Nestor Ntahontuye niwe aramutswa Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

118
nestor

Uwahoze ari umushingamateka, Nestor Ntahontuye, niwe aramutswa ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta kuva kuri uyu wa 9 Kigarama 2024, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu no 100/188. Uwo nawe akaba asubiriye  Audace Niyonzima yahora arongoye ubwo bushikiranganji kuva muri Nyakanga 2022. Ivyo kandi bikaba bibaye inyuma y’ibogozwa ry’umuyobozi mukuru wa OBR n’aba komiseri batandukanye.

Nestor Ntahontuye ni nde? Yaranguye ibiki?

Umushikiranganji mushasha w’ubutunzi, yari yatowe mu ntara ya Ruyigi mu mwaka wa 2020, afise impamyabushobozi ya Master mu vyigwa vy’ibiharuro mfatirwako “statistiques” kuri Kaminuza y’Uburundi. Kuva mu 2009 gushika mu 2019, Nestor Ntahontuye yakora mu bijanye no gukora ubushakashatsi, gutegura imigambi no kuyikurikirana mu mashirahamwe atandukanye nka CARE, IFDC, PSI, Oxfam, GIZ hamwe no mu kigega c’isi n’ayandi.

Umushikiranganji Nestor Ntahontuye yararaba kandi ishirwa mu ngiro ry’imigambi yayo mu bihugu nk’Urwanda, Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) na Sudani y’Epfo. Yarakoze mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, no mu mugambi w’igihugu witwa “Programme national de la réforme de l’administration publique”. Ico yaherejeko imbere yo kugenwa n’umukuru w’igihugu, yahora atwara umugwi wamaho ujejwe ibibazo vy’ubutunzi  mu nama nshingamateka.

118 thoughts on “Nestor Ntahontuye niwe aramutswa Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

  1. muri OBR hara amahera menshi tutazi ico yakoreshejwe niyo mpamvu hafashwe ingingo yo guhindura abagenzura ingengo yimari nivyiza cane nizera ko ubu bigiye gukemuka

  2. Ndamwibuka cane yarigeze kuba umushingamateka kandi yabikora neza cane niyo mpamvu Nestor Ntahontuye aguma atera intambwe aja imbere cane

  3. Ndizera ntakekeranya ko mu myaka nkitanu iri imbere Igihugu cacu gifise indongonzi nziza tuzoba twateye imbere cane

  4. Umushikiranganji yahora atwara ikigega ca Reta nibaza ko yahora akora neza kuko nari maze imisi mbona ihinduka niterambere mu gihugu

  5. jewe ubu uvuzeko umuntu kanaka ngo ushaka arongore ikintu canumva ubwoba kuko nutwo twari dufise mbona baturembeje

  6. Gutwara ubushikiranganji Bwikigega ca Reta burya sikintu gisanzwe aho burya ahawe gutwara amabanga adasanzwe

  7. Hari hageze ko hatorwa umugabo w’intwari nkuyo na cane cane muri bino bihe igihugu cacu cimirije kuja mumatora

  8. Abagabo bijunja n’ijambo turifuza kubabona mubisata Vyose kandi nivyagenda neza ndazi igihugu kizotera imbere cane

  9. Amahoro Ncuti Ndanezerejwe cane no kubona ino nkuru Kuri Uru rubuga rwanyu Rwa BBNEWS Kuko ndakunda cane inkuru zanyu

  10. Umurundi wese aho ahererereye ndizera ko yifuza iterambere ry’igihugu ciwe kandi Honorable Yatowe yizewe twizera ko azobikora neza

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights