Rumonge: Abihereza agacupa ntibishimira ingene impusha zo kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi zitangwa

116
nos-produits

Mu Rumonge, muri uku kwezi kwa Kigarama 2024, baba abihereza agafanta canke ibinyobwa birimwo umwambiro, bamenyeshako ubu abafise ububare batari bake barondeye impusha zibemerera kuduza ibiciro. Ivyo ngo bituma abafise ububare bagurisha ku giciro gisanzwe bataronka ibinyobwa, ababironse nabo bakabigurisha kuri abo bafise uburenganzira bwo kuduza ibiciro babanje kubarengerezako amahera make, ibituma abafise amikoro make bitaborohera kunywa agacupa.

Basaba ko hokwirwa gushasha ingene izo mpusha zitangwa muntumbero yo kworohereza abanyagihugu batobato. Uwuserukira ishirahamwe riharanira agateka k’umuguzi ABUCO mu ntara ya Rumonge, Alexis Ndayisaba, agira ati : “Harakwiye kwirwa ingene impusha zo kuduza ibiciro zitangwa”. Atanga akarorero ko mu minsi iheze hashizweho umurwi wiga ku gisabo c’uwushaka kudandaza igiciro kirengeye icashinzwe na Reta.

Aho ngo baraba ikibanza akoreramwo, isuku, n’ibindi. Ariko ngo ubu umudandaza yandika ikete gusa, hanyuma agasabwa kuriha amafaranga muri OBR. Bakibaza hamwe abadandaza bose botanga ayo mafaranga asabwa uko vyogenda. Asaba abajejwe intwaro guhagararira bose abifise n’abamikoro make.

116 thoughts on “Rumonge: Abihereza agacupa ntibishimira ingene impusha zo kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi zitangwa

  1. Brarudi nirabe ukuntu yotunganiriza abenegihugu batobato kugirà ngo nabo baronke uko boza barihereza agacupa vyoroshe…

  2. Brarudi nirabe ukuntu yotunganiriza abenegihugu batobato kugirà ngo nabo baronke uko boza barihereza agacupa vyoroshe…

  3. Brarudi nirabe ukuntu yotunganiriza abenegihugu batobato kugirà ngo nabo baronke uko boza barihereza agacupa vyoroshe…

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights