Ubukene buri murwaruka ngo burafise intambamyi kwiterambere ry’igihugu
Mubushakashatsi bwakozwe n’amashirahamwe mpuzamakungu adaharanira inyungu za politike mu burundi bwasanze urwaruka rwinshi ruri mubukene bukabije ,kuburyo kumusi rushobora kutaronka canke rukaronka amahere ari musi yi dollar 3.ivyo birashobora kubangamira kazoza kigihugu mubutunzi eka no mwiterambere kuko rudaheza ngo rushobore kurangura imigambi nimwe ,kubera benshi usanga ataburyo bagira bigatuma atanukwiyumvira nagato ivyo bokora kuko babona ko ataho bokura uburyo canke umutahe.
mubo twashoboye kuyaga batubwira ko akenshi babiterwa nuko usanga abavyeyi babo babahatira kwiga gusa batigera banabafasha kugira babamenyeshe ko Inyuma yo kwiga bashobora gukora utugambi dutoduto tugashobora kubategekanyiriza kazoza,kandi bagashobora no kugira ico basahirije mumiryango yabo.
ariko ngo abavyeyi umwanya munini bababwira ko bo kwiga ngo ivyo bindi bishobora kubasamaza bakanirwakwishure.
ikindi kibazo ngo nuko umwanya wo kwiga ari muremure bigatuma niyo bahejeje usanga bagize ikibazo co kutaronka akazi,bigatuma benshi baca babura iyo bakura amahera yo kubafasha kuko usanga no mumiryango yabo babona ko bageze mugihe co kwifasha kubera barangije amashure.
Ikindi kibazo giterwa nuko Igihugu kitarashobora kwegeranya no gutegura neza Imigambi yoshobora ahanini gufasha urwaruka yaba urukiri mumashure canke rwahejeje amashure.
barangije basaba ko reta yogira ico ifashije mukunyarutsa gufasha mumigambi ishobora gutuma urwaruka ruronka ico rwifashisha ,no gushikira cane imigambi iteguwe nurwaruka ivyo bikazofasha mukugabanya ub ukene buri murwaruka.
abandi bashoboye gusaba ko hoshirwaho itegeko ko abavyeyi bakwiye kwumva ku no gutahura ko bategerezwa kuziganyiriza abana babo bakiri bato bikazotuma muburyo buzoba buhari bazoshobora kugira ico bimariye nibarangiza ishure canke bageze mubigero ,bagashobora kwitunganiriza imigambi yabo.
Ubukene niyo ntandaro y’inyifato mbi y’urwaruka bituma bamwe baja mubushurashuzi kugira barabe ko boshobora kugira ico baronse,bigatuma bamwe batwara inda batipfuje eka nabandi zikabahitana,abandi ukabasanga mubiyayura mutwe canke mubusho,kuko batagira ico bakora bagahitamwo kuja mungeso mbi.
Murimake iterambere nugwaruka
Nigwo ruba rugifise inguvu zo gukora cane
yoba ibihugu vyose vyiyumvira kugwaruka vyoba biteye imbere cane
African nibake biyumvira kugwaruka
ubushomeri nibwishi cane mugwaruka pe
Ubu binwera itabi gusa niko kazi bafise
kurya nukuruhura umutwe kubibazo bifitiye.
Inyuma yimyaka mike ndabona bizoyangara nukuri
ahubwo vyarahejeje kuyangara
Ubu uhejeje ishuru urabura iyuja
Intambara yubukene ntizohera vuba
None hobiki?
icoba cambere nibabanze baturonderere droit de terre
nivyo cane kuko ugwaruka gwishi rurijukiye cane social media
ikibabaje leta yuburundi umenga ntibibona
ivyuburundi vyihoze kuko nikibazo cane
none tuzokira ryari?
tuzokira nitwaronka indongozi ziyumvira kugwaruka
Muburundi bakunda kwiga gusa ivyo bindi ntaco bimaze mugihugu cacu
Nibatureke twikubitikire twaramenyeye nukuri
iterambere riri kure cane
nko muburundi hoho ibara mumisi bizogorana
Ntagishasha vyarabaye cane pe
Amashuri niyo twebwe dushira imbere