Burundi : Vyokwakirwa gute n’urwaruka hamwe umuririmvyi Nzeyimana Thomas yoba umushingamateka?
Umuririmvyi Nzeyimana Thomas, benshi bazi nka “Mkombozi” agiye kwitoza kuba umushingamateka yigenga. Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20/12/2024 niho yatwara dosiye mu biro vy’umugwi ujejwe gutunganya no gutegura amatora (CENI). Mkombozi ngo ashaka kwitoza kubera amaze kubona ko mu nama nshingamateka ata ntebe n’imwe ibaserukira.
Mkombozi avuga ko hamwe bomwizera bakamutora, umuziki w’Uburundi woba ugiye gutora akoyoko. Ivyo navyo ngo n’uko amaze gushishoza neza akabona ko urwaruka mu Burundi rufise impano nyinshi kandi hari vyinshi rwokora igihugu kigatera narirya nawe asanzwe ari umwe muri urwo rwaruka.
Nzeyimana Thomas ngo yizera ko ibibazo bahura navyo mu mpano zabo vyotorerwa umuti. Agasaba ko abantu bose bari mu rwaruka cane cane mu gisata c’imyidagaduro, kumushigikira. Mwomenya ko yari yagiye aherekejwe n’urundi rwaruka rukorera mu gisata c’imyidagaduro.
Vyose nukugerageza tuzomutora turabe ico azotugezako
Mwifurije amahirwe nimigisha
Ariko avyitwaremo neza
Politic nukwitonda nibukebuke urabe neza utikorora nagatabwe warushitseko .
Umusi udasanzwe kuburundi
Dutegerezwa kumutora vrmt kandi turamuhaye amahigwe
Mkombozi niyirambire ntakabi kiwe
Mkombozi niyirambire ntakabi kiwe
Ivyo nivyo twari dukeneye natwe ugwaruka turashoboy naho rimw narimw tudashigikirana
2025 izotangura twuzuye mpwemu
birakemutse cane
umuziki wuburundi simba imanga
ibibazo vyose twari dufita biraciyemwo
Gwaruka nibazeko bigiye vyafata intumbero tuje hamwe mukumutora turabeko twobona akoyoko mumikorere yacu yibikogwa mvabwenge
uwu aratoka kubice ijana kwijana
mukombozi wacu
ngo harabayeho ukudatsinda ariko aho ndaziko bizokunda kubice vyose
nonengo vyarase ariko tuzobura iterambere kweli?
kaze dutore umushingamateka wacu mkombozi
ivyiza iwacu
None yatanguye kwiyamamaza 🤣🤣🤣 ashaka tuzomutore ari mugasho 😭😭😭
Ndamuchigikie mukomboz hejur cane muta kaz kaze❤❤❤❤❤❤❤🙏🙏🙏🇧🇮🇧🇮
Umugambi mwiza cane ariko courage cane gusa nimba muburundi barahindutse ubu basigaye baha agaciro ivyiyumviro vyumuntu wewe urabikwiye Kuba umushingamateka. Himiriza urwaruka ruze runuhunde amajwi kweli.
None ibisuma nimba birinda tweho tugiye gukora ineza twotinya iki? Umwobo w’imbeba bawu….. umukeke 🤍🤍🤍🤍🤍.
Uwarashobora gutokanezaaa cane gose
Ww urabikwiy tuzoyaguha gusa ntaco uzohindura kuk ntangingo uzoba ufata
aho nanje nda muri inyuma, Ijwi ryiwanje naryakire. Ibisigay hatevye kugera ico aba jeune twikorera. Ntamuntu yaserukira urwaruka twari dufise
Nukuri nyamba Muburundi hari abaharanira AGATEKA K’URWARUKA Nukuri urabikwiy mbere IMANA ikuje IMBERE kuk wiyumviriy ivyananiye ABANDI
nashinge umugabwe wiwe ahubwo yitoze nka président arabe icoo twikoreraa
Ikibazo kihari niko urwaruka rwishi turihanze yigihugo twomutoye vyukuri achiyubwebwe niryambere mbonye umuririmvyi yitoza mubashingamateka niyubahwe
Ijambo arivuga muri ritime ya rap azoreke. Depité wo muri rural bikunze ntuzovugire abo mur capital bonyen 👊. Uyu musore nuw gushigikirwa tuzoguma twisubiriza, nugutora kabiri kabiri 😂😂😂
Uyu niwe tugiye gusengera, gira amahigwe ncuti yanje. Nuko ndihanze yigihugu noguhunze amajwi
Mkombozi kirakemutse,,Urwaruka turikumwe nawe narindire atuje gusa ntaze ahengame uzobikore nkuko anabiririmba
Amashi meshi kwa mukombozi
Turagushigikiye
Wow✊✊✊✊ ugende babe barakwereka intebe yawe mukigobe amajwi tuzoyaguhundaaaaa!!!!
