November 21, 2024

Youssouf Ndayishimiye agiye kwandikwa ku mpuzu za Aigle Noir inyuma yo kwemera kuriha 18.000.000 Fbu buri kwezi

13
Ndayishimiye Yousouf “Nyange” akina mu bufaransa mu mugwi wa OGC Nice

Ndayishimiye Yousouf “Nyange” akina mu bufaransa mu mugwi wa OGC Nice

Uyu mwaka w’inkino wa 2024-2025, Ndayishimiye Yousouf “Nyange” akina mu bufaransa mu mugwi wa OGC Nice, yiyemeje guhemba abakinyi, abamenyereza n’abakozi b’umugwi Aigle Noir, amafaranga 18.000.000 Fbu bose buri kwezi. Ku bw’ivyo Nyange azokwandikwa ku mpuzu abakinyi ba Aigle Noir bose bazokina bambaye. Ivyo vyose ni mu ntumbero yo gushimira uwo mugwi wamureze akiri muto ndetse ukamufasha gushika aho aja gukinira ku mugabane wa buraya. Vyashikirijwe na Réverien Ndikuriyo asanzwe ari nawe yatanguje umwugwi wa Aigle Noir, abicishije ku rubuga rwa Facebook.

Youssouf Ndayishimiye yabwiye Akeza Sport ko Aigle noir ari nk’umuryango kuri we, agashimira na Réverien Ndikuriyo ngo kuko iyo ataba we, umuryango wiwe ntuba ubayeho nk’uko bimeze ubu.

Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?

13 thoughts on “Youssouf Ndayishimiye agiye kwandikwa ku mpuzu za Aigle Noir inyuma yo kwemera kuriha 18.000.000 Fbu buri kwezi

  1. Ikintu cyiza cyane kuri uyumukinyi yousouf arazirikana nezako kugira ashike aho ashitse kobyose byavuye Mumpetso yuburundi.
    Iyaba bose bogiye barazirikana nkuwo wosanga twashitse kure.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights