Cibitoke : Birabujijwe kwanda ibigori bitoto bitetse canke vyokeje ku mabarabara no mu masoko
Mu ntara ya Cibitoke, birabujijwe kwanda ibigori bitoto bitetse canke vyokeje ku mabarabara no mu masoko, kugurira umwimbu w’ibigori mu murima bitarera (umugwazo). Iyo ngingo ikaba yatangajwe na buramatari w’intara ya Citiboke, Bizoza Carême.
Buramatari avuga ko uwuzokenera gushora umwimbu w’ibigori bitoto mw’isoko azoba afise urwandiko yahawe n’umukuru w’umutumba rwemeza neza ko yabisaruye mu murima iwe. Nayo ngo abipfuza gusuma ibigori bitoto basabwe kubisanga mw’isoko. Iyo ngingo ikaba yatanguye gushirwa mu ngiro ku wa 13 Kigarama 2024.
Nibabareke biyokereze yemwe ahikigori kimwe kigeze kuri 3000f ubuzima bwanse imigwazo nayo ruguru ntamuntu aceza ugitoki batanga imitsinda karabaye akamaramaza
Kubaho kwubu nikumangetengete nukuri ntacoroshe
Ibigori bibujijwe muntara hagati ibujumbura naho kombona na ville bigurishwa
Harabadamu Bazi kubiteka emwe umenga babishiramwo umuti uyoberwa umu boss nuwutaribo bose bagugunira rimwe ububuzima buzotumaramaza.
None kombona bujumbura arivyo vyahindutse lunch hamwe abino bofata ingingo bizoca bigenda gute?
Abategetsi Bari bakwiye guhagarika gufata ingingo kutuntu tudafashe kuko ivyo vyica umunyagihugu mutoya aho nimugihe abanyuruza amamilitaridi baba bimererewe neza atankomanzi kandi urya kugira abeho vyasabako abayagiye mwibarabara Imana ibaharire jewe birambabaje.
Mbanumva bitoroshe
Nibabareke urupfu nimfane birajana
Mbanumva ububuzima bundambiye iyubona umukozi mutomuto ariko ahohoterwa gutya birababaje
Uko nukuzira ivyaha vyabandi izo ninzirakarengane kuko ntamuntu yipfuza kugurisha umurima utarera atabitumwe ninzara
Je nibazako Bari bakwiye gufata ingingo bakuye igitera ivyo bikorwa ntakindi ninzara yugarije imiryango myishi
Imana itabare uburundi kuko akarenganyo gakorerwa abantu bato gateye ubwoba.
Ariko urabona ingene igisagara casivye nibarabe ibibintu naha Ibujumbura bihagarare
Ububujumbura bwo vyarase ko isuku barituza nsinzi ivyo bibereyemwo nakamaramaza
Nkomeza kwumigwa ivyiwacu nakayobera bahinga ingingo zofatwa muri mugisagara ubu zaraduze
Nibabareke barabeko bwoca nakabiri ntama etage bazobubakana ubutaka nubwanyu
Ndabasuhuje benewacu gusa je nabona ikibazo kitari kurutwo tugori kuko bariko babiterwa ninzara abobategetsi nsinziko ibiri mumasoko babizi
Ibujumbura uyumusi haba umukwabu ejo bikaba birahagaze uyoberwa igisagara aho gihera naho giherera
Ubundi iryo nsikosa ry’umwenegihugu mutoya ivyo urumuvyeyi ntiworeka kubikora kugira abana barare bariye . Ikosa nibaryishireko ubuzima buragoye
Abamwegereye Sebarundi bazomutubarize ko ibibera mukaguriro akibimenya kuko n’umujama wabajeunes kandi umu jeune atariye ibara riba riguye.
Biboneka ko hari abantu basarura ibitari ivyabo
Ingingo nkizo mu gihe zifata abantu bose nisawa
Ibintu vyokwotsa ibigori ku m’amabarabara nizi ngwara zandukira nibaza ko navyo biri muvyo bisunze bafate ingingo
Biragoye vrmt bari kubareka kuko nubuzima bwubu mbona busigaye bugoye cane
Ibintu vyo kwanda ivyo gufungura bitetse ku m’abar1bara navyo babirabe neza
Abo botsa ibigori usanga atasuku bagirira aba bakorera
Ubi rero umurimyi yirimiye ivyiwe kubishora arinda guhabwa urupapuro rwemeza ko vyavuue mulurima wiwe?
Iyo ngingo hamwe irumvikana ahandi naho umengo bene kurima ntaburenganzira bafise
Biramaramaje gurungura ikogori utanakaravye
Nibaze baja kumukuru w’umutumba abandikore urupapuro rubaha uburenganzira bwo guzhora
Ebana je sinumva impamvu babibujije