Ni ibiki twokura mu kiyago umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiraniye n’abahoze batwara Uburundi
Ku wa gatanu, igenekerezo rya 14 Kigarama 2024, umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, yaragiraniye ikiyago n’abahoze batwara Uburundi ari bo : Domitien Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya, ku vyerekeye imbonakazoza y’Uburundi bwifashe mu 2040, buteye imbere mu 2060. umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye avuga ko igihugu gihomba kubera igiturire, nayo abobikurikiranye bagafumbatishwa barorera. Ico kiyago caciye ku mboneshakure y’igihugu.
Umukuru w’igihugu avuga ko amahera menshi anyuruzwa hakabura n’ifaranga rimwe ryinjira mu kigega ca Reta. ku vyashikirijwe na Domitien Ndayizeye, yagiye aradomako urutoke ku batuma ibintu biyangara. Abo nabo ni abo muri Reta nyene ubwayo.
Abenshi nabo ngo bafise umunoho w’ibintu n’amafaranga, abo rero ngo ni bo bazana izi ngorane Uburundi dufise, kuko bashaka kurya ivyo bataruhiye.
Sylvestre Ntibantunganya we yibutsa ko Reta iticwa n’umunyagihugu muto, ahubwo yicwa na barya nyene bayikoramwo, bo mu nzego zo hejuru. Avuga ko icihutirwa muri irya mbonakazoza ya 2040-2060, ari ugushira ku murongo abari mu nzego z’igihugu, bakamenya ko baje gukorera igihugu atari kwikorera.
Yabandanije avuga ko abari mu nzego bategerezwa kuraba ingene bahanahana n’urwaruka, bakamenya uko babategura kugira nabo babone ingene bitegura, barabire ku burorero bwiza, ntibarabire kura abo banyonora, kugira iyo mbono izoshoboke, kuko mu mwaka wa 2060 hari benshi bahari uno musi batazoba bagihari ico gihe.
Ibiyago bizima nukuri igiturire kigitangwa kumugaragaro imbonakazoza dufise izotugora kugerako . Abubahwa bayaze kumajambo yinkoramutima.
Igiturire basasiye inganda nico kizotuma tudatera imbere
Ahubwo boza baragira I ama nkizo Kabisa nizo zituma igihugu gitera imbere
Nukuri vremaa igiturire Nico gituma igihugu kidatera imbere
Ukuri kwuzuye igihugu nticishwe nabanyagihugu batobato cishwe nabari hejuru bafise ububasha bwogufata ingingo.
Iciza kinampimbara nuko bibaza bakiyishura gusa bikaguma muri théorie none kuwomwubahwa yadomye uruyoki kubarya igiturire hafashwe Ingingo nki??
Iyaba ikiyago kija mungiro vyobaye arivyiza none babiyaga nkugutera inkuru .
Ndabona ikiyago cari kiryoshe cane pee
Abarundi ivyovyose twaramaze kubimenya ariko indongozi zifata ingingo ibintu bitarayangara zagiye hehe?
Ahubwo hazohagarikwe abantu basubiza igihugu hasi
Turakwiye kumenya abo bantu batuma igihugu kidatera imbere kugira bahagarikwe igihugu kitaraja kure
Ubuyobozi bwari bukwiy gufata ingingo ntabanduka
Indongozi zari kurab ico zokora kweri
Indongozi turazizey K zizokora ibibereye
Imana Ibaje imbere muvyo bazoshobora gutora nkinyishu
Byukuri abubahwa turabafise bagifise ubuntu! Ariko Kandi hariho nabandi bakigifukamye munda. Ariko twizerko muri ya mbono yakzoza ya 2040- 2060 bizogenda neza
Asha abo banyonyezi nibo bononye igihugu
abo bubahwa bagiranye ikiganiro ciza twaragikunze pee
abo bantu batuma igihugu cacu kidatera imbere barakwiye kuvaho bakagenda
turiyamirije iyo ngendo mbi yabategetsi bamwe bamwe
none nkabantu bica igihugu kandi bazi ihangiro dufise nkubwo nubukozi bw’ikibi budasanzwe
ntahantu twokura ico kiganiro bayaze?
ahubwo nukuraba abo bantu biba igihugu bagafungwa burundu
vraiment igiturire mu gihugu cacu cabaye ndanse kandi biri mu bituma igihugu gisubira inyuma
nibarabe vraiment ivyo bintu bihagarare sinon ntaho twoba turiko turaja
kuki abokijije igihugu aribo bagaruka bakacica?
