Mu mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura hamaze kwegeranywa amafaranga angana 3.000.000.000 Fbu na 300.000 USD

3
Fablice Manirakiza, arongoye Ubakanation Group

Fablice Manirakiza, arongoye Ubakanation Group

Umuntu azogura umutahe mu kigega rusangi, ntazoba aguze ikibanza mw’isoko BUJA Inyuma y’ukwezi kumwe utangujwe, mu mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura, Buja City Plaza, hamaze kwegeranywa amafaranga angana n’imiriyaridi 3 z’amarundi (3.000.000.000 fbu) n’ibihumbi amajana atatu vy’amadorare ($300,000). Ivyo vyashikrijwe na Fablice Manirakiza yashizwe imbere muri uyo mugambi kuri uyu wa 18/10/2024, igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe.

Twobibutsa ko amafaranga umuntu azoba ashize muri iyo nyubakwa nk’umutahe, azoyungukako kuko azoba ari ikigega ca bose, ikindi n’uko umurundi arashobora kugura umutahe wiwe mu ma dorari kuko afise agaciro gusumba amafaranga y’amarundi nayo  ku bari hanze y’igihugu bashobora kubicisha muri banki iyo ariyo yose kuko hatanzwe numero ya konte.

Fablice yavuze ko naho igice co kwakira imitahe cari carangiye ku wa 16/10/2024, imiryango icuguruye ku barundi kugira ngo baterere muri uwo mugambi, kuko ngo yawutanguje kubwabo. Yamenyesheje ko ikiringo co gusukura ikibanza c’ahahoze iyo soko caheze, ivyigwa vy’Isi igize ico kibanza (études du sol) akaba arivyo biramukiwe, bikazomara indwi 2.

Ico kumenya n’uko uwo mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura uzokorwa mu kiringo kiri hagati y’imyaka 3 n’imyaka 5. Nayo ku bafise ikibazo cose bohamagara canke bagasaba umuco kuri: +257 66 66 59 79 / +257 76 96 87 05.

3 thoughts on “Mu mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura hamaze kwegeranywa amafaranga angana 3.000.000.000 Fbu na 300.000 USD

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights