Uburundi bwabaye ubwa 4 mu bihugu 5 vyitavye ihiganwa ryo kwoga ry’akarere ka 3

89
Umugwi waserukiye Uburundi mw'ihiganwa rya zone 3

Umugwi waserukiye Uburundi mw'ihiganwa rya zone 3

Igihugu c’Uburundi, ari naco cakiriye inkino za Afrika z’akarere ka 3 (zone 3) mw’ihiganwa ryo kwoga ryabereye kuri Entente Sportive, bwatahukanye ikibanza ca 4 bukurikirwa na Soudan y’Epfo. Nayo igihugu ca Uganda akaba arico catahukanye iryo higanwa, Tanzania iba iya kabiri nayo Kenya itahukana ikibanza ca 3. Ihiganwa ryatanguye ku wa 22/11/2024, mu nkuru iri ngaha (https://bbnewz.com/bujumbura-abakinyi-118-nibo-bitabiriye-ihiganwa-ryo-kwoga-ryahuje-ibihugu-5/).

Amabendera y'ibihugu vyitabiriye iryo higanwa

Ni igiki catumye Uburundi butaronka ikibanza gishimishije?

Ica mbere twomenya n’uko Uburundi bwari bwakiriye ku ncuro ya mbere iryo higanwa, naho utugorana tutabaye twinshi ariko ntitwabuze. Haba mu nteguro, mw’ihiganwa muri rusangi. Uwuserukira ishirahamwe ry’inkino zo kwoga mu Burundi, Basogomba Cassien batazira Fantomas yavuze ko ari iteka ridasanzwe kubona Uburundi bwakiriye izo nkino, ngo naho habaye gucererwa ku myiteguro ngo bakoze uko bishoboka.

Ariko kandi ku ruhande rw’abanonotsi 28 bari baserukiye Uburundi, vyaragaragaye ko hariho bamwe bamwe batari bafise imyiteguro ihagije bituma barushwa cane n’abaganda ndetse na Tanzania. Ubundi burorero n’uko hariho abakinyi bakoze birashimwa mugabo bakaba bavuga ko hagikenewe izindi nguvu no gushigikirwa.

Belly Crésus Ganira, Umunonotsi mpuzamakungu w’umurundi yavuze ko naho ku ruhande rwiwe yaronse imidari yipfuza yose mbere akaronka n’umwanya mwiza, ku ruhande rwa bose, Uburundi butaronse ikibanza ciza bwari bukwiye kubamwo. Avuga ko Leta ko yoshigikira abanonotsi bakaronka uburyo n’ibikoresho vya nkenerwa kugira abanonotsi b’abarundi nabo baze baritabira amahiganwa atandukanye ndetse banatere iteka igihugu.

Ariko kandi Jeanne Niyonzima, yaserukiye ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo inkino, akaba asanzwe ari umuyobozi mukuru w’inkino muri ubwo bushikiranganji, arashima kuba Uburundi buriko burizerwa gutunganya amahiganwa mpuzamakungu. Akizera ko muri kazoza bizoba biteye igomwe kuko n’abandi batunganya ayandi mahiganwa bazohora bayatunganiriza mu Burundi.

Mwomenya kandi ko muri iryo higanwa, ibirori vyasozerewe no gusangira ndetse no kwiginana, inyuma yo gutanga ubushimwe n’imidari, bikaba vyemejwe ko ihiganwa ryo mu mwaka wa 2025 rizobera mu gihugu ca Kenya.

89 thoughts on “Uburundi bwabaye ubwa 4 mu bihugu 5 vyitavye ihiganwa ryo kwoga ry’akarere ka 3

  1. Biratangaje ingene butari bwiteguye neza ariko bugashobora kuba kukibanza ca kane bica bigaragara ko iyo bari kuba bavyiteguriye neza vyari kugenda neza.
    Ariko abandi mu myitozo yabo baba bafise ibikoresho bikenewe vyabigenewe kandi naba coach binzobere bisaba ko rero ikindi gihe aba coach bazozana iyindi mikenyuro kugira ngo ikibanza kizobe ciza kurusha .

  2. Vyogenda neza kurusha banaronse aho bakorera iyo myimenyerezo hagenewe vyo gusa hari nibikoresha vyankenerwa kugira bakore bisanzuye.

  3. Ariko biratangaje ntibahora bitegura misi yose kugira naho hoza ico umuntu ataba yiteze bashobora kwumva atabwoba mu bikoresho bike bafise?canke harabuze ibikoresho vyimyitozo bikwiye?

  4. Nukuri ntakintu ciza gihari nko kubona Idarapo ryigihugu ca kwibarutse ririko rihungabana mu makungu .

  5. Harakwiye gutunganywa ikibanza civyokwoga gitunganijwe neza kandi gifise ibikoresho vyose kugira ngo abanonotsi bari muvyo kwoga boroherwe kandi nimyimenyerezo itunganywe neza ntihazosubire kubaho ivyitwazo.

  6. fifi reka ibyobintu! abakabiri tuva inyuma ?hahhhhhhh! hubwo jew mbona bobashakira ibikooresho ababijejwe hama bgakitegura bihagije ntakibuza tutazoba abakabiri tuva imbere

  7. urwaruka rwi wacyu Burundi rugeze kuntabwe ishimishije kuko idarapo ryuburundi riguma riduzwa nomubindi bihugu bigatuma uburundi bumenyekana mubindi bihugu

  8. Ikindi gihe buzotahukana intsinzi yikibanza cambere ,ugukora cane bafise ivyerekezo badacika intege niwo muti.

  9. Biragaragara ko abo 28 bavuze baboneka ko batari bafise imyitozo ikwiye ;ko batariko bitabira neza imyitozo,bari baherekeje ahubwo abandi.

  10. Mr Belly Crésus Ganira,arariciye umurya nuko vraiment hamwe nabadafise Ubufashwa baburonke kandi babihe agaciro.

  11. nubwo tutatahukanye intsinzi nezerejwe nukuntu byukuri urworwaruka rutabaye decourage bibonekako ubutaha intsinzi niyacyu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights