November 21, 2024

Regideso irahakana ivyaraye bibereye ku kibuga c’indege ca Bujumbura 

21
Ikibuga c'indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye

Ikibuga c'indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye

Ishirahamwe rijejwe gutanga umuyagankuba, Regideso, ribicishije ku rubuga X, ryazindutse rihakana ivyaraye bishikirijwe na Joël Nkurabagaya, umuyobozi w’ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye ku kibazo c’icika ry’umuyagankuba caraye kibaye mw’ijoro ryo ku wa 20/11/2024. Ico kibazo nyene catumye indege ya Brussels Airlines yari itegekanijwe kugwa kuri ico kibuga c’indege ca Bujumbura isaha zibiri z’ijoro itabaye icururuka kuko amatara y’inzira ikoresha mu kwururuka “piste d’atterrissage” yari yazimye.

Regideso ivuga kandi ko kiretse umuhora w’umuyagankuba uca mu kuzimu (6,6 kV), baheruka gushiraho uwundi muhora uca hejuru (10 kV) wagenewe ico kibuga c’indege gusa. Rero ngo ivyo kuvuga ko amatara yari yacitse sivyo na mba.

Mu makuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi guhera mw’iryo joro yavuze ko iyo ndege y’ikompanyi y’ububirigi yoba yaciye ija kugwa ku kibuga c’indege kiri i Entebbe mu gihugu ca Uganda. Iruhande y’ivyo kandi ngo harabaye ihungabana mu bijanye n’igikorwa co kwakira ingenzi.

Musomyi kubwawe wumva ico kibazo coba caturutse hehe?

21 thoughts on “Regideso irahakana ivyaraye bibereye ku kibuga c’indege ca Bujumbura 

  1. Barabe babitengeneze visuli nimba aribyuma byashaje barabe babisubirize ariko iryokasa ntiryongere si non! Twoba turiko turahomba

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights