Ni ibihe bintu nyamukuru twomenya ku ntara nshasha 5 zizoba zigize Uburundi?
Mu bintu nyamukuru twomenya ku ndinganizo nshasha y’intara zigize Uburundi n’uko guhera mu mwaka wa 2025, igihugu c’Uburundi kizoba kigizwe n’intara 5, amakomine 42, amazone 447 n’imitumba 3037, nk’uko biri mu cegeranyo c’inama nshikiranganji yakoranye ku wa 15 Ruheshi 2022, cerekana ko intara z’uburundi zagabanijwe ziva kuri 18 zishika kuri 5, amakomine aragabanywa ava kuri 119 ashika kuri 42, amazone ararwizwa ava ku 300 ashirwa ku 447,imitumba nayo iva 2910 ashika ku 3037.
Imvo nyamukuru yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati iterambere rusangi n’umutekano ngo ni ugutunganya neza ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu, kwisunga ingene intwaro yo hagati mu gihugu itunganijwe mu bihugu dusangiye akarere, gushiraho ama komine ashobora kwibeshaho hamwe no kugabanya uburyo Reta yahora ishira mu ma komine.
Intara n’amakomine bigabuye gute?
Nk’uko tubisanga mu cegeranyo c’inama nshikiranganji :
- Intara ya Bujumbura izoba igizwe n’amakomine 11 ari yo : Bubanza, Cibitoke, Mubimbi, Muha, Bukinanyana, Mpanda, Muhuta, Mukaza, Mugina, Mugongo-Manga na Ntahangwa.
- Intara ya Buhumuza izoba igizwe n’amakomine 7 ari yo : Butaganzwa, Butihinda, Cankuzo Gisagara, Gisuru, Muyinga na Ruyigi. Umurwa mukuru ukaba mu Cankuzo.
- Intara ya Gitega izoba igizwe n’amakomine 9 ari yo : Bugendana, Gitega, Karusi, Kiganda, Gishubi, Muramvya, Mwaro, Nyabihanga na shombo. Umurwa mukuru ukaba i Gitega.
- Intara ya Burunga izoba igizwe n’amakomine 7 ari yo : Bururi, Matana, Makamba, Mpinga-Kayove, Mabanda, Rumonge na Rutana. Umurwa mukuru ukaba i Makamba.
- Intara ya Butanyerera nayo ikazoba igizwe n’amakomine 8 ari yo : Busoni, Matongo, Kayanza, Kiremba, Kirundo, Muhanga, Mwumba na Tangara. Umurwa mukuru ukaba i Ngozi.
Bizogenda gute kugira ubushikiranganji bwose buzokwire mu ntara zose?
Ku bibaza ingene bizogenda kugira ubushikiranganji bwose buzokwire mu ntara zose, umunyamabanga mukuru wa Reta, Jérôme Niyonzima, yasiguye ko iyo ntunganyo igamije ugutunganiriza neza abanyagihugu ivyo bakenera mu bisata vya Reta no mu kubegereza ubutegetsi. Akavuga ko hazoba hari umukuru w’ubushikiranganji kanaka ari ku murwa mukuru ariko ngo hazoba hariho abandi bakorera mu makomine.
Yashikirije kandi ko ibwirizwa rigenga akazi ka Reta rihari ubu rifise utunenge kuko ritakiroranye n’amabwirizwa abiri ariyo: igihugu giteye imbere muri 2040 ,cifashe muri 2060, akaba ariyo mpamvu hagiye gutunganywa ibwirizwa rishasha ritunganya akazi ka Reta rihuye n’ayo mabwirizwa.
Mwomenya kandi ko iyi karata twakoresheje, yashushanijwe n’umuhinga muvy’ugutunganya ibisagara, Chris Noël Nduwimana. Akavuga ko kuva Reta ihejeje gushira ahabona umugambi wo kugabanya intara z’Uburundi yaciye akwakwanya mu gukora iyo karata akoresheje ubuhinga n’ubumenyi afise, mu ntumbero yo kugira abarundi batahure uyo mugambi wa Reta.
Wipfuza gusoma vyinshi woca ngaha : https://www.ceniburundi.bi/wp-content/uploads/2024/06/LOI-n%C2%B05-du-16-mars-2023DETERMINATION-ET-DELIMITATION-DES-PROVINCES-COMMUNES-ZONES-ET-QUARTIERS.pdf
Uburundi bugiye kuryoha gutembera
Niciyumviro Ciza
Ndifuza kubona uburundi bushasha vraiment
Ivyo rero bazobishira mungiro ryari
jewe nshaka kuba igitega
yewegayewe kobikaze none gabasha
basha ibintu bigiye kworoha nukuri
Je sindavyibazako bizoja mungiro
birakaze nukuri
umuntu yashinze ivyobintu yariyiyumviriye nukuri
bigiye kutworohera bamwe bamwe
vyiza cane bariko bakora ibintu biryoshe
Abibutanyerera Oyeee
birateyigomwe nukuru
vyabintu birakaze nukuri
mbona nikarata baramaze gukora iyindi
none nikukuberiki biyumviriye ivyobintu none
uburundi buzoca butesa kabisa
none nkubu ushaka ikintu kwikomine uzoja aho utwarwa
erega vyarakomeye
none nikukuberiki bashimye kugira intara zitanu
birateye igomwe nukuri
ivyobintu ntizohava bikwega akajagari
ubu ntakigorana kizosubira
biratangaje nukuri
none izontara kozikaze gabasha
Birantesheje kabisa none nyene nivyo
kuberiki bazikuye kuri 18 bazishira kuri 5
abantu biyumviriye icociyumviro nico
uburundi asha ngiye gutembera intara zose
babikoze hageze nukuri
ibibintu birakomeye cane
ibi vyerekanako muburundi turiko dutera imbere
gusa ndibazako bizohava bitera akajagari
birashimishije cane nukuri
birateye igomwe nukuri cuvyiyumviro bazana
niho nkibonako vyabintu bavuga twateye imbere nukuri
gusa izo comine zose zirafise intara izoba izitwara
nukuri ntawogaya ivyabarongozi kl
Bakoze ikintu ciza kuko Uburundi nibwo bwonyene bwari bufise intara nyinshi cane
Birateyigomwe nukuri
Kubwivyo bakoze Burundi bugiye gutesa
Vyabindi bavuga biratanguye kuburundi Nuri 2040 kuzoba bwifashe
Nivyiza cane kubashinze ivyobintu nukuri
Birateye igomwe nukuri
Ntaworeka gushima nukuri kubwico gikorwa barigukora
Nivyiza nukuri ibintu bari gutunganya
None burya ivyo abanyagihugu bazobimenyera
None nkicomine ziri muri butanyerera zizotwarwa hehe intara yazo nkuru
Kugire biyumvire ivyobintu vyavuye kuki
Ivyobintu birakaze
Kubwanje ivyobintu bizongora nukuri
Biragoye mugabo gutahura ivyobintu
Ivyobintu nukuri sivyo
Uburundi bugiye gutera ìmbere
Nibintu bitesa nukuri
Abantu biyumvira ibintu bitandikanye
Ivyobintu gusa ntanyungu mbona yavyo
Icogikorwa umuntu yaciyumviriye niwe
Barabikoze nukuri
Ivyobintu birashobora kutworohereza
Bamwe bizobafa
Nibintu vyamateka
Je kubwanje biranezereye sinzi kubwabandi
Intara ubu bugiye kuba zike nukuri
uburundi nciye numva ndabukunze cane
Mbega izo ntara ni bande bazoba bazitwara?
iyo decoupage izoja mungiro ryari?
jewe ahubwo mbona bobigumiza nkuko vyari bimeze
jewe vrt sindabishigikiye peeeee
Biratangaje ukuntu bahinduye ibintu
Kobitesa none
Birakaze vyabintu nani
Birateye igomwe nakamwemwe sindababesha
Ayo makuru ambereye mashasha nukuri
ibintu birakomeye cane
Jewe ico ciyumviro ndagishiigikiye cane ²
Abarundi bagiye kunezerwa cane
Birateye igomwe nakamwemwe nukuri
Nikuberiki none barwije imitumba na zone
None nikuberiki bashimye kubirara uko
Ivyobintu bizozana akajagari kl
Ivyobintu ntavyonemera kabisa
Asha Sinari bwazunguruke intara zose zomuburundi ubungiye kuzizunguruka
Birakaze intara zitanu gusa
Birakaze intara zitanu
None ubu kobashimwe kuzigira zitanu gusa
Ubu bizoca bibiha nukuri intara 5
Birampimbaye gose cane aba biyumvira ibintu nkivyo barimukazi
Gusa murumvako guhurira Muntara imwe muramakomine arenga angahe wumva akajagari katazorwira
iyo karata iratesa kuraba
ikintu nabonye gitesa kuraba nikarata gusa
ubu namavuta nukuri
bigiye kuryoha muburundi
ubu rero namaze kubonako 2040 azoba aramateka mugihu
mugihugu nihongiyekubonako akajagari kagiyekuba
Ibintu bakoze nibintu biteso
Ivyobintu bakoze sinibazako vyanyuze bose
Konumva aribara none
Ivyobintu biranezereye
None nyene muremezako bizoba ivyobintu
Bizotesa kabisa
Asha nkubu uwuvuka ingozi azoza avugako Avuka mubutanyerera
Biragoye ivyobintu nukuri
Ntavyonemeye
Muburundi turafise ikibazo gikomeye cane
Erega vyabintu twibazango nimikino ngivyo birabaye
Ntakinya cinyegeje inyuma yivyo burya
Ntakinya cinyegeje inyuma yivyo
Amahirwe masa kubashinze iyo nkuru
uburongozi bugiye gushikira abenegihugu vyoroshe
bakoresha umwanya bitangure
iciyumviro bagize niciza cane
najewe nzoshikirwa kubusitaneri hahahaha