Ubusuma bushasha bwadutse i Bujumbura
Abasuma bimonogoje mu ntara ya Bujumbura-Mairie, bize, baranonosora uburyo bushasha bwo kwiba bakoresheje amabahasha benshi bita enveloppe sac. Uti bigenda gute?
Abasuma barakurereka uvuye muri banque canke baravye uko wambaye ko woba uri mushasha mu gisagara ca Bujumbura; ko woba uvuye ruguru kandi ko woba ufise inoti bakaza mu modoka ari babiri canke batatu bivugisha ko ari imodoka yo gucanga “deux mille, deux mille” winjiye ufise umuzigo bawugushirira inyuma muri capot, bakagerageza uko bishoboka kwose inyuma y’intebe ya shoferi k’umuryango.
Muteye intambwe kabiri, umushoferi aca atangura kwibaraguza ko igihe yaca muri iryo barabara hari aba porisi bariko basaka abantu bakabatwara ivyo bafise vyose kandi ko bagusanganye amafranga canke telefone baca babitwara.
Uwo bari kumwe aca atangura kwibazagiza ngo “gute twonyegeza ibintu vyacu?” aho batanguye gutyo ukwumva ubwoba baba baguhejeje. Shoferi aca avuga ko afise amabahasha bita enveloppe sac agaca abaha mwese muri mu muduga akababwira mushiremwo amafranga na terefone kandi ko muca mubinyegeza. Kubwo kuba bari bakureretse, shoferi aca ababwira ngo muzane arabe ko mwugaye neza. Umuhaye ibahasha yawe, agusubiza iyindi aba yateguye irimwo udupapuro twinshi dukataguye n’isabuni ya gifuranguwo aba yaconze nka terefone.
Mwegeye imbere kandi kuba aba azi ko yaguhushuye aca araba umuntu ari imbere agaca ababwira ko ari umwana wa boss wiwe bisaba ko amuhamagara mujane mwicaranye n’aho yoba arengeje igitigiri categerezwa kuja mu muduga, aca agusaba ko usohoka naya enveloppe yawe kugira amuhamagare yicare hagati. Upimye ngo urasohotse mu muduga aca avutura imodoka, amaso akaba abaye ayo. Uravye mwibahasha yawe urarira nk’umwana muto.
Aho uherereye hari uwo woba uzi vyashikiye?
Murakoze kuduha ayo makuru, ndumvise uko babigenza ntibizonshikira jewe.
Eeeeh ndumva arihatari mugisagara police ibehafi itabare ifate ivyo bisuma
Nihatari vraiment,,inzara ntaco itazokoresha abantu,,birababaje nukuri !
Turabimenye shaaa bazoturira hehe bazotwibira hehe😅🤣😅
Mungu wanguweeee!! Ko bikaze? Imana iziradukingira abobagizi banabi si non ndumva ntibyoroshe kuko ni system ikaze yokwiba.
Murakoze kutuvunira akagohe.
Ejo vyabaye mbona mubwiza kwl muma 20h biragoye
Ubwenge bw’ubusuma bwagwiriye
eeeh uburundi tugenze kuntambwe ishimishije mukwiba kbisaa
ico nofata noca dagiturira atakigongwe kabisa
ubusuma bugeze kurundi rwego kabisa
harakwiye gutuzwa ubwo busuma kabisa
ibisuma navyone vyaciye akenge kln
ukwo igihugu gitera imbere niko nibisuma bitera imbere
ubusuma bwabaye ndanse kabisa
kabisa harakwiye kubatuzwa ryivyo bisuma kln
nukubiturira niho vyoca biheba kwiba
ivyo bintu ntibishoboka kabisa
rega biba abatunzi sinon twebwe abakene bodukurako iki
NIRYO NITERAMBERE KLN
MUKAREKA KWURIRA AYO MA TAXI
nihatari kabisa
namwe murizera kweri aho wokwurira imodoka utazi
ibisuma vyaciye akenge gahoro
nnj barabingiriye kbisa
hariwo nuwo baheruka kwiba amahera yo kurondera passeport kln
ivyo biracabaho burya cnk nububeshi
vyakaze reo ndumva
za mureka ububeshi ivyo sivyo kln
vyabaye hhe ivyo
noe mubona twobigenza gte??
ivyoo bintuu burya sububeshi
ivyo bintu nabiheruka kera kln
Yesu wanjee birababaje vremaa ??
Nihatari kabisa
ko biteye ubwob
Ivyo basha nivyo?
abantu baramaze kuba ibikoko kln
Nkriii ndamufashe ikigongwee noca nibagira ko cabayeho
abo nibo bakwiye kwicwa kln
Ñoee nkuyo arakwiye kubaho kln
nanje barankoreyeko kln
hakwiye kub isekeza ryo gutuza ibisuma kln
Nkriii ndamufashe ikigongwee noca nibagira ko cabayeho
ntakuntu bokuraho birya bintu vyo gucanga ama taxi
Noe nabo boca nabaho gte bativye
gsaa biratahuritse kln
shn imana irihangana kln
noe nkabo habuziki kugira bafatwe?
Shn abantu mwenabo ntibaba bakwiye kuba mugihugu kabisa
Ashaa abo nibo batuma igihugu kidatera imbere kln
igihugu nikibijemo tureke kwibwa kabisa
Karanyanyayee eo nimba ivyo bintu vyarasubiye
igisuma nico gupfa
Birababaza kabisa kln
Nziyuko ivyo bintu vyari vyarahezee kabisa
inkuru ibabaje vrema
igihe vyaba naje navyibonera kabisa nivyo canee
Sha ivyo bintu nimba Arivyo birabishe kwumva kln
ico kibazo kirakomeye cane kbsaa
birababaje disii