Imana ishimwe ko hatitoje B-face On The’flo kuko yohava yibagira akarahira zandahiro ziwe, canke agacira umugani Président 😂😂
@Mukombozi Tuzomutora basi , ariko ikibazo c’inkwano kizorare gikemutse kuko nawewe ntazo watanze 🤷🏼♂️😂
Mukombozi yubahwe wallah. Ahubwo ndamusabe ashinge umugambwe w’aba jeune ico twikorera.🤣🤣🤣🤣
Nishimiye kubona hari abantu nka mkombozi ashoboye gukora ivyo nk’umuririmvyi, ni iteka Kandi Imana imwumvire niyaba vyukuri agomba kuba ijwi ry’urwaruka. Igihugu ca Tanzania barafashe Ibintu muntoke ndatana akarorero:
1. John Mbilinyi Batizira Sugu
2. Professor Joy
3.Mwanafa
Nabandi beshi bahanzi beshi
Nibazeko uburundi nabwo bushikiriwe.
Mr, Mkombozi ndi umufana wawe ariko Please keep your promise when the general will vote you, With God everything is easy and possible Don’t give up.
Kuvuga uwo uzotora namakosa, ariko ngaha Imana imbabarire ibanga ndarimenye #Toujours_Mkombozi🇧🇮❤️✅
Hhhh kandi yafashe kunguvu umukenyezi yibungenze hhhhh Rasta Victoria Simple
Mkombozi nibatakwica cankwe bakwibe ijwi ryanje nzoriguha
Sinogiye gutora ariko kubwiyonkuru basi nzogenda nawe akadodeko😂😂 nuko intambara yeruye na gouvernement ikaba iratanguye bobi wine 🇧🇮🇧🇮
Nukumutamwo kuko turaremvye urwaruka
Hako noza gutora uyundi muntu atari mukombozi amatora noyasiba ! Uyu niwe nibaza ko ibibazo bihanze urwaruka rwazobishikiriza narirya kuva kera yamye agaragaza akababaro kugufatwa Nabi kurwaruka ! Umuntu yumviriza indirimbo ziwe arumva ukuntu aririmba nkuwipfuriza inez abantu. Tuzogutora lucifer
Muta jew mbon nob ndagukez kl kuk ukunt baragiz impene umwana mugih cokwig birarenz honorable nzeyimana hhh
Shaa abant tutar mugihug mutworoherez kl.uyo numunt wijamb ryinshii!eeeh rwas araronse uwuzomusubirir,kk uyomutip ntariniganwa kbx!!
Nishimiye kwumva umuririmvyi agiye kwitoza mubashingamateka imana ibimufashemwo
Ahubwo hagende benshi ico twikorera
Nukumutora azoz araririmbira munama
Uwo mugabo arakumbuye mu nkambi yi Mutabira
Yayayaa aho inyuma yogutanganza ibizob vyavuy mamatora Jew nditeze indirimbo yiwe azodushimir mur rap mkombozi hejuru can hasigay umusani umwe gusa naw yitoz muba president knd azotoka atanumugambwe afit muburundi ibitangaz baratanguy kubibon
Arabe azitoze nukuba président. Egoooo
Uharure inkovu ufise kumubiri witonze
Hama inyuma yamatora uzusubiremo uharure knd
Turarose mwenewabo na Bob wine na malema 😎
Mbe n’umwe Bita NZEYIMANA Thomas??
Aba jeunes mwese muhaguruke mutore mukombozi.
uyu mutip ararenze sana
Asha tuzomuyora kabisa
Natwe tumuri inyuma
Ivyobintu biranejeje kabisa
Amahirwe nayiwe
Urwaruka mwese ndetse nabandi bazoshigikire uwo muserukizi wacu
gwaruka uwu numwanya wukugira ijambo natwe
Imana ibimufashemwo kuko nayubundi ntiyizere ibindi
natwe twerekane ko dushaka kubohoko mukumutora
Muburundi ngira tworonka ingene tuduza impano zacu nitwamutora akaduserukira
tuzomutora atakibuza
bikomeye kuza neza cane
Muburundi ngira tworonka ingene tuduza impano zacu akaduserukira
keshi mbambona turiko twishugwa
Ndibazako azotsinda
Turamukunda cane
Mkombozi wacu wewe tekana tuzagutora
Mkombozi wacu
Yiyumviriye ikintu kizima ikintu atawundi aragikora
Uwo niwe azi icaje gukora kuko nimba mwibuka ivyamubayeho
Twari twarategereje umuntu azoserukira urwaruka none arabonetse
Gusa jewe ndafise ubwoba
Aho nihamutora urwaruka gusa ndazi ntibazemera
Sha si wewe wenyene kuko politic itagoye cane
Intwari zamaho
bigoye kwumva cane kandi gose
Ntibazodukorere kuntwari yacu
Ariko imana yobikora ndibazako vyoba bigiye guhinduka
Jewe icombona tumutore kubwishii
umuziki wuburundi ugiye waronka uwuwitangira
Ebana je ndamuhaye 80% yogutsinda
ibibintu twavyumva mubindi bihugu none niwacu biraje
Urwaruka tugiye gutera imbere basi
Yumveko yikoreye vyishi cane
Ebana ahubwo amatora yatevye kuba
Basha,ahubwo ndanezerewe kubá nariyandikishije mubazokwitoza,ibaze kubura amahirwe yo gutora Mkombozi Lucifer vrt🤔!
Basha babe barategura intebe yawe!!
Kandi baze bibuke gushira () Mkombozi,urabe ingene urya amajwi nk’ibiharage!
Ijwi ryanje ube uraribika we support you
sidukana niyonka twibohore twongere dutere ishema umuziki wacu
Yitoje muyihe ntara none?
ibi bintu akoze bizotuma abeshi bahindura gutekereza
Je mubazomutira nduwambere
Subira inyuma baguhe documents zo kwitoreza kuba president
ni muburundi umuziki bawutahura nkubusazi
None ivyobintu kugira ivyiyumvire vyaciyehehe
Courage cane.tirabiye kundirimbo ziwe yavugira abenegihugu.Ahubwo ni ahindure yitoze nk’umu président yigenga.Ndazi KO amajwi yiwe bitokunda KO yibwa.Turamukeje
Mkombozi hejuru
Bas arabay umushingamateka kwl ntahusha najew ijwiryiwanj abarariharura.wubahw Can mutama
Aba jeunes turinyuma yawe 👍👍👍 🤜🤛
Umusi bazofata umuziki nkakazi uburundi buzotera imbere.
Ijwi ryanje nibabe bararigiha!!!
Imana igufashe ndazi bizagenda neza
Abavyeyi bacu bararakaye
none kuki batumvako ari business ?
Nukuri tutamushigikiye.ahubwo iyaba yatoregwa ahanyene mbona vyari vyarangiye!kbx
impamvi nimwe nuko namwe muca mwifata nabi
Ebana uwokwitoza wese twomutoye kuko ntamuntu dufise aserukira urwaruka
ugasanga bagenda gusa
Ebana yamyaka bavuga mugihugu tuzoba twateye imbere Mkombozi araje abigereko
none mbaze ni gute wokwinjirana costime muri piscine?
Mkombozi aje gukora ivyananiye abandi bose
burikintu cose gifise uko bacambarira
Ivyo muburundi turabizi aho niyatorwa nurwaruka gusa ntibopfa bamushizemwo
none ukagirango ntibabona uko mubindi bihugu bimeze
Namye ndaba kuma commentaire banditse kuma fecebook ngo imogi nibindi birababaje cane nukuri
nimba arunwa aramaze nibaturekere intwari
Mkombozi arashoboye dutegerezwa rero kumutora
Uko nikumwe bakomeza kugaya umwuga
Ahubwo bisaba no muba president aze yitoze
Uyumwuga bawugaya kandi mbona ubeshejeho beshi
Yoooo numva nsubiye kugukunda kurusha.nzogutora nukuri
Noneho turaje tuyobore igihugu
nibareke abana bigihugu bakoreshe impano zabo
Nzogutora kuri YouTube
banka bemera vuba biracamwo
Courage kumusore wacuuuu
Bon courage Mon Frère
Uwutiyandikishije mumatora ndabona atanguye kwicuza ebagabo babongere imisi mwiyandikishe ndabona yamasengesho yanyu Imana yayumvise rwaruka muvire hasi rimwe mwitabe amatora nacanecane mushigikire umujeune nkanyu mutibagiye nokurondera kwitoza kubu président nabwo inzego zose ziserukirwe muba jeune mbega Nelly nat mumbonera azitoza hehe gayemwe?? Arlene Alu, Koreshumwanya mbega bobo ntibazitoza ngo tuyabahunde?
Oe mkombozi aracari urwaruka kl??😂
Iryanje mbaye ndariguh hakirikira 😄 🤣 😂 wew ntunirwana ijambo uraritobora