Football : Gusiba mw’ihiganwa kubera barengeje imyaka ni ikosa rya nde?

99
ffb

Abakinyi boserukiye Uburundi mw’ihiganwa ry’abatarenza imyaka 17 rizobera muri Uganda basanzwe benshi barenza imyaka 17, ivyo navyo bica bitma Uburundi bukurwa mw’ihiganwa ubutarariye. Ibibazo benshi bariko barabaza ni : “Mbega gusiba mw’ihiganwa kubera basanzwe barenza imyaka, kandi hariho abatarenza iyo myaka benshi bahari batashizwe mu rutonde ni ikosa rya nde?”

Hari abana batarenza imyaka 17 bakinira mbere no hanze y’igihugu, hari n’abandi basanzwe bafise imgwi yabo hano mu Burundi, ndetse n’abari mu ma academie bigiramwo ibijanye n’umupira w’amaguru.

Ku musi w’ejo, igenekerezo rya 6/12/2024, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB, ryarasohoye urwandiko. Ryamenyesha ko kubera abo bana bokwitavye izo nkino basanze barenza iyo myaka batacitabiriye. Bivuze ko ibihugu vyose vyohuye n’Uburundi bizotsinda impaga.

Izo nkino zizoba kuva ku wa 14 gushika 29 Kigarama 2024.

99 thoughts on “Football : Gusiba mw’ihiganwa kubera barengeje imyaka ni ikosa rya nde?

  1. ico kira babaje cane ndi leta abo bantu biyitirira ko bafise imigwi bobanza bakerekana intunganyo yuwo mugwi namahera uzohemba

  2. hariho kumenya akazi nukugira akaranga mutima rero nibazako haza abashaka amahera kurusha kwambika iteka igihugu

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights