Burundi : Ni izihe ngingo zahinyanyuwe mu ntumbero yo kwongereza uburyo bwinjira mu kigega ca Reta?

8
cons

Inyuma y’inama nshikiranganji yabaye ku wa 18/12/2024, bahejeje kuraba no kwiga ku bijanye n’integuro y’amafaranga Reta izokoresha muri uyu mwaka wa 2024.2025 (twabibashikirije ngaha). No mu ntumbero yo kwongereza uburyo bwinjira mu kigega ca Reta no kubukoresha neza, ingingo zimwezimwe zarahinyanyuwe izindi nshasha nazo zirinjizwamwo. Zimwe zikaba ahanini zijanye no kurwanya ubusuma mw’itozwa ry’amakori n’amatagisi ; kwagura ahatozwa amakori n’amatagisi ; gukingira amahinguriro yo ngaha mu gihugu ; kworohereza abazana imitahe mu gihugu n’izindi.

Izindi ngingo zahinyanyuwe ni izijanye no gutegeka abenegihugu batagira amashirahamwe abavuza kugura agakarata ko kwivurizako; kurwanya ubusuma mw’itozwa rya tagisi nyongeragaciro; kurwanya uruhombo ruva ku bubeshi bwerekeye igiciro c’amazu agurishwa; gukurikirana neza ingene amafaranga ya Reta akoreshwa n’inzira bifata; kugabanya ingendo haba hanze y’igihugu canke mu gihugu hagati, hagakorwa izikenewe kandi zifise inyungu ntasubirizwa ku gihugu; gukoresha ububasha Reta ifise mu kwishuza ibirarane vy’amakori no kwubahiriza ikiranganminsi mw’itegurwa ry’amafaranga Reta ikoresha.

Inama nshikiranganji imaze kwihweza iyo nteguro yarayemeje, mu bindi vyashikirijwe harimwo gutsimbataza umuco wo gukoresha neza amafaranga ya Reta ; kwiga ingene intererano Reta itanga mu burimyi yoshikira abayikeneye gusumba abandi no kwiga umukenyuro wotuma igisata c’ubutare giterera bimwe biboneka mu kigega c’igihugu.

8 thoughts on “Burundi : Ni izihe ngingo zahinyanyuwe mu ntumbero yo kwongereza uburyo bwinjira mu kigega ca Reta?

  1. Nidukora cane ivyotuvuga bigakorwa u Burundi bizoba ahantu heza buriwese yifuza gutura
    Ndabakeje mwese muharanira iterambere ry’u Burundi
    Sebarundi Imana ikomeze imuturindire .

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights