Umuririmvyi Dr Jose Chameleone ashobora gupfa mu myaka 2 iri imbere hamwe atohagarika kunywa inzoga nyinshi

60
Jose-Chameleone-Abba

Kuri uyu wa 16 Kigarama 2024, abaganga bavuze ko Umuririmvyi wo muri Uganda, Dr Jose Chameleone hamwe yobandanya anywa ibiboreza nk’uko abinywa ubu, afise ivyago vyo kubaho imyaka ibiri iri imbere gusa agaca apfa. Ivyo vyatangajwe n’umuhungu wiwe Abba Marcus muri video yaciye ku rubuga rwa Facebook rwa Jasper Bekunda. Amashusho yiwe avuga ku biriko biraba kuri se wiwe bikaba vyashizwe hanze kandi n’ikinyamakuru Tuko.co.ke.

Uwo mwana wa Jose Chameleone yatangaje ivyo mu gihe mu minsi iheze, Dr Jose Chameleone yafashwe n’indwara giturumbuka, aca ajanwa kwa muganga. Abba Marcus yatangaje ko se basanze afise indwara ya “Acute Pancreatitis” ifata impindura, ikaba ishobora guterwa n’impamvu zitandukanye harimwo no kunywa ibiboreza ku rugero rwo hejuru.

Abba Marcus, umuhungu w’umuririmvyi rurangiranwa w’umunya Uganda, Jose Chameleone, yaseruye ukuntu ababajwe n’uwo muririmvyi w’indirimbo za Tubonge n’izindi. Abba yahishuye ko ingorane Chameleone afise ari iyo kunywa inzoga nyinshi kandi ko bituma ingorane ku magara yiwe zidahera. Yasavye abakunzi biwe ngo bamufashe guhanura se wiwe ndetse kugira ngo areke akaborerwe kuko bigaruka bikagira ingaruka ku ku muryango wiwe.

Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?

60 thoughts on “Umuririmvyi Dr Jose Chameleone ashobora gupfa mu myaka 2 iri imbere hamwe atohagarika kunywa inzoga nyinshi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights