Ni ibihe bintu nyamukuru twomenya ku ntara nshasha 5 zizoba zigize Uburundi?

111
Intara 5 zigize Uburundi

Intara 5 zigize Uburundi

Mu bintu nyamukuru twomenya ku ndinganizo nshasha y’intara zigize Uburundi n’uko guhera mu mwaka wa 2025, igihugu c’Uburundi kizoba kigizwe n’intara 5, amakomine 42, amazone 447 n’imitumba 3037, nk’uko biri mu cegeranyo c’inama nshikiranganji yakoranye ku wa 15 Ruheshi 2022, cerekana ko intara z’uburundi zagabanijwe ziva kuri 18 zishika kuri 5, amakomine aragabanywa ava kuri 119 ashika kuri 42, amazone ararwizwa ava ku 300 ashirwa ku 447,imitumba nayo iva 2910 ashika ku 3037.

Imvo nyamukuru yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati iterambere rusangi n’umutekano ngo ni ugutunganya neza ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu, kwisunga ingene intwaro yo hagati mu gihugu itunganijwe mu bihugu dusangiye akarere, gushiraho ama komine ashobora kwibeshaho hamwe no kugabanya uburyo Reta yahora ishira mu ma komine.

Intara n’amakomine bigabuye gute?

Nk’uko tubisanga mu cegeranyo c’inama nshikiranganji : 

  1. Intara ya Bujumbura izoba igizwe n’amakomine 11 ari yo : Bubanza, Cibitoke, Mubimbi, Muha, Bukinanyana, Mpanda, Muhuta, Mukaza, Mugina, Mugongo-Manga na Ntahangwa.
  1. Intara ya Buhumuza izoba igizwe n’amakomine 7 ari yo : Butaganzwa, Butihinda, Cankuzo Gisagara, Gisuru, Muyinga na Ruyigi. Umurwa mukuru ukaba mu Cankuzo.
  1. Intara ya Gitega izoba igizwe n’amakomine 9 ari yo : Bugendana, Gitega, Karusi, Kiganda, Gishubi, Muramvya, Mwaro, Nyabihanga na shombo. Umurwa mukuru ukaba i Gitega.
  1. Intara ya Burunga izoba igizwe n’amakomine 7 ari yo : Bururi, Matana, Makamba, Mpinga-Kayove, Mabanda, Rumonge na Rutana. Umurwa mukuru ukaba i Makamba.
  2. Intara ya Butanyerera nayo ikazoba igizwe n’amakomine 8 ari yo : Busoni, Matongo, Kayanza, Kiremba, Kirundo, Muhanga, Mwumba na Tangara. Umurwa mukuru ukaba i Ngozi.

Bizogenda gute kugira ubushikiranganji bwose buzokwire mu ntara zose?

Ku bibaza ingene bizogenda kugira ubushikiranganji bwose buzokwire mu ntara zose, umunyamabanga mukuru wa Reta, Jérôme Niyonzima, yasiguye ko iyo ntunganyo igamije ugutunganiriza neza abanyagihugu ivyo bakenera mu bisata vya Reta no mu kubegereza ubutegetsi. Akavuga ko hazoba hari umukuru w’ubushikiranganji kanaka ari ku murwa mukuru ariko ngo hazoba hariho abandi bakorera mu makomine.

Yashikirije kandi ko ibwirizwa rigenga akazi ka Reta rihari ubu rifise utunenge kuko ritakiroranye n’amabwirizwa abiri ariyo: igihugu giteye imbere muri 2040 ,cifashe muri 2060, akaba ariyo mpamvu hagiye gutunganywa ibwirizwa rishasha ritunganya akazi ka Reta rihuye n’ayo mabwirizwa.

Mwomenya kandi ko iyi karata twakoresheje, yashushanijwe n’umuhinga muvy’ugutunganya ibisagara, Chris Noël Nduwimana. Akavuga ko kuva Reta ihejeje gushira ahabona umugambi wo kugabanya intara z’Uburundi yaciye akwakwanya mu gukora iyo karata akoresheje ubuhinga n’ubumenyi afise, mu ntumbero yo kugira abarundi batahure uyo mugambi wa Reta.

Wipfuza gusoma vyinshi woca ngaha : https://www.ceniburundi.bi/wp-content/uploads/2024/06/LOI-n%C2%B05-du-16-mars-2023DETERMINATION-ET-DELIMITATION-DES-PROVINCES-COMMUNES-ZONES-ET-QUARTIERS.pdf

111 thoughts on “Ni ibihe bintu nyamukuru twomenya ku ntara nshasha 5 zizoba zigize Uburundi?

  1. uburongozi bugiye gushikira abenegihugu vyoroshe
    bakoresha umwanya bitangure
    iciyumviro bagize niciza cane
    najewe nzoshikirwa kubusitaneri hahahaha

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights