Amatora

123 thoughts on “

  1. Mu mwaka wa 2025 hazoba amatora y´abashingamateka hama mu mwaka wa 2027 hazoba amatora y´umukuru w´igihugu.

  2. ndifuza kubona igihugu cateye imbere cane kand vyose vyogenda neza mugihe batanguye gutora umukuru w’igihugu

  3. Umukuru wigihugu nibaza ko ariwe afise uburenganzira bwo gufata ingingo yanyuma kugira ngo tumenye neza ikizotangura

  4. Abashingamateka nibo botangura gutorwa kuko nibo benshi kandi ndifuza ko botangura gutora abo ngaha i Bujumbura

  5. Jewe numva ataco bitwaye hamwe hoba amatora yabashingamateka hama umukuru wigihugu akaguma ari wawundi ntibamuhindure

  6. Narigeze kubona inkuru ivuga ko intara z’Uburundi bazozigabanya zikaba zike par rapport yizahahora mbega ntibizotuma igitigiri cabashingamateka bazotorwa kigabanuka?

  7. Amatora ni meza cane iyo abaye mumutekano ntangere kandi nka jewe nari nifuza ko bobanza bagatora Umukuru w’igihugu hama ibindi bigakurikira Munyuma

  8. Murakoze cane banditsi Bikinyamakuru BBNEWS kuba natwe nkabenegihugu mwoba mwifuje kumenya ivyiyumviro vyacu kwiyo ngingo ijanye n’amatora ndakunda vyukuri inkuru zanyu cane mwandika.

  9. Ahantu hose umuntu yoba ari kandi ari umurundi yifuza iterambere ry’igihugu ciwe yosaba ko hotangura gutorwa Umukuru w’igihugu kuko nibaza ko igihugu kitari umutware Mukuru cohava kigira ingorane

  10. Nanje sinorengana ataco mvuze kwiyi ngingo jewe ndifuza ko hoba itandukaniro rito cane hagati yimisi ayo matora azoberako dufate nkayabashingamateka akaba mukwezi kw’indwi hama ayumukuru wigihugu akaba mukwezi kwumunani

  11. Ico kibazo kabisa nticoroshe Kwishura ariko bivanye nuko umuntu wese avyumva ndumva hobanza gutorwa Umukuru w’igihugu

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights