Rwanda : Hagiye gutanguzwa urucanco ‘CAB-LA’ rukinga igwirirana ry’umugera wa SIDA

111
VACCIN

Mu gihugu c’Urwanda hagiye gutangura gutangwa urucanco “CAB-LA” rukinga umugera wa SIDA. Urwo rucanco rwemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’amagara y’abantu kw’isi (OMS) mu mwaka wa 2022. Mu Rwanda rero bavuga ko mu mpera za Kigarama 2024 bashobora gutangura gutanga urwo rucanco. Ni mu gihe kandi bivugwa ko muri ico gihugu, abantu 9 ku musi bandura uwo mugera. Nayo mu bantu 100 bapfa buri musi mu Rwanda, 7 baba bishwe na SIDA.

Urwo rucanco rukoreshwa gute?

CAB-LA, ni umuti uterwa mu rushinge. Mu ntango, uwururonswa urwo rucanco wese ku ncuro ya mbere azorwiteza amezi abiri akurikirana, hanyuma akaza ararwiteza rimwe mu mezi abiri. Kandi urwo rucanco rukaronswa ahanini abamaze kwandura, abakora umwuga wo gucuruza umubiri, abasanzwe bawugendana bubakanye canke umwe muri bo awugwaye. Mwomenya kandi ko uwatewe urwo rucanco atazoba agifata irya miti yo pfupfahaza.

Inzego z’ubuvuzi mu Rwanda zimaze igihe zigaragaza ko ubwandu bwa SIDA mu Rwanda bwiyongera cane mu rwaruka hamwe n’abadandaza umubiri. Mu gihugu c’Urwanda kandi hari harashizweho umugambi wo kurwanya igwirirana ry’umugera wa SIDA biciye mu gutanga udukingirizo ku buntu mu burere butandukanye mugabo ntivyigeze bitanga umusaruro bipfuza.

Ikindi co kumenya n’uko uwo muti wa CAB-LA watewe abantu ubwa mbere muri Zimbabwe mu mwaka 2022 ico gihe uhejeje kwemezwa na OMS, munyuma wemezwa n’inzego z’amagara y’abantu muri Zambia,  na Afrika y’Epfo yaremeje ikoreshwa ryawo ariko nturatangura gutangwa.

111 thoughts on “Rwanda : Hagiye gutanguzwa urucanco ‘CAB-LA’ rukinga igwirirana ry’umugera wa SIDA

    1. OMS ko yamaze gutangaza ko uhari kandi urwanda rukaba rumaze kwemeza ko bagiye gutangura kuwukoresha uburundi nabwo buca bushikirwa

  1. Bigiye kworoha uwurwaye umugera n’umuntu atawurwaye barashobora kubana kuko uwahira ku miti atongera gufata imiti yogupfufahaza kuko uwigingiye amubera umuti

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights