INGOZI ABANTU BABIRI BAFUNZWE
#Ngozi: abantu 2 barapfunzwe mu gihe abandi 4 bakironderwa, bazira gushora ikawa baciye mu kinywabi (fraude)
———
Imbere yuko abo bagabo 2 bafatwa, mw’ijoro ryo kuwa 4 buca ari kuwa 5 Rusama 2024, abarenga 4 bafatiwe mu gacimbiri #Kamigara ku mutumba wa #Kididiri muri komine #Busiga bikoreye imifuko itekeyemwo ikawa bayishoye mu gihugu c’#Urwanda
Mu gihe bari bajabutse, niho baseruka ku bacungera umutekano, baca bata ivyo bari bafise barahunga. Ubu baracaronderwa nk’uko abajejwe intwaro babimenyesha
Amakuru atandukanye avuga ko abo bagabo 2 bapfunzwe bikekwa gukorana nabo bari bashoye ikawa igera kw’itoni imwe, bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza
Izo kawa zafashwe, zaciye zishorwa kw’itonorero ryo muri komine Busiga amafaranga nayo akazoshirwa mu kigega ca #Reta
Ivyo rero bikaba bibaye inyuma yaho umukuru w’igihugu atereye akamo abajejwe intwaro, abajejwe umutekano n’abenegihugu kurikanura bakarwanya forode y’ikawa ijabukanwa mu bihugu bibanyi
#BBNEWS