Ni ibiki dukwiye kumenya kw’ihiganwa rishasha rya FIFA Club World Cup?
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) ryarashizeho igikombe c’isi c’imigwi (FIFA CLUB WORLD CUP) ni igikombe gishasha gitandukanye na kirya twari tuzi. Kuko ico tumenyereye cahora citabirwa n’imigwi 8 yatahukanye amahiganwa ya Champions League ku migabane yayo, ariko ubu azoba ari imigwi 32 kandi iva mu mpande zine z’isi kurya kw’igikombe c’isi gihuza ibihugu. Ico gikombe kizotangura kubera muri Leta zunze ubumwe za Amerika muri 2025.
Nk’uko igikombe c’isi gihuza ibihugu kimeze, gisanzwe kiba inyuma y’imyaka 4, ni ko n’igikombe c’isi c’imigwi kizoba kimeze. Ku mugabane wa buraya hazova imigwi 12, muri Afrika 4, Aziya 4, Amerika ya ruguru 4, Amerika y’Epfo 6, Océanie 1, hamwe n’ikibanza 1 bazogabira umugwi umwe mu gihugu cakiriye. Mukamenya ko FIFA yagabiye ico kibanza, umugwi wa Inter Miami.
Bigenda gute ngo umugwi uronke amahirwe yo kuja muri iryo higanwa?
Ubwa mbere, bafata imigwi yatahukanye ama Champions League ku migabane yayo kuva 2021, hanyuma baca baraba uko imigwi yigenje mu mahiganwa yo ku migabane yayo mu myaka 5 iheze. Kubera ko FIFA isanzwe itanga amanota bivanye n’ukuntu imigwi yigenza mu mahiganwa y’i buraya, urwo rutonde rero nirwo bakoresheje mu gucagura imigwi.
Ikindi co kumenya n’uko ata gihugu kirenza imigwi 2. Mwomenya ko imigwi 4 yatowe ku mugabane wa Afrika ari : Al Ahly, Wydad Casablanca, Mamelodi Sundowns na ES Tunis.
Ko wumva gitandukanye nicahahora, nikihe kintu bitandukaniyeko?
None se uburundi nabwo burimwo?
Nizindi nkino ziracaza
tandukanye vyovyo kabisa
none mbega barcelone kwatayirimwo
gusa abantu bagiteguye sinzimpamvu batashizemwo barca
ego twabibonye ko bitandukanye hamwe nimirwi imwimwe ntayirimwo
canke naravye nabi mbona barca atayirimwo
none kukuberiki bazogitandukanya nakirya
ivyo bintu ntibitahuritse neza kabisa
bakunda ivyo bahindura kl noe nkivyo babihinduriye iki??
ivyo bintu nivyo kuba baraducanga gusa
mudusigurire neza kweri kuko ivyo bintu birimo kuducanga kabisa
abo bantu nabo bafise akajagari kabisa
aho ntakantu mubonamwo mwebwe kweri kuki bashaka ko bibera USA kuki batobishira mukindi gihugu bashaka wamugabo wabo messi akine
kuki Barca idakina
turashaka kubona umurwi wo muburundi nawo witabira iryo higanwa
asha buca bahindura nibindi abo ntibamenyerwa
ivyo bintu kwarivyo baguma baducangisha ntibitahuritse kabisa
ivyo bintu nibiki???
ikibaezo mbega u_burundi kugwego gwa FIFA ntibuzwi?
igo kogitandukanye nicahahora none nikuberiki
nukuntu vitalo yitanze ikaburamwo gt?
reka twirire ivyo duhambije mutekane
iterambere ririho ariçko ugwo nurundi gwego
ntabatwenze?
ibaze umukinyi akana mucicaro cambere adashobora nugutunga umuryango
muhuye niwe utegwa nisoni hama ngo tubashakamwo umusaruro
leta irakwiye kugarukira imikino muburundi nibazako babona nyanke uko ariko abikora hanze vyobaha icigwa
kuki batarabira kubandi kandi impano zihari?
bashira imbere politic namashuri kandi nubuzi ataburiho!
ibaze ukuntu turiko tujugumiza isi mumuziki ariko Droit de terre leta ntiyironderere urugwaruka kandi ruriko rugwanira ibendera ryigihugu
turatakaza amahera meshi yagaciro cane
iterambere riri kure kuko barirengagiza ugwaruka cane
akarorero hafi ngaho mugwanda nuwukina comedie usanga afise Etage knd umuryango ataco ubuze natwe nkaca ndaba inguvu dushiramwo mugabo leta ikaduca amazi
ikibabaje hari nindirimbo zisohoka bakazifungira nukuntu bitwara amahera mesha
nce simbona aho bitandukaniye kabisa
Sha agaciro karakenewe kubikogwa mva bwenge
ivyo bintu simbona ico bizohindura kabisa
no nkuko sukuba baraducanga gusa kweri
abarundi tureke kwumvako ubuzima aramashuri cnk mubiro bumveko impano yumuntu imutunga ikanafasha igihugu
ivyo bintu simbona ico bizohindura kabisa
gusa ivyo bintu nisawa kabisa
Ndavye amarira yanyu murarushe cane
jewe narinziko burya babona aho tugeze mugabo wapi
gusa sintahuye neza ukuntu bazotora ama équipe
none gute utoshigikira impano zugwaruka hama ngo ushaka iterambere?
urareka kwibaza uko wobaho ngo abo hariniciyumviro bagufiseko!
bagwana nuko bitereza imbere iryango yabo gusa
nimudutemwo amakuru ya league des champions nayo
niyompamvu ivyo gutora abo vyungura ikintu ni babe bajayo twebwe batureke
ivyo bintu vya FIFA ntibibaho
none ko mutigera mutubwira ivya champions league navyo
ivyo bintu simbona ico bizohindura kabisa
aho nisawa cane kabisa
barakwiye kubigumiza ukwo vyahora kabisa
iryo higanwa rizoca ritangura ryari none?
Athletico nibayikuremwo
jewe bayern ndayemera cane