Burundi : Amafaranga arenga gato imiriyaridi 4.211 niyo yitezwe kwinjira mu kigega ca Reta, mu gihe mu ntango hari hitezwe ayarenga gato Imiriyaridi 4.626

81
Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye

Amafaranga arenga gato imiriyaridi 4.211 niyo bitegekanijwe ko azinjira mu kigega ca Reta, mu gihe ayarenga imiriyaridi 4.711 ariyo ategekanywa kuzokoreshwa muri uyu mwaka wa 2024-2025, ni ukuvuga ko azogabanuka ku rugero rwa 8,97%. Ivyo bica vyerekana ko hari igihengeri c’imiriyaridi zirenga gato 500 kiri hagati y’amafaranga Reta itegekanya kwinjiza mu kigega c’igihugu hamwe n’amafaranga Reta itegekanya gukoresha, nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa Reta, Jérôme Niyonzima, mu cegeranyo c’inama nshikiranganji yabaye ku wa 18/12/2024.

Inama Nshikiranganji y'Uburundi, yakoranye ku wa 18/12/2024

Ivyo biharuro vyose bikaba bishobora guhinduka gato kuko ihinyanyurwa ry’iyo nteguro y’amafaranga rikibandanya guca mu zindi nzego z’igihugu. Ibintu bimeze uko mu gihe, imbere y’uko haba izo mpinduka, amafaranga Reta yari yiteze ko azinjira mu kigega yarenga gato imiriyaridi 4.626. Ayo yategekanya kuzokoresha nayo akaba yarenga gato imiriyaridi 5.075 ; gutyo igihengeri kikaba carenga gato imiriyaridi 447.

Tubibutse ko kuwa 29 Munyonyo 2024 ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ikigega ca Reta bwari bwandikiye ubushikiranganji bwose bubusaba guhagarika kurangura gikorwa cose kitari nyamukuru na rirya hariko hategurwa isubirwamwo ry’amahera Reta ikoresha.

81 thoughts on “Burundi : Amafaranga arenga gato imiriyaridi 4.211 niyo yitezwe kwinjira mu kigega ca Reta, mu gihe mu ntango hari hitezwe ayarenga gato Imiriyaridi 4.626

  1. Hubwo rero kugira ntihasubire Kuba Bakaboko! Nibazane utwuma badushire muri presidence hama buri umuntu wese akora mubintu byamahera bazohore baguma bamuraba.

  2. Kandi nyene Simon ibyo avuze nibyo! Bacye bahiga umuhinga ataba nongaha burundi habe ariwe agira installations kuko bahamagaye aba techenicien bongaha bozobivuga

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights