November 22, 2024

Evariste Ndayishimiye aravunira akagohe abarundi ngo baze barabe neza mu gutora indongozi zabo mu matora ya 2025

31
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntako atariko aragira mu gukebura abarundi ngo baze barabe neza mu gutora indongozi zabo mu matora ya 2025, ariko kandi aragabisha abazotoba ayo matora. Evariste Ndayishimiye arashima mbere intambwe umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI ugezeko, agashimira n’abiyandikishije ngo baze bitabire ayo matora ya 2025.

Ku wa 10/05/2024 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa politike i Gitega, haratangujwe icese isekeza ryo gutanga inyigisho zo gukunda igihugu n’izijanye n’amatora. Muri iryo sekeza ryari ryitabiriwe n’abategetsi batandukanye harimwo abashingamateka, umuhuza w’abarundi, abashikiranganji, ba buramatari na ba musitanteri b’igihugu cose, abarongoye imigambwe yemewe mu Burundi, abagize inzego z’umutekano, abaserukira ibihugu vyabo n’urwaruka.

Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora « CENI » yemereye umukuru w’igihugu yamushinze ayo mabanga ko be n’abo basangiye akazi biteguye gukorera hamwe kandi bafatanye mu nda, mu ntumbero yo gutunganya amatora atagira akanenge. Umukuru w’igihugu nawe arabakeza ku bikorwa bariko bakora.

Mu gihe muri kahise k’Uburundi iyo himirije amatora haduka ibihuha vyinshi n’inyigisho zicanishamwo abarundi, Evaritse Ndayishimiye aragabisha abo bose bafise imigambi nk’iyo mibi.

Amatora ya 2025 azotwara uburyo bungana gute?

Amatora ya 2025 azotwara imiriyaridi hafi 115 z’amarundi, ayo mafaranga yose azova hagati mu gihugu, nta ntererano n’imwe ivuye hanze izokoreshwa. Ibindi twozirikana muri ayo matora n’uko karangamuntu hazokora iyahahora kuko karangamuntu ikozwe ku buhinga bwa none (biométrique) izoba itaraboneka, Inama nshingamateka nshasha izoba irimwo abantu 100, bakazova mu ntara 5 zizoba zigize Uburundi guhera ico gihe.

Abashingamateka bazoba mu ntara uku gukurikira : Mu ntara ya Gitega : 21,  Butanyerera : 23, Burunga : 17, Buhumuza : 16 na Bujumbura : 23. Kandi kugira uronke umushingamateka umwe, uzotegerezwa kwegeranya amajwi 132,866. Inyuma y’ayo matora yo mu mwaka 2025, hazoca hakwirikira amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka 2027.

31 thoughts on “Evariste Ndayishimiye aravunira akagohe abarundi ngo baze barabe neza mu gutora indongozi zabo mu matora ya 2025

  1. ese kobataratwereka indongozi zizitoza ?
    jewe nzotora uzokemura ikibazo cibitoro kuko
    nico cibazo gihanze uburundi ahandi turamaho

  2. Nubundi nugutorana ubwenge hamwe nugushishoza,kubera ko ugutora kwacu kuzogaragaza ivyamwa vyiza ejo, niyo Igihugu kizoba iriko gitunganirizwa neza mu mpande zose.

  3. Imana ihezagire indongozi zacu.
    Hama abajejwe gutunganya amatora baze babikore neza,abari mu migambwe bakomeze ingigisho zo kwerekana ko dutora ivyiyumviro vyiterambere kandi bitunganiriza zina wenegihugu.

  4. Ntawobideha ku kungene Umukuru w’igihugu cacu adahengeshanya kudukebura.
    Ariko bitegekanije ko izo miliyalidi 119 z’amarundi zizokoreshwa mumatora ya 2025 yabashingamateka canke?

  5. CENI mugutunganya amatora twoyisaba ko itohengama ahubwo igakurikiranira amatora hafi kandi mumuco .

  6. Karangamuntu zikozwe mubuhinga bwa none(biométrique) tuzitege nka ryari?canke bizoherera mu mvugo gusa?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights