Ibikorwa bikenewe cane gusumba ibindi nivyo bizoshirwa imbere kubera igihengeri ca OBR c’imiriyaridi 110 Fbu

82
obr-audace

Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi (OBR) giheruka guhomba amafaranga angana n’imiriyaridi 110 z’amafaranga y’amarundi, mu mahera ico kigo categekanya kwinjiza mu mezi ane aheze. Ivyo vyatumye umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Audace Niyonzima, afata ingingo ivuga ko ibikorwa bikenewe cane ari vyo bigiye gushirwa imbere y’ibindi mu kurindira ko haboneka integuro isubiwemwo y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2024-2025.

Mwomenya ko mu vyari vyasabwe n’inama nshikiranganji iheruka, harimwo kwirinda gusesagura amafaranga ya Reta maze agakoreshwa mu bikenewe biza imbere y’ibindi. Gushiraho umukenyuro wo kwongereza ayinjira mu kigega c’igihugu no gusubiramwo integekanyo ya Reta ku buryo ayasohoka aba make gusumba ayaba yategekanijwe.

Ni izihe ntambamyi zatumye OBR ihomba ayo mafaranga yose?

Mu gihe umushikiranganji ajejwe ivy’ubutunzi, avuga ko gihengeri nk’ico gituma tudashika ku ntegekanyo y’amafaranga yinjira mu kigega c’igihugu. Abakozi ba OBR bo bamusiguriye ko ivyo vyatumwe n’ubukene bw’igitoro, ubukene bw’amafaranga mvamakungu, n’ihindagurika ry’ibihe.


Ariko inyuma y’aho, umushikiranganji yababwiye ko babwirizwa kugwanya bivuye inyuma ingendo mbi zo gucisha ibidandanzwa mu kinywabi, haba ku mbibe z’igihugu no hagati mu gihugu. Ikindi yabatoje nk’umuti urama ni ugukurikiranira hafi abatangakori kuko bikunze kwigaragaza ko hariho abatangakori bariha bakoresheje ama fagitire adahuye n’aya OBR.

82 thoughts on “Ibikorwa bikenewe cane gusumba ibindi nivyo bizoshirwa imbere kubera igihengeri ca OBR c’imiriyaridi 110 Fbu

  1. none harikori batatoje ngo babuze igitoro nibakure urwitwazo ngaho imisi yose amatangazo yivyagiye ntibigire nuwo vyagirizwa none yariyivye? ivyo bavyita inkina mico .

  2. Nzoba mbona Uburundi bwifashe nubuteyimbere uwuzoramba azobona twinshi aho igihugu gisambuka turorera

  3. Kugira bagere kukwibwa amahera nkayo boba bayashira mumabanki canke bari bayimbiye akanogo ahantu hama haza abantu baraterura ?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights