Mu banyororo 5.442 bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu hamaze kurekurwa abaagera ku bice 35.9%

94
Abanyororo

Abanyororo

Mu banyororo 5.442 bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu hamaze kurekurwa 1.956 ni ukuvuga ibice 35.9%. Ivyo biri uko kandi mu gihe ikiringo catanzwe c’indwi zibiri gihera uno munsi ku wa 28/11/2024, bagasaba ko itegeko ryashinzwe n’umukuru w’Igihugu ryoshirwa mu ngiro atagisabwe. Biri mu vyashikirijwe kuri uyu wa 27/11/2024, n’umuyobozi w’ishirahamwe Aluchoto ryishinze kugwanya agashomeri n’agacinyizo, Vianney Ndayisaba.

Uwo muyobozi nyene atangaza ko igitigiri c’abanyororo bategerezwa kurekurwa cifashe uku : mw’ibohero rya Mpimba hategerezwa kurekurwa 2.800 ariko hamaze kurekurwa 653, mw’ibohero ry’i Ngozi hategerezwa kurekurwa abanyororo 400, ariko harekuwe 287, mw’ibohero ry’i Muyinga hategerezwa kurekurwa abanyororo 340 ariko harekuwe 123, mw’ibohero ry’i Bubanza hategerezwa kurekurwa abanyororo 150 ariko harekuwe 28 nayo mw’ibohero ryo mu Rumonge hategerezwa kurekurwa abanyororo 472 ariko harekuwe 387.

Ishirahamwe Aluchoto Burundi rigasaba ko abantu bose bari mu rutonde rw’abari guhabwa ikigongwe n’Umukuru w’igihugu borekurwa. Mwomenya ko ikigongwe c’umukuru w’igihugu cari catanzwe kuva ku 14/11/2024, biri mu nkuru twabashikirije ngaha : https://bbnewz.com/burundi-abanyororo-bangana-na-5-442-baraye-barekuwe-ku-kigongwe-cumukuru-wiguhugu/

Mwakiriye gute iyi nkuru?

94 thoughts on “Mu banyororo 5.442 bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu hamaze kurekurwa abaagera ku bice 35.9%

  1. Turashimiye cane Nyakubahwa umukuru wigihugu kurico kigongwe yatanze hama uwomuvuguruza nawe twizereko azohanwa bikomeye

  2. Turagezeko abarundi tuvuga rumwe hamwe tuzoburaga abazodukomokako arigihugu cubashwe kitagira abapinga canke batubaha inzego

  3. Ndahimbawe niyongingo yikigongwe . Gusa ikibazo mfise kigirurwa bose ko nivyaha bingana Imbere y’Imana?

  4. Babanka uwukira baragwiriye none banka kubarekura bitwajiki kweli ntibitahuritse Nyakwubahwa yavuze ? Ahubwo barubahuka.

  5. Nibitahire amahoro muga batabatekereye ibizobamaza imisi mukanya isase barabasubizayo inzara ihari izura inzara.

  6. mbanumva umenga harabantu bacitegeka bavuguruza Nyakubahwa kuko iyo hariguhinduka ikintu yarikubivuga kuko wewe arakunda abiwe ijana kwijana

  7. Imitima yacu yuzuye vyishi vyayibabaje niki nikindi kuko ibibintu birababaje kuri buri murundi akunda igihugu

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights