Burundi : Vyokwakirwa gute n’urwaruka hamwe umuririmvyi Nzeyimana Thomas yoba umushingamateka?

131
mkombozi

Umuririmvyi Nzeyimana Thomas, benshi bazi nka “Mkombozi” agiye kwitoza kuba umushingamateka yigenga. Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20/12/2024 niho yatwara dosiye mu biro vy’umugwi ujejwe gutunganya no gutegura amatora (CENI). Mkombozi ngo ashaka kwitoza kubera amaze kubona ko mu nama nshingamateka ata ntebe n’imwe ibaserukira.

Mkombozi avuga ko hamwe bomwizera bakamutora, umuziki w’Uburundi woba ugiye gutora akoyoko. Ivyo navyo ngo n’uko amaze gushishoza neza akabona ko urwaruka mu Burundi rufise impano nyinshi kandi hari vyinshi rwokora igihugu kigatera narirya nawe asanzwe ari umwe muri urwo rwaruka. 

Nzeyimana Thomas ngo yizera ko ibibazo bahura navyo mu mpano zabo vyotorerwa umuti. Agasaba ko abantu bose bari mu rwaruka cane cane mu gisata c’imyidagaduro, kumushigikira. Mwomenya ko yari yagiye aherekejwe n’urundi rwaruka rukorera mu gisata c’imyidagaduro.

131 thoughts on “Burundi : Vyokwakirwa gute n’urwaruka hamwe umuririmvyi Nzeyimana Thomas yoba umushingamateka?

  1. Vyose nukugerageza tuzomutora turabe ico azotugezako
    Mwifurije amahirwe nimigisha
    Ariko avyitwaremo neza
    Politic nukwitonda nibukebuke urabe neza utikorora nagatabwe warushitseko .

  2. Gwaruka nibazeko bigiye vyafata intumbero tuje hamwe mukumutora turabeko twobona akoyoko mumikorere yacu yibikogwa mvabwenge

  3. Umugambi mwiza cane ariko courage cane gusa nimba muburundi barahindutse ubu basigaye baha agaciro ivyiyumviro vyumuntu wewe urabikwiye Kuba umushingamateka. Himiriza urwaruka ruze runuhunde amajwi kweli.

  4. None ibisuma nimba birinda tweho tugiye gukora ineza twotinya iki? Umwobo w’imbeba bawu….. umukeke 🤍🤍🤍🤍🤍.

  5. aho nanje nda muri inyuma, Ijwi ryiwanje naryakire. Ibisigay hatevye kugera ico aba jeune twikorera. Ntamuntu yaserukira urwaruka twari dufise

  6. Nukuri nyamba Muburundi hari abaharanira AGATEKA K’URWARUKA Nukuri urabikwiy mbere IMANA ikuje IMBERE kuk wiyumviriy ivyananiye ABANDI

  7. Ikibazo kihari niko urwaruka rwishi turihanze yigihugo twomutoye vyukuri achiyubwebwe niryambere mbonye umuririmvyi yitoza mubashingamateka niyubahwe

  8. Ijambo arivuga muri ritime ya rap azoreke. Depité wo muri rural bikunze ntuzovugire abo mur capital bonyen 👊. Uyu musore nuw gushigikirwa tuzoguma twisubiriza, nugutora kabiri kabiri 😂😂😂

  9. Mkombozi kirakemutse,,Urwaruka turikumwe nawe narindire atuje gusa ntaze ahengame uzobikore nkuko anabiririmba

  10. Imana ishimwe ko hatitoje B-face On The’flo kuko yohava yibagira akarahira zandahiro ziwe, canke agacira umugani Président 😂😂
    @Mukombozi Tuzomutora basi , ariko ikibazo c’inkwano kizorare gikemutse kuko nawewe ntazo watanze 🤷🏼‍♂️😂

  11. Nishimiye kubona hari abantu nka mkombozi ashoboye gukora ivyo nk’umuririmvyi, ni iteka Kandi Imana imwumvire niyaba vyukuri agomba kuba ijwi ry’urwaruka. Igihugu ca Tanzania barafashe Ibintu muntoke ndatana akarorero:
    1. John Mbilinyi Batizira Sugu
    2. Professor Joy
    3.Mwanafa
    Nabandi beshi bahanzi beshi
    Nibazeko uburundi nabwo bushikiriwe.
    Mr, Mkombozi ndi umufana wawe ariko Please keep your promise when the general will vote you, With God everything is easy and possible Don’t give up.

  12. Kuvuga uwo uzotora namakosa, ariko ngaha Imana imbabarire ibanga ndarimenye #Toujours_Mkombozi🇧🇮❤️✅

  13. Sinogiye gutora ariko kubwiyonkuru basi nzogenda nawe akadodeko😂😂 nuko intambara yeruye na gouvernement ikaba iratanguye bobi wine 🇧🇮🇧🇮

  14. Hako noza gutora uyundi muntu atari mukombozi amatora noyasiba ! Uyu niwe nibaza ko ibibazo bihanze urwaruka rwazobishikiriza narirya kuva kera yamye agaragaza akababaro kugufatwa Nabi kurwaruka ! Umuntu yumviriza indirimbo ziwe arumva ukuntu aririmba nkuwipfuriza inez abantu. Tuzogutora lucifer

  15. Muta jew mbon nob ndagukez kl kuk ukunt baragiz impene umwana mugih cokwig birarenz honorable nzeyimana hhh

  16. Shaa abant tutar mugihug mutworoherez kl.uyo numunt wijamb ryinshii!eeeh rwas araronse uwuzomusubirir,kk uyomutip ntariniganwa kbx!!

  17. Yayayaa aho inyuma yogutanganza ibizob vyavuy mamatora Jew nditeze indirimbo yiwe azodushimir mur rap mkombozi hejuru can hasigay umusani umwe gusa naw yitoz muba president knd azotoka atanumugambwe afit muburundi ibitangaz baratanguy kubibon

  18. Uharure inkovu ufise kumubiri witonze
    Hama inyuma yamatora uzusubiremo uharure knd
    Turarose mwenewabo na Bob wine na malema 😎

  19. Basha,ahubwo ndanezerewe kubá nariyandikishije mubazokwitoza,ibaze kubura amahirwe yo gutora Mkombozi Lucifer vrt🤔!
    Basha babe barategura intebe yawe!!
    Kandi baze bibuke gushira () Mkombozi,urabe ingene urya amajwi nk’ibiharage!

  20. Courage cane.tirabiye kundirimbo ziwe yavugira abenegihugu.Ahubwo ni ahindure yitoze nk’umu président yigenga.Ndazi KO amajwi yiwe bitokunda KO yibwa.Turamukeje

  21. Uwutiyandikishije mumatora ndabona atanguye kwicuza ebagabo babongere imisi mwiyandikishe ndabona yamasengesho yanyu Imana yayumvise rwaruka muvire hasi rimwe mwitabe amatora nacanecane mushigikire umujeune nkanyu mutibagiye nokurondera kwitoza kubu président nabwo inzego zose ziserukirwe muba jeune mbega Nelly nat mumbonera azitoza hehe gayemwe?? Arlene Alu, Koreshumwanya mbega bobo ntibazitoza ngo tuyabahunde?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights