Lino-G yaraye akwije abantu 1.000.000 bamaze kuraba indirimbo yiwe “Irya nyuma” ku rubuga rwa YouTube
Umuririmvyi Lin Nduwayezu benshi bazi nka Lino-G, yaraye akwije abantu umuriyoni (1.000.000 views) bamaze kuraba indirimbo yiwe “Irya nyuma” ku rubuga rwa YouTube. Ivyo vyose bikaba bibaye inyuma y’imisi 30 gusa iyo ndirimbo igiye ahabona. Mwomenya ko agiye mu rutonde rw’abaririmvyi b’abarundi bake bamaze gushikana ivyo biharuro mu rugendo rw’abo rw’umuziki.
Bamwe twokwita nk’abamutanguriye, twovuga umuririmvyi Sat-B, amaze kubikora ku ndirimbo nka “Je Vais Bien” n’izindi nyinshi, umuririmvyi Drama-T nawe nyene amaze kubikora ku ndirimbo nka “Kosho” n’izindi.
Ibijanye n’iryo terambere mu muziki bakaba babikesha abarundi ubwabo bamaze gutahura guha agaciro umwuga bakora cane cane ko nabo bibatwara uburyo butari buke.
Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?
Iryanyuma kbx
linog arashoboye erega
Iyo ndirimbo kweli ni number one
iryanyuma iraye imukoreye umuti
ebana courage kweri ahubwo guma ubatamwo
Indirimbo y’umwaka
uwo mupeti nawe abijemwo neza
bikora bake nukuri gukwiza umuriyoni hariho ababimazemwo igihe batarawukwiza
nibamuhebere uwo mwana
nagerageze iryanyuma ahubwo rero
Umvukuri. Lino G uwanditse iyondirimbo yubahwe pe!
ukwezi kumwe irakwije umuriyoni asha nakomereze aho
witonde yarinaryoshe
Lino G umvukuri courage vraeiment ahubwo batemwo iyi song
amashi menshi kuri Lino G umwanditsi windirimbo iryanyuma
murekere nivyiwe kugerageza iryanyuma
ego nivyo yakwije umuriyoni kurubuga gusa arafise akagorane kogukunda urumogi unwa iganja ryinshi
uwo mwana kweri arandika neza
nkaho rero acatangura guhembwa kurubuga
mwuno muziki ndundi kino gihe abana bariko bakora
none burya niwe yiyandikira Lino G
ntakuntu itari kurabwa kuko bashaka kuraba ingene yiyaranja
arashoboye erega kandi irya ndirimbo yiwe iraryoshe
Lino G umvukuri umusani dukunda cane yandika neza gose
LINO umunyakayanza wumutima aragerageje iryanyuma
wawo umunyakayanza wacu arabica bigacika
biaryoshe cane kwumva yakwije umuriyoni vyaribikwiye
mureke urya isabune yariyazimaze
gusa akwije uuwomuriyoni yarashe aguma agerageza vyanka
yararushe agerageza vyanka none ubu birakunze
abarundi kino gihe bariko bitwara neza nkumwnditsi wacu Lino G
ubu tuvugana agasabune karamukoreye umuti kamugejeje kurwego kweri
ararushe kwama agerageza bikanka none araronse inyishu vyakunze
uwo nibamuroga none birangiye bibananiye kumuroga
asha birangiye utataye umwanya urabibonye
gukwiza umuriyoni sivyabafise amahera oyaha bisaba ibikorwa vyiza
asha yari yaborotse abantu bose kugira akurikirane iryanyuma kugire ishike ahigeze ubu
irya ndirimbo yiwe irakosoye kubantu bayumvirije neza
je ndiko ndaba uwo muhungu Lino G ukuntu yariko yitwara yashaka gukwiza viens umuriyoni kandi yariwukwiye
none mumuziki kugire uvume bisaba iki kohariho abo vyanse
yaje aje nibamuhebere uwo mupeti
abarundi mwinominsi bariko bavyitwaramwo neza cane
Lino G ariko abizamwo neza ivyarimwo arabizi
sat b nivyo yaramufashije gose ninayompamvu atigera amuvuga nabi
LinoG numunyakayanza erega tuzohava dusanga abanyakayanza bifatiye umuziki bonyene
murafata ataraja kure nayubundi aragiye kubera agasabuni
erega basha arakwije umuriyoni muvyogufyina LinoG abandi barihe kobatakoresha agasabuni
umusani wese azi kwatiyanja nka LinoG ntamuriyoni azopfa akwije kabisa