragoye kwambara karya gashashe kabisa hazoshaka hashe ntaribi hhhh
harakwiye kujaho ikigo cigisha urwaruka ukuntu boza baririnda kwandura izo nrwara
murubu bushuhe biragoye canee kabisa kwikingira izo nrwara
ivyo vyirwa vyo kwikingira birakwiye kwongerezwa no mumashure kabisa
turakwiye gukingira amagara yacu kabisa
uwo mugera ni mubi cane
turakwingiye gukingira amagara yacu kuko amagara aruta amajana
Nukuri ibintu biriko bihinduka murino misi impfu zarabanutse .
Abantu barwaye SIDA nibihangane vraiment
gukingira amagara yacu nikirumara kubuzima bwacu
kuki natwe tutawuhimbaza kuwambere kigarama nyn tuwuhimbaza itariki 3??
ahubwo nukurwiza ibigo vyinshi vyigisha kwikingira iyo nrwara
kugira tuwikingire neza bakwiye gutanga burya bukingirizo kubuntu
bazoze baradupokeza burya bukingirizo kubuntu
harigihe turondera ubukingirizo tukabubura urumva rero tuca dukoresha plan B
nugukingira amagara yacu kabisa kuko amagara aruta amajana
amagara aza imbere yavyose kabisa
ubu twafashe iyambere mugukinga ico kiza kabisa
SIDA ninrwara nkizindi cane kabisa
ubu shahu duhanganye nizindi nrwara nayo iyo irasanzwe cane
SIDA ntaco igitwaye ubu kabisa
nukurwanya uwo mugera mpaka
turakwiye kuguma duhangana nico kiza mpaka
Uko ibihe bigenda biha ibindi nuko numuti wogupfupfahaza uzohava hakaza uwukiza burundu
nukuyituza nampaka kabisa
SIDA hazogera igihe izimangane yose kabisa
dusabe OMS itunyarukirize iduhe umuti wo kuyikiza burundu
ubu ntamuntu yoba akicasama kuriyo nrwara kabisa
SIDA rega irwara aba boss ntanyarucari yoza gusambana kandi yifitiye ninzara
ati SIDA iyo ntikiri inrwara ikaze kabisa ubuu
ubu uvuze SIDA twumva grippe cnk inkorora kweri
SIDA yari yakera shahuu
SIDA nukuyituza mpakaa iheze yose
ubu nuguhangana naza AVC nizindi zindi kln
ubu ntabukari igifise ahubwo
SIDA yarigeze kuba ikaze shahu apana ivyubu umenga nugukina
noe kuki bibuka uwo munsi ??
rega ubu biragoye kwikingira
iyi nrwara siyo gufyinako shahuu
SIDA ninrwara nkizindi kabisa
turakwiye kuva hasi twese rimwe tukarwanya ico kiza
umugera wa SIDA mugihugu ntiwopfa waraheze
kubusambanyi buhari nukuri umugera uracahari
ubu ndumva nisawa baramaze kwitahura
Ningwara nkizindi
Abakatuzaniye barakadukoze