May 19, 2024

#Burundi: “Gushika mu kwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2025 uwushora hanze ikawa azoba adafise ibiti vy’ikawa 20.000 azoce ava muri ico gisata”

0
⚠️

⚠️#Burundi: “Gushika mu kwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2025 uwushora hanze ikawa azoba adafise ibiti vy’ikawa 20.000 azoce ava muri ico gisata”

—————

👥️ Mu nama Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yagiranye n’abo mu gisata c’ikawa abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano muri komine #Mwumba intara ya #Ngozi kuri uyu wa 03/05/2024 yashikirije ibi bikuririkira:

1️⃣ Gushika mu kwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2025 uwudandanza ikawa azoba adafise ibiti vy’ikawa 20.000 azoce ava muri ico gisata

2️⃣ Abajejwe intwaro n’umutekano barikanure ntihagire ikawa y’Uburundi ijabukanwa kuri forode. Hashingwe imigwi mu ntara no mu makomine yitaho kandi igakurikirana igiterwa c’ikawa

3️⃣ Kugwanya imigwazo canke abakomisiyoneri mu kudandaza ikawa kuva ku murimyi gushika iyo zigurishwa mu makungu kuko bitumvikana ukuntu ikiro c’ikawa yo mu Burundi igurwa amadorari y’amanyamerika 3,6 (3,6USD) mu gihe mu bihugu duhana imbibe ikiro kigurwa hagati y’amadorari 7 na 8

4️⃣ Hagiye kubaho umwaka w’akarorero mu gisata c’ikawa, ba buramatari, abayobozi b’igiporisi mu ntara n’abajejwe igendereza baje hamwe kugira ngo hihwezwe ido n’ido y’ivyerekeye igisata c’ikawa

#BBNEWS #BURUNDI #AFRICAN

Ntaciyumviro kiratangwa on #Burundi: “Gushika mu kwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2025 uwushora hanze ikawa azoba adafise ibiti vy’ikawa 20.000 azoce ava muri ico gisata”

Siga Iciyumviro