Igikoresho Snapshot kizofasha iki ibigo bitororokanya ibiharuro mu gihugu?
Igikoresho Snapshot, ni gikoresho gikoreshwa mu gupima no kuraba ingene ibiharuro (les statistiques) bitangwa haba mu Burundi no mu bindi bihugu. Kiraraba kandi ko ibiharuro bitangwa hisunzwe itegeko rimwe. Ivyo vyashikirijwe na Gilbert Niyongabo, umwigisha muri kaminuza akongera akaba umuhinga mu bijanye no gutororokanya ibiharuro, hari mu kiganiro catanzwe n’ishirahamwe PARCEM kuri uyu wa 6/12/2024, cari kijanye no gukoresha ico gikoresho .
Ico gikoresho kiraraba kandi ko ibigo bisohora ivyo biharuro bibikora ari ikigo kimwe canke ko birinda kuja hamwe kugira ngo bisohore ibiharuro kanaka. Kirafasha rero mu kumenya neza ko nimba ivyo bigo bifise abakozi bakwiye, ko baronswa ibikoresho bikwiye canke ko uburyo baronswa mu kwegeranya ivyo biharuro bukwiye.
Mwomenya ko ico gikoresho gisanzwe gikoreshwa hano mu Burundi n’ikigo c’abanyaburaya (Union Européenne au Burundi). Mu gihe ico gikoresho gufasha mu gupima ibiharuro bihari ngaha mu Burundi n’ahandi mu bindi bihugu, gisanzwe gifise ibipimo bishika 4. Muri vyo harimwo icerekeye ibikorwa vyisunze amategeko kandi ko mu Burundi ibiharuro bitangwa hisunzwe itegeko rimwe n’amategeko yisungwa mu gusohora ivyo biharuro.
Ibiharuro bikunze gutororokanywa bikaba biba bijanye n’urudandazwa, umwimbu, ikigega ca Reta, Ubuzi, ibijanye n’amashure nk’abana batanguye amashure mu mwaka kanaka, abana bahevye amashure, abatwariye inda ku ntebe y’ishure, ibijanye n’igisata c’amagara y’abantu n’ibindi, nk’uko ikigo INSBU (L’Institut national de la statistique du Burundi) kibikora.
Mu cigwa catanzwe n’uwo muhinga akaba yagereranije ko abakora ivyo biharuro bashobora kuba babifisemwo ubumenyi ku bice 70% na 80%, biba bikwiye rero ko baguma bakarihirizwa ubumenyi. Bakongera bagahabwa n’uburyo hamwe n’ibikoresho bikwiye. Ku bipfuza kumenya ico gikoresho n’ingene gikoreshwa boca ngaha : https://ec.europa.eu/eurostat/fr/web/products-catalogues/-/ks-02-14-654
Mbega basha ni abanyeshure bangahe bateye inda muri 2022 bandabiye neza
Vyiza cane kandi bizodufasha
Snapshot imeze neza cane kuri twebwe abahinga
Mbega none izoterera iki muri 2040-2060 yacu
iterambere iwacu
igikoresho ngira kamaro cane
iterambera rya hagurukiwe cane
icoduha tukaronka igaharura abasuma dufise muri leta
Ese niyo izodufasha guharura amatora?
ndibazako vyabindi ngo mwibanye amatora ko bitazobaho.
vyoba vyiza kuko iyo bivugwa birabishe kwishusho yigihugu
bigoye gutahura ariko mfise ikibazo es wibazako bashatse kuyiba ivyo vyofashiki?
erega nivya vuyemwo vyoshikira kuribo
none wumva vyomenyekana gt?
bizogenda neza tuza
none ico gikoresho kirafise uruhara mw’iterambere ry’igihugu?
iryo niterambere mu gihugu cacu kweri
igihugu cacu kiratanguye gutera imbere ni bukebuke pee
ibintu vyiza cane ku gihugu cacu
ahubwo twari twaratevye kabisa
ico gikoresho none gifise iterambere iryahe?
gusa mwari mukwiye kudusigurira neza mwebwe ingene ico gikoresho gikora
kimwe muri vyinshi bishikana igihugu cacu kure
ico gikoresho mbega uwugikeneye yokigura?
jewe simbona neza iryo terambere ryico gikoresho
none ngaho ivyo harico bifasha kuri wa mugami w’imbonakazoza wa 2040-2060
twitege umusaruro mwiza rero
ebana ubu rero twitege ibiharuro vyiza cane
ico gikoresho nje simbona iterambere ryaco
none hari habuziki kugira ico gikoresho kiboneke hano iwacu
iterambere ryatanguye kumota mu gihugu cacu kabisa
ahubwo nukuraba bakarwiza ivyo bikoresho ari vyinshi
none nkuwogikenera ico gikoresho yogikurahe?
ico gikoresho nje simbona binini vyaco kweri
Turakeneye ivyuma vy’iterambere nikoranabuhanga kugira bidufashe
ivyuma mwenivyo nivyo biba bikenewe kugihugu cacu
ahubwo nibabirwize arivyinshi cane
uburundi bugeze kure kabisa
rega iryo terambere nyene niryo dukeneye
ico gikoresho bwabundi kirakaze basi
ico gikoresho ni kirumara mwiterambere ryacu
ndumva ari sawa kwicogikoresho
none konumva bikaze kirakora neza
none icogikoresho coco ntivyuoshika kikihenda
none ntantambamyi kibatera ivo giokoresho
iterambere ryatanguye kumota kabisaa
asha ndumva muburundi turiko dutera imbere bukebuke
ico gikoresho nisawa cane kweri
bwabundi icogikoresho kirakaze
ashaa ubu ndibazako bazotora ibiharuro vyiza cane
inyishu kumashirahamwe amwamwe kweri
vyukuri n’iterambere pee
none icogikoresho gikora gute
twizere yuko impinduka igiye kwibonekeza kabisa
emwe jewe simbona ko gutera imbere bizotumwa nico gikoresho
bikomeza kuza kuyindi mpwemu
ego kabisa ico gikoresho nisawa
ico cuma nisawa cane
isi igeze heza cane pe
mumisi vyose bizokogwa nivyuma tubeho atakuruha
iterambere rizotwereka vyishi kabisa
igikoresho ciza cane
vyabintu vyakomeye sindababesha
muburundi bwabundi twateye imbere
ico gikoresho coco nticokwihenda
ndibaza kizokora neza atakwihenda
icogikoresho ndashaka kukibona ingene kimeze
none gikora gute burya
none gusa haribintu bigoye gutahura kimeze gute gikora gute
none gusa icogikoresho biragoye gutahura ukuntu gikora
icogikoresho ntukibaho gipima ibintu nkivyo