April 28, 2024

SUMMER FOOD FESTIVAL Ibirori vyashimishije benshi Vyateguwe kuncuro yambere mu Burundi

3

Summer Food Festival ni ihayanishwa ritegurwa na BBNEWS aho uyu mwaka vyashoboye gutegurwa kuncuro yambere mukibanza ca Uzuri Beach,rikaba ryitabiriwe n’abantu benshi harimwo abana n’abakuze aho ubona ko benshi bari biteze kubona uko ibirori biza kuba bimeze canke biteguwe,kuko hari ivyari bitegekanijwe kurutonde ,aho usanga hari ihayanishwa ry’ibifungurwa bitandukanye vyo gufungura kubakunda utuntu bafata iyo basohotse n’umuryango canke abagenzi,integuro zitandukanye z’ibifungurwa nizo zashoboye kuhaboneka,kubakunda akanyama ,rolex,nayamacoma,Lagout,inkoko,ubwoko butandukanye bw’i salade n’ibindi vyinshi

Twashoboye kuhabona  imikino itandukanye nkamahiganwa ya Billard,tutibagiye gushikiriza ubushimwe kubabaye abambere kumahiganwa nka Best Presenter Award kuncuro ya mbere,kuwatsindiye ihiganwa rya Billard ryariko rihabera.

Kubakunda kwiryohera abana canke abakuze hari aho bogera (Piscine)imikino y’abana n’ibindi ,abaririmvyi bari bateguwe kuri programme harimwo Mista Champagne MNIF JIMBO,nabagize KARAOKE  n’Ibindi…

ibirori bikaba vyafashwe mumugongo na Son LIGHT Imprimerie hamwe na UZURI BEACH

3 ivyiyumviro on SUMMER FOOD FESTIVAL Ibirori vyashimishije benshi Vyateguwe kuncuro yambere mu Burundi

    john
    August 17, 2023

    Awesome bbnews

    0
    0
    nzizadesire
    August 18, 2023

    Vyari sawa cane
    Mista champagne yabikoze neza

    0
    0
    dj zouz
    August 18, 2023

    Uzuri beach 🏖 murahakije kabisa bbnews mwubahwe cane
    Najewe nibwo bwambere narimpashitse kweri

    0
    0

Siga Iciyumviro