Rumonge : Abagabo 2 barafatanywe ibitenge 357 n’ibiro 50 vy’urumogi
Mu ntara ya Rumonge, nk’igihe c’isaha 1 y’ijoro, neza na neza mu gice c’uruzi Dama, haraherutse gufatwa abagabo 2. Abo bagabo bagirizwa gukora urudandazwa rw’amagendu rw’ibitenge357 hamwe n’ibiro 50 vy’urumogi. Ivyo vyose bikaba vyabereye mu kiyaga Tanganyika, vyafashwe n’abasirikare bakorera mu mazi bo ku kirindiro co mu gisagara ca Rumonge, abo bagabo bakaba bavuga ko babikuye muri Congo.
Abo bagabo bagifatwa kuri uyu wa 11 Kigarama 2024 baciye bashikanwa mu minwe y’inyamiramabi mu Rumonge kugira bakurikiranwe n’ubutungane. Bamwe bati kubera iki urudandazwa rwa magendu rutotuzwa? Mukeshimana Audace, umuhanuzi wa musitanteri muvyo ajejwe harimwo ubutungane yibutsa ko urudandazwa rwo mu kinywabi ruhomvya imiryango n’igihugu ndetse bikajana no mu munyororo abafashwe.
Abanyagihugu muri rusangi, cane cane abo mu ntara ya Rumonge bahamagarirwa kuvavanura n’ingeso y’urudadazwa rwa magendu kugira bateze imbere igihugu.
Urudandazwa rwo mukinywabi dukwiye kurutuza burundu kuko ruhomvya igihugu
Abantu nakora magendo bakwiye gufatwa
Nibakurikiranwe n’ubutungane
Birababaje kuba hakiriho abakora urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko
Abo n’abasi b’iterambere
Abo n’abasi b’iterambere ry’igihugu
Mwenabo ntibifuza ko dushika kumbono kazoza y’igihugu
Abo bose badandaza ibitemewe n’amategeko nukubatuza
N’akamaramaza kubona hakiriho abantu nkabo
Abo babita ba kavyonzi
ahubwo bararinda ivyo bintu biracavurwa mu gihugu cacu
bakwiye gufungwa ubutakivayo kubera ntakuntu nakumwe ivyo bintu vyobabarirwa
abo nibo bazana ibitwica ndabarahiye
rega biratauritse kuko namakori yaraduze
kuki none abo bantu baca babatwara ibintu vyabo kandi baba baciye amande bakanafunrwa
gusa uwo muntu arahomvye cane vraiment
urudandazwa rwa magendu nukurutuza mpaka
asha ari guhomba arahomvye kabisa
kuki hariho abantu bagifise kagatima ko guhomvya igihugu?
iyinzara ntaco itazodukwegera kabisa
aba ubona basa nabari bashonje kweri?
ahubwo ivyo nibisuma bikomeye
ahubwo bohere mugasho kuko abo nibo bazana ivyica ugwaruka
aba bantu barakaze kabisa gusa rero ababantu birabonekako bari bamenyeye akazi pe
ikibabaje uzoza ubabona muri quartier
iburundi birakaze
nkubu umuzigo bawufatiye iki kweli?
uti rero urahonvye!!!!!
nkubu iswingi zukwiyibagiza ubu buzima barakoreyeko walahiiiii
Yewe gayeweeee ubu busuma burakaze
bafungwe burundu kuko baribaje kuturogera ugwaruka
Igabo zafashe bano bantu zihabwe icubahiro
atakubesha abo bantu barakaze pe
gusa ntibuce babarekura kuko coba arikibazo kugwaruka
ko muvugako barya ibiturire none ntibabafashe?
Erega bose sibamwe kuko nkabo baribamaze imisi myishi babikora
aho nibeshi bari barabaretse baca barimenyera canee
iciza bafashwe kandi urubanza turiko tubacira inzego ziriho zizobikurikirana neza.
ukuri kwagiye ahabona gusa ndakeje inzego zacu zubahwe
birahimbaye cane
gusa nokubantu bose nivyiza kuza baratanga amakuru habonetse ikintu kibi inzego zikakimenya kare
ukobiri kwose vyoguma uko urumogi gworimbuka burundu
Amashi meshi cane kungabo zacu
ahubwo gato none ivyobintu babishorahe?
Nabonyene nabasuma nkabo
nibabaze aho bashora ugwo rumogi
kuko bibonerkako bafise stock yagwo mugihugu
babazwe vyishi kuko nababisha bakomeye cane
ibibintu nivyiza cane kandi babandanye uko kugira barimbure burundu ico caha nkico
bizogora kuko abantu ntuturi bamwe
tufashanye twese kuko igihugu nicacu
twempi twumveko tubanye ikibi tukivuga kare cane
none nomubona afise urumogi akancorera hama ngo nubahuke ndamuvuge
sha kubukene nifitiye noyarya akigira kwironderera ubuzima kuko aho tugeze nihabi cane
kumenga nanje noyarya akigira ?
nimwebwe mutuma amabi akomera pe