May 19, 2024

👥#Ngozi: abantu 2 barapfunzwe mu gihe abandi 4 bakironderwa, bazira gushora ikawa baciye mu kinywabi (fraude)

———

🔙 Imbere yuko abo bagabo 2 bafatwa, mw’ijoro ryo kuwa 4 buca ari kuwa 5 Rusama 2024, abarenga 4 bafatiwe mu gacimbiri #Kamigara ku mutumba wa #Kididiri muri komine #Busiga bikoreye imifuko itekeyemwo ikawa bayishoye mu gihugu c’#Urwanda

📌 Mu gihe bari bajabutse, niho baseruka ku bacungera umutekano, baca bata ivyo bari bafise barahunga. Ubu baracaronderwa nk’uko abajejwe intwaro babimenyesha

🎙️ Amakuru atandukanye avuga ko abo bagabo 2 bapfunzwe bikekwa gukorana nabo bari bashoye ikawa igera kw’itoni imwe, bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza

💰 Izo kawa zafashwe, zaciye zishorwa kw’itonorero ryo muri komine Busiga amafaranga nayo akazoshirwa mu kigega ca #Reta

✍🏾 Ivyo rero bikaba bibaye inyuma yaho umukuru w’igihugu atereye akamo abajejwe intwaro, abajejwe umutekano n’abenegihugu kurikanura bakarwanya forode y’ikawa ijabukanwa mu bihugu bibanyi

#BBNEWS

Ntaciyumviro kiratangwa on INGOZI ABANTU BABIRI BAFUNZWE

Siga Iciyumviro