October 18, 2024

Kubera iki umuririmvyi Mnif Jimbo yahisemwo gukoresha “Yobu” mu ndirimbo agiye gusohora?

0
Indirimbo nshasha ya Mnif Jimbo yitwa Yobu

Indirimbo nshasha ya Mnif Jimbo yitwa Yobu

Umuririmvyi Mnif Jimbo agiye gusohora indirimbo inyuma y’imisi 24 arekuwe avuye mw’ibohero. Igihe BBNEWS yavugana nawe kuri telephone kuri uyu wa 16/10/2024, yavuze ko icatumye ahitamwo izina “YOBU” yashatse gutanga ubutumwa bujanye n’ingene ubuzima bwa misi yose bumeze. Tumubajije ko bitoba bivuye ku bihe bitoroshe yari amazemwo imisi, ntaco yashimye kubivugako, aca atubwira ngo turindire ije ku mugaragaro.

Mnif Jimbo, Umuririmvyi w'umurundi
Mnif Jimbo, Umuririmvyi w’umurundi

Mwomenya ko iyo ndirimbo azoyikorana n’abaririmvyi 5. Agasigura ko impamvu abo baririmvyi bose bazoyibonekamwo kuri we ari iteka kandi ko narirya basangiye umwuga bategerezwa gufashanya.

Harya abaririmvyi nibo bashikirwa n’ibibazo vyo gupfungwa gusa?

Mnif Jimbo yasiguye ko ibibazo vyo gupfungwa bitaraba umuririmvyi gusa ahubwo ko biraba umuntu uwo ari we wese. Iyo ukoze amakosa, ubutungane bukagukurikirana, ningombwa bugutumeko uje kubazwa hama icaha kikwagiriye ugakubitwa intahe mu gahanga.

Yashimiye abaririmvyi muri rusangi, ariko cane cane abaje kumuserukako igihe yari apfunzwe, abamenyeshamakuru, n’abandi bose bamusengeye akarekurwa. Akipfuriza kwihangana abasigayeyo ababwira ko nabo nyene umusi wabo uzoshika bakarekurwa.

Aratera intege kandi abaririmvyi babandany bakora batiziganya kugira ngo Uburundi bugume buvugwa neza, ndetse amakungu akaguma abumenya biciye kuri bo. Ariko ngo aho bipfuza gushika ntibarahashika, ariko bakizera ko bazoteba bakahashika biturutse ku bikorwa babandanya bakora.

Urugero umuziki wo mu Burundi ugezeko rurashimishije?

Mnif Jimbo avuga ko aho umuziki wo mu Burundi wari uri mu myaka iheze atariko ukimeze, ngo babandanya bakora cane kugira ngo urugero ruje hejuru ndetse umuziki ushike ku rwego mpuzamakungu. Ivyo navyo ngo bizova mu bwira n’ubukerebutsi abaririmvyi bashiramwo mu gukora indirimbo zabo. Kubwiwe ngo icizere ni cinshi ko umusi uri izina bazoshika.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *