RDC : Abashinwa baraye bafashwe muri reta iharanira demokarasi ya Congo bafise inzahabu na $ 800 000(cash­)

163
011256l1bf

Abategetsi ba reta ya Tshisekedi bavuga ko abanyamahanga batatu bamuka mu gihugu c’ubushinwa baraye bafashwe bafise ibice 12 vy’inzahabu n’amafaranga agera kuma $800 000 bakaba bafatiwe i burasirazuba bwico gihugu. Ayo ma dollars akaba angana n’imiliyaridi zibiri zirenga.

Buramatari w’intara ya kivu y’epfo (SUD KIVU) Mr Jean Jacques Purusi yavuze ko izo nzahabu nayo ma dollar vyari binyegejwe munsi y’intebe z’imodoka bari bariko bagenderamwo, yavuze kandi ko igikorwa co gufata abo ba nyamahanga cari cagizwe ibanga i nyuma yuko hari hafashwe abandi banyamahanga bakomoka murico gihugu c’ubushinwa bagirizwa kwimba ubutare mu buryo bunyuranijwe n’amategeko murako gace.

Uburasirazuba bwa reta iharanira demokarasi ya Congo buteye imbere cane ku nzahabu, diyama, n’ayandi mabuye yagaciro akoreshwa mugutunganya amabateri ya telefone ngendanwa n’imodoka zikoreshwa umuyagankuba.

Ubutunzi kumabuye y’agaciro bukomeje kwibwa n’uturwi tw’abanyamahanga kuva mu gihe c’ubukoroni ndetse iyo n’imwe mu mpamvu zituma ako karere kamaze imyaka igera kuri 30 gafise ikibazo c’umutekano muke.

Buramatari Purusi yavuze ko bamwe muri aba bakora ubucuruzi bw’aya mabuye y’agaciro bafitaniye umubano mwiza n’abantu bakomeye ndetse n’abategetsi bo mu murwa mukuru Kinshasa. Biri no mu mpamvu ico gikorwa co gufata abo banyamahanga cari cagizwe ibanga.

Musomyi wakiriye gute iyo nkuru ?

163 thoughts on “RDC : Abashinwa baraye bafashwe muri reta iharanira demokarasi ya Congo bafise inzahabu na $ 800 000(cash­)

  1. congo yamyitunze kuva nakera nkokubintu vyamabuye yagaciro hoho nkabo ba chinwa novugako atakintu boba batwaye bivanye nubutunzi congo ifise sinibazako rero ko bonabihanigwa hama magendu yoyo yamyeho guhera kera subu

  2. Iyaba vyokunda RDC yogura ivyo bikoresho vyimba ubwo butaka hama bakazohora abo banyamahanga baje Kurata ivyo basanzwe bakora ariko ko bakiciyubaka nibakomeze gukorana nabo ariko bashinge izindi ngigo zisununuye.

  3. Baramaramaje igihugu camavuko cabo nukuri ,nkubu ivyo baje gukora ko batabishikije ,,bungutse iki ?😏🤔

  4. Nabantu beza nukuri bagira babafuke agahuzu babikore mwibanga ko bafashwe ariko iyaba ari Umwirabure yabikoreye mugihugu cabo bari kumushengeza namakungu akabimenya..

  5. Abashinwa nyene ?baribasanzwe ari bakaboko vraiment kubera ntivyumvikana kubera namaduka yabo usanga aba ari kurwego rwiza abo ngira niko kari kamere kabo.

  6. Harakwiye kuba ivyigwa vyukuntu hononosogwa ukuntu twebwe nyene twikorera ivyacu atawe dusavye ubutumwa

  7. Inzahabu zozo vyokwumvikana ariko ayo ma dollars yoyo bari bayatwaye hehe?Ko iwabo ariyo ava,birayobeye ivyo bintu cane.

  8. Harigihe ugira ivyiza vyinshi bikakubera ikigeragezo ,ibaze vraiment DRC ingene ubutunzin bwayo butumye iguma mu bibazo.

  9. ibi bihugu vyacu vyo muri afrika birakwiye guhagurukira icarimwe kugira twiyamirize ako ga cinyizo kabanyamahanga

  10. Ko bama bavuga ngo Abirabure ngo barashonje,none abatwaye ayo bahera nabivye inzo nzahabu mumbonera bari ABIRABURE?

  11. Aho bagira bababikire ibanga bibe akamizwe ningoma kand ari Uusuma bukaje bakoze,baramaramaje igihugu cabo cabibarutse.

  12. ashaa nkamabuye yagaciro ari congo yaba ari burundi tuba tutavurwa mwizina narirya agahugu kacu ari gato

  13. Uko biri kwose barakwiye kwiga kukuntu ayo mabuye yagaciro boyakingira canke naho bakanabigisha uko bobikora kugira ngo bayacukure bakoreshe ubuinga bwa none nkuko aba chinois babivuga ko kwigisha uko umuntu aroba biruta kwama umuha ifi.

  14. Ntawutokunda inzahabu kubera zirazimvye,ariko naho bokwiba gute,ubutunzi buri muri Congo ntabwo bomara kiretse baguze RDC yose ikabegukira.

  15. Abo ba chinwa bafatany izo mari ndibaza bashobora kuba ari babandi usanga ari impfungwa kuberako Ubu chinwa burateyimbere ni bareke kubutukisha

  16. Abo ba Chinois barigiriye nabi amahirwe bahawe barayononye bongera bashira imiryango yabo mukangaratete.

  17. Ikirengo bari bahawe kirarangiye bariciriye urubanza rutasubirizwa,,bari kwemera intica ntikize ariko bagakiza ubuzima bwabo.

  18. ivyo ntitwovyita ubusuma ekeda ahubwo nubwenge kuko umusuma niwawundi usanga akora ivyatazi abo rero bakoze ivyo bazi

  19. ibintu vyose ni mumutwe nani umuntu muzobona ateyimbere ngo ntiyakoze ubwo subusuma ahubwo nubwenge

  20. ibintu nkivyo biragoye kumvikana muga ibiboneka vyovyo biraboneka muriyisi ntakuyayata ufisimari ntumere magabo abana badafyina barayikurya ntabujinga

  21. ngumuhinga ahingugwa nuwundi chine ntigaheze sha kuko aba chinwa kumari wobica ahubwo icombona aba kongomani nukwiga iyindi strategie yogucungera ubwo butare nahandi imari zizoguma zariwe

  22. niryari tuzobonako dukwiye gucubwenge kandi abaducishubwenge ataco badasiba gukora kugirango ducubwenge!!!!!!!!!! ivyo nibintu tuba dukwiye kwibaza twebwe aba nya frica

  23. africa iratunze mug itaziko itunze tuzi kuryana hagati yacu gusa ikibabaje nikimwe abaduteranya bo baba bafisa target yimari runaka baba babonye ahantu ivyo bigatuma guterimbere biba umuziro africa dukwiye gucubwenge rero

  24. none ko bavugango nubusuma nawe urazovyigana turabeko batazogufata utaranashikayo ahubwo abo ba chinwa nibubahwe

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights