Reta y’Uburundi izotwara ibice 20% ku butare buzimbwa mu Kirundo
Reta y’Uburundi iheruka kwemeza amasezerano ajanye no kwimba ubutare bwo mu bwoko bwa Cassitérite, Colombo-Tantalite n’uburundi buri mu karere ka Murehe muri Komine Busoni intara ya Kirundo. Muri ayo masezerano azomara imyaka 15, ari hagati ya Reta n’ishirahamwe SOTREVO Mining Company Limited, vyemejwe ko Reta izotwaramwo ibice 20% nayo iryo shirahamwe rigatwara ibice 80%. Hari mu nama nshikiranganji yo ku wa 23 Kigarama 2024.
Ni ibiki dukwiye kumenya kuri ubwo butare?
Ubutare buri mu karere ka Murehe mu Kirundo bugera ku matoni 12.700.000. Agataka hamwe no gutanga amakuru yose ajanye n’uwo mugambi wo gucukura ubwo butare, niwo mutahe wa Reta y’Uburundi. Mu gihe SOTREVO Mining Company Limited rizokwiyemeza kandi gushiraho ikigega co gusanura ibizononekarira muri uwo mugambi, ibikoresho n’ibindi.
Muri ayo masezerano ahuza Reta n’iryo shirahamwe, agabuye mu bice 3 bigizwe n’imyaka itanu itanu. Iryo shirahamwe rizotanga amafaranga angana na 6.950.395.815 n’amadolari 5.958.846 mu gice ca mbere hamwe n’amafaranga 45.880.981.561 mu bice bibiri bizoba bisigaye.
Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?
None nikukuberiki babigizuko
20% na 80% reta nkozi yavyemeye!!nibabureke kuk izonyungu z’ishiramw rigizwe n’akagwi k’abant 100 gashaka kurya amafarang y’abenegihugu barenga millioni 12 Oyaaa nibarekere Burundi bwejo bazabwimba
20% si make cane iyo iba société étrangère. Ariko nimba gouvernement yashize imbere société locale, hategerezwa kubamwo n’igice ca leta, gutyo leta ikaronka ayasumba.
Mugabo problème nkuru ni DÉCLARATION Y’UMWIMBU. Nta cemezo c’ukuri tuzoronka kuri quantité produite. Ariko kandi vaut mieux commencer plutôt que subir les malheurs du manque de devises.
Mana yanje,Mana yanje leta 20% ,jewe numva ubwo butare bwotuma buguma mukuzimu,hama igihe kizogera leta ifise uburyo bukwiye izoheza ibucukure hako ubutunzi bwayo bugenda uko🤣🤣🤣🤣
Nimba aruguhombesha!!mbega nivoka zihiye canke nubutare?20% kuri nyenimari? Allah!!
Gusa ndatahuye ko baduhenze. Usanga iryo shirahamwe rizitwara 40%, abategetsi bagaburane 40% , leta ice itwara 20% hanyuma n,izo 20% abategetsi bazoce bakuramwo 15% hanyuma leta isigarane 5% 🤣🤣🤣🤣
Ariko kweli kumenga 20% nizikeya cyane muri Leta
Abarundi dushim Imana kub tugihem kuk umwuka wac barawugurishije duhema uw réserve
Ewe butare twagukunda Ariko uragiye tutakubonye
Ivyo ntibitirab twebwe kk ntanyungu bizoduha abazigayo uburaro nuburamuko barahari twe twironkeye akajumbu uryamye gaz ni gaz kwendambele🤣🤣
Barashaka barye vyos je nariyakiye!🙆🏼♀️
Abarundi turacari nyuma kwer nitura kanguka peeee nyenimari arye 20% umukuya kuya arye 80% ngo nuko atabikoresho dufise nimu manyure gatogato mushore hama mugure ivyo bikoresho
None vy’ukuri nk’ayo masezerano Leta yagiranye n’iryo shirahamwe inama nshikiranganji iyemeza gute? Ako si akamaramaza? Ko mu mezi aheze Umukuru w’igihugu yari yasheshe amasezerano yose yo gucukura ubutare yavuga ko yari amasezerano yo kwiba Leta none amasezerano nk’ayo niyo igarukanye? Ewe Burundi bwacu!
Je mbona umurundi wese ahari yohitana isuka n’isupana tukaja kubwiyimbira, umwe wese agatwara part yiwe ham ibintu bikavamwo induru🤸!
Hama twebwe twanse kuja mur America turindiriye ko tugabura naho?
Hamwe vyoba Arivyo umukoloni yoba akituyoboje inkoni y’icuma ,non nkaho boba baduhaye iki?
Mbariza BBNEWS none twebwe abanyagihugu batobato bazoduhako amafranga azova murubwo butare?
None vy’ukuri nk’ayo masezerano Leta yagiranye n’iryo shirahamwe inama nshikiranganji iyemeza gute? Ako si akamaramaza? Ko mu mezi aheze Umukuru w’igihugu yari yasheshe amasezerano yose yo gucukura ubutare yavuga ko yari amasezerano yo kwiba Leta none amasezerano nk’ayo niyo igarukanye? Ewe Burundi bwacu!
Ubu reo baradukubise ku ntoki vyabindi vyogupfa turya ntibikibaye🤭🤭
Mubisanzwe abategetsi bigaragara ko aribo bazoshiramwo imitahe muriryo shirahamwe. Nibirire ariko bazorye barangamiza hejuru.
Mbe kubantu ivyo kwimba ubutare atamakuru tubifiseko,mwodusigurira ukuntu reta itwaye 20% hama uwimvye agatwara 80% ataruhombo rurimwo?
Nukuvuga ishirahamwe rigurishije 1000 000 000 reta izoca itwara 200millions ham ishirahamwe ritware 800millions mugabo harigihe yoba yagiye kl dufate bakoresheje nka 500millions mukubwimba no kubushikana kwisoko reta
Nibakureyo vyose batware twe abarundi twese twariyakiriye 🤣🤣🤣
Babugumizeyo canke babukureyo nivyabo kumenya . Inzara twarayimenyereye
Ubwo burafise banyenebwo shaa, n’izo 20% muzozumva kuri réseau social canke kwiradio🤣🤣🤣🤣
BBNEWZ iyo bavuze inkuru zica ivutu abenegihugu ni benizo.
Ariko inkuru nk’iyo ntimube mwayireka
Vyoba vyiza babihagaritse kuko bibonekako birimwo ubusuma bwinshi
Mwene ubutare ngo pourcentage zingahe???🤣🤣🤣
Nibabureke bugume mukuzimu bibe ibisharizo vyigihugu hako nubund bigenda ataco bitumariye
Ahohantu barahatwibiye ivyobice jewe nivyo nahagazeko sivyiza
None ko numva babugabaguye, bamwe naja ndumva ngo abarundi bo baravyuye mu Kirundo, bo ko ntabona umutekero wabo? Ariko kandi nfagwa nkagaruka: kuki Leta itotora 80% abo bandi na bo bakaba aribo batwara 20%?
🙆🏿♀️ 🙄 Reta izohabwa ibice 20% Hama iryo shirahamwe rihabwe 80%? Nibavugishe ukuri ko ako gashirahamwe ari ako bifondeye kugira ngo barye umwimbu wa Édeni bitekaniye! 😭😭😭
Vyoba vyiza nkoreshej audio Kuko ivyo bintu sindabishimye
Yumvuriz ngaho 👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇
▶︎•|၊|။||||။၊|။|||။|||။ 3:59:58
Burya rero ntamuntu n,umwe akunda Uburundi!!! Gute ivyo bintu bishoboka ?!!!! Rwanje ntibabwimbe kabisa nzobwiyimbira 😂
Imana yarakoze Kuba yararemye abantu bazi kwandika commentaires 😂 nukuri umunezero uri mukuzisoma urarenze ! 😂 Imana ikomeze kubazigama abantu mwandika commentaires mutuma nterama ! Ubu nta post nkisoma ! Nirabire zo gusa
Umusi nzopfa nzorira cane mutanzaniye inyama sinzohora
BBNEWZ nukuri harimwo amakenga menshi cane reta nirabe uburyo iryo shirahamwe uburyo rizanye bicare baharure ingene bayagaruza aharure inyungu yaryo nigihe bizomara hama reta izobishikire ironke ibice bikwiye si no abarundi ndabona 20% twoba twibwe mbe hoho ayo mahera azoca ajaaa he?????nagira boca barwiza amahinguriro
Kndi rero ngaha kuri 20% twumva turi satisfied🤣🤣🤣 iyo ni company ndundi mw’ izina ry’ikinyamahanga. Ni nk’abaporofeti bazanye ivyo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ubu niho duhenderwa
Nibaza BBNEWZ koyabivuze nabi!! Ngira iryo shirahamwe rizobanza rigurire leta aho babucukura hama bahejeje bagiye kudandaza bace bongera bayiheko 20% kur chiffre d’affaires 😋 nayahandi ryoba aribara
Mbega aba commissionnairies weee
20%nyenumuzigo
Canke bagomba kugaba umuzigo wabarundi???
Basi botuma baba baraburetse tukaba turarya ivyo twahorako hako babugabira abandi.
Kumbe vision 2040 2060 iracagoranye
Jew ikintu niyumviriye c’ingenzi n’iki nikuvugako bakwihenze mukubishira ahabona babivuze nabi ntitwihutire kuvuga kuko 80% nizo za leta izotwara hama 20% nazo n’izasociété izobucukura, ego inyishu niyo kbx.
Birumvikana KO iryo shirahamwe rigizwe nakagwi kabantu bashaka gukandamiza uburundi
Wallah bagira batume ntagura V8 kandi nari namaze kubaza nigiciro nizeye umwimbu wiwacu
oya basi Leta nitureke umwe wese yicukurire ubwiwe azimenya ahashora
jew dimwijuru ivyo muburundi narabirambiwe nukuri 😂
Izi commentaire ziryoshe gusoma🙆 😀🙄
Nibaduhe avance
Oya ubwo ni ubusuma bwo mu rwego rwo hejuru….ayo masezerano bayasese ubu nyene nimba bamaze kuyasinya kuko ntivyumvikana….iryo shirahamwe ryategerezwa gutwara 20% hama leta igatwara 80%.
Ubwo butare ni bugume mu kuzimu kuko nabashinwa ntibobikora uko nkeswe ishirahamw ryo mu burundi. Ahubwo mbona Uburundi ugiye kugorwa kurusha.
Jewe ndimuri EDEN ivyo vya Leta y’uburundi ntimumbaze hoho muburundi nihe?
None vy’ukuri nk’ayo masezerano Leta yagiranye n’iryo shirahamwe inama nshikiranganji iyemeza gute? Ako si akamaramaza? Ko mu mezi aheze Umukuru w’igihugu yari yasheshe amasezerano yose yo gucukura ubutare yavuga ko yari amasezerano yo kwiba Leta none amasezerano nk’ayo niyo igarukanye? Ewe Burundi bwacu!
Mb munyuvira bazoshora produits Finis ? Canke bazosubira kuza barasohora ibivu hanze y’igihugu
Nakamaramaza aho Reta nyene isi nubutare babaha 20% botuma bahareka haka guma uko nn mwumva vyabindi twipfuza ko vyoboneka. Muburundi ngira subwacu tuzobibaze neza muri ONU.@@@@@
Iyo nkuru muronger muyitohoz neza nibaz ko hariho ayandi makuru akenew atar ayo agarukiy aho
Mfise ikibazo 1 iryo shirahamwe ni iyo mu Burundi ou niryo hanze?
Jew ndiko ndaraba abo bategetsi bacu Imana yopfuma ibarimbira Bose kuko ndabona ntaco baje kumarira uburundi oe ivyobice kwari bike? Nibapfume babugumizayo umusi uburyo bwabonetse turobwiyimbira sha abategetsi mwirabe naho mwoyarya mumenye KO muri kuryumuvumo kuko mwebwe mushaka kwiberaho neza
BBNEWZ none Ubwo butare ko Ari ubwa leta leta yotwara 20% gute ?canke ibigavu babishize muri izo 80% Hama ngo twabuze ama devises nayo yigiriye mu mifuko yabantu.ibiharuro nibisubirwemwo nukuri aho 20% kuri nyene umuzigo ni make
Mbega aba commissionnairies weee
20%nyenumuzigo
Canke bagomba kugaba umuzigo wabarundi???
Basi botuma baba baraburetse tukaba turarya ivyo twahorako hako babugabira abandi.
Kumbe vision 2040 2060 iracagoranye
Ivyo ninde Yovyemera ?? Hama umwumwe azotwara angahe?
Turashimye ingingo ya Reta yokwigisha abana bacu kubuntu.
Burundi ibice 20 naho mwoba atarimw mwabimvy nticobah nukur abadutwar nabatury gus
Ibibintu biteye ubwoba leta niyake ingurane tubwicukurire niba twese hamwe bishoboka leta ibuze iki ngo iserukire abanyagihugu ubutare bugire ico bumariye igihugu bwavuyemwo erega ntaho tuva ntaho tuvuye 20%? Ese baratavye tubwiyimbiye ko uburundi bwohomba canke bwokwunguka kugira bemere kwemeza iyo nteguro? 🇧🇮🇧🇮🤷
20% kwl ????🤣🤣🤣🤣🤣🤣asha nihatar nukuri
Tugir tuzigabur mb ndiyandikisha😀😀
Muburundi nta Generation Z two crea??
None turafise ubutare nyene?Canke ni ugusamaza abenegihugu !
20% simake namamiriyaridi menshi arahantu bimba bagasubira bagafuka ibikoresho aribobimenya ndumvarisawa
Mwene ubutare ngo pourcentage zingahe???🤣🤣🤣
Ivyo twe ntaco bitumariye nibashake barye byose
Kugeza ubu sintahura neza noe izo20% numunyagihugu umwumwe cnk izo 20% nizo tuzogabura
Kugeza ubu sintahura neza noe izo20% numunyagihugu umwumwe cnk izo 20% nizo tuzogabura
Je nkumurundi akunda abandi kubutare bwacu ,amasezerano harimwo agahaze ntivyumvikana .amasezerano yokwigwa neza abenigihugu bahatorere akayoko
Yemwe, ivyo ntaco bizohindura kubuzima bw’umwene gihugu muto. Nibacugure abimitwe minimini babasha kwidugiriz’amagorofa,nyarucari nawe akomeze gukubitwa nubukene.
Yemwe, ivyo ntaco bizohindura kubuzima bw’umwene gihugu muto. Nibacugure abimitwe minimini babasha kwidugiriz’amagorofa,nyarucari nawe akomeze gukubitwa nubukene.
Uburundi bwuzuy abanyonyezi gusa 20% kuri leta ariyo yifitiye ikirombwe ntivyumvikana aho baraharuye uko bazoyagabura umurundi agume abura ayacira n ayamira ibintu bibandanya kuduga atagitoro atasukari
Ni hatari aho ibice 30 abagize reta baca bagabura baduhende ngo ni 30% babutanze mwumva hoba harimwo ubwenge cangwe kwoba ari gusahura igihugu?
Ukonyene ubivuze uti 20% kuri nyenimari 80% kuwamufashije kuzegeranya
Ndumiwe… erega ivyigikoroni ntaho biraja
Ewe Burundi bwacu 😂😂, jew numva 20% arimake cane nuguhomba gwose barikuba barabangira uburyo bubonetse bakazobwiyimbira canke hakabaho guteranya imitahe y’abikorera utwabo hamwe na Reta y’uburundi hanyuma bukimbwa nahonyene Reta ikaba ifisemwo au moins 70% . Ibisigaye mbona umengo ntaho turiko turaja( my point of vue)
Tayari birangiye bugurishijwe
Rabe ko mutihenze mukwandika, 20%??? Bwobura bwigumira mukuzimu tukaguma isi ikomeye to 🤔🤔🤔
Abanditsi banyu Kumbure Baza barwaye amaso cane gose kuburyo no kuraba neza inkuru ko yanditse uko yatohojwe binanirana?
Ivyo mwe mwumva bibaho 20%???😂 😂 😂 😂
Inkuru ntayo Twizeye basii ewe mukama
Ivyobintu nunva vyoba bitandukanye cane namajambo babwira abanyagihugu ariko wunva bwoba arubutare bwigihugu canke bwoba arubwabene gucukura #birame ndore
Mbega nabwo BRB izobugura?
15ans tuzoba dushikiriye imbono ya 2040 Burundi bwifashe.
Bikaba vyemejwe na Leta yose, igizwe n’abagabo n’abagore b’ijunja n’ijambo, ndi nde ngo ndabihakane? 😀 😀 😀 😀
Ko ari bo baduserukira, bakatubera ijisho n’amatwi, ndizera ko bakoze ibiharuro vyose basanga ayo niyo dukwiye.
Igikuru ni ugushika
2040 UBURURUNDI BWIFASHE,
2060 UBURUNDI BUTEYE IMBERE.
Iyo bababwiye kubutaree arubwabazungu mwe mutahurikii ntimwavuze ngo baribarabunyegejee oe Ubu ntimububahayee atanguvu zigiyemwoo 😂😂😂
Ewe Burundi urambaye. Ndumva atamusaruro twiteze muri ubwo butare ndumva Imbonakazoza ya 2040-2060 tuzoguma tuyumva kumatwi gusa .
None ishirahamwe mwibazako Ari irya bande? Niwitwengere. Sinibazako ivyo bice bibaho. 🤔🤔🤔 Nibatureke rero umwumwe yiyimbire Ubwo aronse azotange izo 20% turabe ko bazovyemera
Niyompamvu naho bobutwara kubuntu umenga iwanje ntanakimwe
Kuko nubundi bwari busanzwe bwitekaniye mukuzimu 😄😄
iyi nkuru igoye gutahura mugihe atama détails yatanzwe kuko ivy’ubutare bifise uko bitunganijwe nimba reta izoronka 20% z’umwimbu ntawokwirengagiza ko umwimbu uboneka habaye ama dépenses kandi mukwimba ubutare dépenses ni nyinshi gose hasabwa amahera menshi n’ibikoresho bizimvye kandi ikindi agasanga iri shirahamwe ari iry’abarundi vyoba bibaye vyiza gusumba
Nta ruzimbo rurimwo ???
Ndumva hatari bwagere ko bucukurwa n’ukuri 20% nyen ??? Abacukuzi bazoba batwivye.
Commerce yuburundi iragoye.nguma numva ubutare ariko birangora gutahura.Iyo uhaye itongo umuntu ATI rima ubwo wokwemera kwaguha20%. Uburundi guterimbere biracagoye pe. Mwibaze ukuntu abantu duhomba.jew niburibur nka45%nobitahura bukebuke
None natwe abanyagihugu bizotugirira akahe kamaro?ntana 10% tuzoronka kugira twiteze imbere?
Ibihe vyumwumwe navyo kumwenegihungu Bimez gt? ntimwatubarije?
Ibihe vyumwumwe navyo kumwenegihungu Bimez gt? ntimwatubarije?
Ntituzopfa duteyimbere basha ningoran maze
Nukuri botuma babureka bukazocukurwa bibonetse naho hoba 200ans
Ngo nakiriye gute? Ewe jimbere soma commentaire basi ubone inyishu,
Naho woba utazi ibisoro 20% na 80% kuri mwene umuzigo biravugika ?
Twaraguzwe ntitwabimenye ntandongozi dufise, dufise abatudandaza bakatudandariza hamwe n’igihugu , bagueisha igihugu n’abeneco!
Mukama wanje! Niwew ubona igikwiye ku Burundi n’abarundi kuk aho tugeze ntamuntu numwe tubona afitiye kazoza keza igihugu! Nako nivyo bice 20 kw’ijana vyokoreshwa mubikorwa vyakamaro ngirango haricohinduk na gitoyi! Mana abarundi turarushe! Ntakuntu hoho boraba umutahe iryo shirahamwe rizokoresha hama bagabure inyungu basi! Ewe mana yanje😭😭😭
20%. C’est un piege😢😢😢😢😢😢😢
Hama natwe abanyagihugu tuzoca dutwara kangahe kombona baciye babugabangana bwose🤷
Mbega basha burya aho harimwo gagnant gagnant?
𝑁𝑦𝑎𝑚𝑏𝑎 𝑎𝑟𝑖 𝐴𝑏𝑎𝑘𝑜𝑙𝑜𝑛𝑖 𝑏𝑎𝑧𝑢𝑡𝑠𝑒 ?
20%?
𝐼𝑟𝑦𝑜 𝑆ℎ𝑖𝑟𝑎ℎ𝑎𝑚𝑤𝑒 𝑛𝑡𝑖𝑟𝑖𝑏𝑎ℎ𝑜 𝑘𝑊 𝑖𝑠𝑖
𝑁𝑖𝑏𝑎ℎ𝑎𝑚𝑎𝑔𝑎𝑟𝑒 𝑎𝑏𝑎𝑛𝑑𝑖 𝑏𝑎ℎ𝑖𝑛𝑔𝑎 𝑐𝑛𝑘 𝐵𝑎𝑏𝑢𝑟𝑒𝑘𝑒 𝑎𝑏𝑎𝑧𝑜𝑣𝑢𝑘𝑎 2080 𝑏𝑎𝑧𝑜𝑏𝑤𝑖𝑦𝑖𝑚𝑏𝑖𝑟𝑎.
20% contre 80% ??
Nakamaramaza reta izotwara 20 pourcent ?
Uwuraho ati n’akumiza. None ga yemwe bashaka tuje hehe? Bwaburundi bwifashe buzokunda kuri 20% kweri.
Aho abaturongoye ntiboreka kuturira mu menshi. Imana idutabare nukuri.
Ariko ndemezako impera n’imperuka ineza izotsinda.