iyo ngendo mbi nukuyiyamiriza cane pee
ubwo n’ububwa bumwe budasiguritse pee ukuntu abari muri reta aribo baza kwica igihugu
abo ntanikibanza bafise mu gihugu kweri
ico twomenya coco nuko abo bantu bafise ako gatima batazokwigera babura mu gihugu
kuki abo bantu baba bazwi gusa badahagarikwa mumabanga y’umukuru w’igihugu?
ikiyago cari kiryoshe vy’ukuri
inzego zirakwiye kumenya ico zijejwe mu gihugu ko atari kuconona ahubwo ari kucubaka
Aha mugihugu iwacu abo tuma igihugu giterimbere kwaribo usanga bakirya nn wumva ntaho turiko turaja ntanaho turiko turava icokibazo baribakwiy kuciga kuko kiragisibije mugihugu
ahubwo reka turindire reta nshasha izova mu vyatowe turabe ko nayo izoza ifise ako gatima
igihugu kirakwiye kuvavanura nizo nzego zose zidashaka iterambere ry’igihugu
ubusuma bw’indongozi nibwo butuma haba akajagari kadasanzwe mu gihugu
koko ivyo umukuru w’igihugu avuga nivyo cane
asha abo nyene nibo batuma ibintu vyacu bitagenda neza
iki gihugu cacu biragoye ukuntu kizotera imbere hakiri inzego nkizo
imbonakazoza twoyishikako gute nubusuma buhari mu gihugu
dukeje nyenicubahiro wewe adahengeshanya kudukangurira kugira tubone imbere aho turiko turagana
dusabe ahubwo hashirweho indongozi zishasha gusa turabe ko nabo haricovamwo
ikiyago nkico haraho kivana igihugu kandi harinaho kikijana
imbonakazoza ya 2040_2060 ntitwoyishikako hakiri ububwa nkubwo mu gihugu
none rega biragoye yuko imbwa iheba igufa
tutavavanuye nico ngeso ntaho turiko turaja
igihugu cacu turagikunda kabisa ntitwipfuza yuko corwa mumanga tubibona
biragoye cane gutera imbera hariho abikorera badakorera igihugu.
Ndashimiye cane Nyakubahwa Umukuru wigihugu ukuntu agerageza kuyaga nabakuru
ubu rero aha umuti ugiye watogwa.
none kuki batokuramwo izombeba mukigega ngo tubike imbuto neza.
kandi wosanga babazi?
Tuje hamwe twubake igihugu
Ndamushigikiye cane
Umusi tuzotahura iyo tuja twese uburundi buzoba buruse Dubai mugihe gito
habuziki none?
akaranga mutima kugihugu cacu nico kibuze pe
interambere riva mumaboko yacu
nugukora tutitaye kurabo badusubiza inyuma
gukora sikosha ariko ikantu kamabingira niko kabi.
Amabingira aradufise cane 😂😂😂
iconzi ntamunyagihugu muto yishe igihugu.
birababaje kuba twisamburirako nkimpene
Kandi nabo banyagihugu bato nimwe mwishe igihugu
Nabo babigenza gute?
kuberiki muhendwa mubona?
Aho rero urashitse .
Mugutora twitonde kuko turarushe
yarabivuze umujama wugwaruka yuko tuzokwitonda mugukunda
tutitonze bikabandanya uku bazoce baduha ama visa twigire hanze bagisigaremwo bakirye atawubaraba mukanywa
umuti nuyo kabisa
turabizera bakaduhemukira
Ivyo bakora vyose imana izobatubaza
Abasuma bahagurukigwe cane
tuzobatuza gute kweli?
dusengere uburundi cane kuko nikibazo kubintu mbona
imana iratubona cane mugire gutuza
umukuru w’igihugu ntaco adakora ariko intumva zamaho
twashize Imana imbere rero nta mpamvu twogira ubwoba
iki gihugu cacu biracagoranye ko gitera imbere hakiri akantu ka mwana wa mama mu gihugu
gute igihugu cacu kiribwa nabogikijije
gusa rero iciyumviro cokuyaga nabakuru inyishu ibigomba iboneke
ahaaa ndabona ivyo gutera imbere biragoye kweri
gusa icomba agafatira ingingo ibisuma ntibibe kubakura gusa ahubwo babashire mugasho
ariko umenga abikora keshi nyakubahwa wacu
nashiremwo akariro turamwongera abahashe burundu
ntaco adakora kubwacu imana imuhezagire
Burundi bwanje , Burundi buhire, ntaco bazobugira imana irabubona
Imana gusa 👏
barajahe kwikiringo kibaheranye
Ikindenga nuko na nyakubahwa abizi yuko bakaboko bahari
Ahubwo twoshima imana yaduhaye umujama