Ngaba Abakinyi b’Intamba Murugamba batumweko murukino rwa/Burundi Vs Namibie

Mugihe hasigaye igihe gito gusa umurwi nserukira gihugu mu mupira wamaguru Intamba murugamba ngo utane mumitwe n’umurwi wa Namibie. urutonde rwabakinyi bazokwitabira urwo rukino rwamaze gushoka nubwo hari benshi mubakunzi bumupira bataruvugako rumwe ,bivanye nuko hari abakinyi bazwi nkababitumwako batashoboye gushirwa kurutonde rwabazoshobora kuza gufasha abandi. abantu benshi barabaza nimba vyukuri runo rukino ruzoshobora kworohera Intamba murugamba narirya ari urukino ruha amahirwe yanyuma Umurwi nserukira gihugu.
Umumenyereza mukuru we ico yashoboye gushikiriza abanditsi n’abamenyeshamakuru nuko ayavuze biteguye kandi bagomba kwubaka umurwi mushasha kandi bizeye ko uzoshobora kugira aho ushikanye Intamba bivanye n’inkino kivandimwe bashoboye gukina n’igihugu ca indonesia,ngo bahigiye vyinshi kandi bizeye ko urukino ruza bazokora uko bashoboye.
Reka turindire turabe nubwo benshi bagifise akoba kandi bakavuga ko rwari urukino rwasaba ko uburundi bwikora kunguvu zose eka n’abakinyi bose bufise kugira haboneke instsinzi iza kuduha amahirwe
reka tubibutse gato:
+Saido Ntibazonkiza ntiyitabiriye ubutumire bw’Intamba Mu Rugamba k’urukino rwa Indonesia mu gihe Simba SC yari yamenyesheje ko yamurekuye
Amissi Mohamed ntiyitabiriye ubutumire bw’Intamba Mu Rugamba k’urukino rwa Indonesia inyuma yo Kuvuga ko yaciye agira akabazo gato k’imvune
Frédéric Nsabiyumva ntiyitabiriye ubutumire bw’Intamba Mu Rugamba k’urukino rwa Indonesia inyuma yo Kuvuga ko yariko arimurira umuryango wiwe muri Sweden aho asanzwe akina
Cédric Amissi ntiyitabiriye ubutumire bw’Intamba Mu Rugamba k’urukino rwa Indonesia ku mpamvu zitamenyekanye
Abo bakinyi bose, ubu nta n’umwe yatumweko k’urukino rwa Namibia
Urutonde rw’abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA bahamagawe kwitegurira urukino rwa Namibia
Ndikumana Justin
Mutombo Fabien
Bizimana Aladin
Ndayishimiye Youssouf Nyange
Christophe Nduwarugira
Derrick Mukombozi
Harerimana Rashid Léon
Nshimirimana David
Marco Weymans
Nshimirimana Ismail Pitchou
Muhindo Collins
Nshimirimana Jospin
Jordi Liongola
Musore Aaron
Bigirimana Abedi
T. Ngabo
Mvuyekure Emmanuel
Nahimana Shassir
Irakoze Donasiyano
Girumugisha Jean Claude
Niyongabire Pacifique
Elvis Kamsoba
Bimenyimana Bonfils Caleb
Hussein Tchabalala
Saido Berahino
Kanakimana Bienvenue
B. Richard
Crispaldinho
Ntaciyumviro kiratangwa on Ngaba Abakinyi b’Intamba Murugamba batumweko murukino rwa/Burundi Vs Namibie