Bujumbura : Harategekanijwe amasengesho arangiza umwaka yo gushimira Imana yateguwe y’umuryango w’umukuru w’igihugu 

48
ETS

Mu gisagara ca Bujumbura, niho hazobera amasengesho arangiza umwaka yo gushimira Imana yateguwe y’umuryango w’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuva ku wa 28 gushika ku wa 31 Kigarama 2024. Azobera ku kibuga c’ishure ryisumbuye “ETS Kamenge”, azokwugururwa n’inkuka y’imisa izobera kuri paruwase “Saint Jean Baptiste”, kuva igihe c’isaha zine z’agatondo (10h00). Mu misi ikurikira, amasengesho azohora atangura igihe c’isaha umunani z’umuhingamo (14h00).

Harategekanijwe n’inyigisho ku rwaruka n’indongozi ku magenekerezo ya 30 na 31 kigarama 2024 mu nyubakwa za “ETS Kamenge”, zizotangura buri gihe isaha zibiri z’agatondo (8h00).

Kubw’ivyo, Umukuru w’igisagara ca Bujumbura atumiriye abanyagisagara kwitabira ayo masengesho n’inyigisho zitegekanijwe. Abajejwe intwaro, abarongoye amashengero n’amashirahamwe rukristu basabwa guhimiriza abo barongoye kwitabira ivyo bikorwa.

48 thoughts on “Bujumbura : Harategekanijwe amasengesho arangiza umwaka yo gushimira Imana yateguwe y’umuryango w’umukuru w’igihugu 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights