America : Umuryango w’abarundi 6 baraye bapfiriye rimwe mw’isanganya ry’imodoka
Mu gihe bamwe bariko bahimbaza Noweri banezerewe, ku rundi ruhande hari umuryango w’umurundi wari usanzwe uba muri America mu gisagara ca Amarillo Texas, wari ugizwe n’abantu 6, bose baraye bapfiriye rimwe mw’isanganya ry’imodoka. Iyo modoka yagonganye n’ikimodoka kinini (Truck) ica itangura gusha iratokombera, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru abc7news.
Uwo muryango ugizwe na Jaredi Mpawingabire w’imyaka 31 hamwe na Mapendo Olga w’imyaka 28, bari kumwe n’abana babo : abakobwa 2 b’imyaka 6 uwundi 4 n’abahungu 2, umwe w’imyaka 5 uwundi 2. Bivugwa ko bariko barimuka, bava mu gisagara kimwe bimukira mu kindi, ariko mu nzira bakiriko baragenda niho bahura niryo sanganya riteye ubwoba.
Turahojeje umuryango wabuze!
Urupfu nicyo kintu kibi kiruta ibindi!
Ibaze nkubu bavuye muri Africa kugira barabeko Boba barabayeho none ndebera.
Urupfu nicyo kintu kibi kiruta ibindi!
Ibaze nkubu bavuye muri Africa kugira barabeko Boba barabayeho none ndebera.
Turahojeje umuryango wabuze Abamaze kuva mumubiri nabo Imana ibakire
Ariko mukama wikigongwe ibyo bintu kweli nibiki? Nimba arakaroge sigusa!
Ariko mukama wikigongwe ibyo bintu kweli nibiki? Nimba arakaroge sigusa!
Nibihangane nukuri
Birababaje ivyobintu kabisa
Imana ibakire neza
Nivyo namamvuga ubonye uramutse ukomeye uzashime imana
Turahojeje umuryango umuryango wabuze
Niwabona umaze umunsi ukomeye shima
Turihanganishije umuryango wabuze
Turihanganishije umuryango wabuze
Imana ibakire mubwami bwayo
Imana ibakire mubwami bwayo
Birababaje cane kabisa nyene bagaca bapfira rimwe
Basha ukibona ukomeye ufise abantu uzafungure kabisa
Bamwe twariko turyoherwa kumusi mukuru abandi bari mubibazo
Imana ibazigame disi
Imana yashimye kubahamagara
Umunsi wabo wariwageze
Ubonye ubyutse uri muzima ushime Imana ubonye ugiye ukasubira uri amahoro ushime Imana kuko hariho Ababa babyutse bakagenda ntibasubire.
Tirihanganishije Umuryango wabuze.
Imana yabashatse bose arumuryango wuzuye
Gusa nyene nukuvyakira uko vyabaye
Gusa jewe mbonye urupfu ruri hose.
Uwoshaka yokwama yitunganije kuko atawuzi umusi nisaha.
Imana niyo ikora ibikwiye
Gusa bipfiriye neza ntamuntu numwe basize mumarira