USA : Abanyeshure b’abanyamahanga biga mu ma kaminuza bari mu buruhuko basabwa kugaruka kare

6
WhatsApp Image 2024-12-20 at 2.49.30 PM

Amakaminuza amwe amwe yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yatanguye guhamagarira abanyeshure b’abanyamahanga bayigamo, kugaruka kare mu ntango za 2025 kugira ngo Donald Trump azorahirire gutwara Amerika baramaze kugaruka. Bakaba batewe impungenge n’uko hamwe yoba amaze gusubira ku butegetsi, yohava atangura kwirukana abanyamahanga harimwo n’abimukira badafite ivyangombwa n’abanyeshure bo mu bihugu bitabanye neza na Amerika n’ibitwara cane na Isilamu.

Mu gihe Donald Trump azorahira ku wa 20 Nzero 2025. Ibiro bitanga amakuru, Associated Press vyatanze akarorero k’amakaminuza yahamagaje abo banyeshure. Izo nazo ni nka Ivy League, MIT (Massachusetts Institute of Technology), Havard, Johns Hopkins, Southern California, Boston, Brown na Cornell. Ubwo kandi butumwa bugenewe cane abanyeshure bagiye kuramutsa imiryango yabo mu bihugu bakomokamwo kugira ngo bahimbarize hamwe imisi mikuru irangiza n’iyitangurira umwaka.

Amakenga y’izo Kaminuza ava kuki?

Mwomenya kandi ko igihe Trump yaja ku butegetsi ubwa mbere muri Nzero 2017, ico gihe nyene yashizeho itegeko ryakumira abanyeshure bo mu bihugu 15 biga muri Amerika, nayo abarenga 40.000 bahagarika amashure kubera bari bagiye kuramutsa imiryango yabo.

Mu mwaka wa 2023-2024, muri Amerika haharurwa abanyeshure b’abanyamahanga barenga umuriyoni biga muri kaminuza zaho. Abagera ku 43.800 ni abo mu bihugu Trump yashiriyeho iryo tegeko ryababuza muri 2017. Bimwe muri ivyo bihugu akaba ari : Iraq, Iran, Sudan, Libya, Somalia na Yemen.

Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?

6 thoughts on “USA : Abanyeshure b’abanyamahanga biga mu ma kaminuza bari mu buruhuko basabwa kugaruka kare

  1. Ntakundi ni basubire kumashure batarafatirwa ingingo yuko bohagarika ishure,,,kiretse ahinduye ivyiyumviro hama Niyo yaheza kurahira akanabemerera kugaruka ataco binona.

  2. Uko biri kwose narabe Pr.Trump agirire ubuntu abo banyeshure bashobore kuranguzanya neza uburhuko kumwe nimiryango yabo igihe kiba cabaye kirekire batabonana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights