July 27, 2024

“Kuharya i reggae” imvugo ikoreshwa nabenshi kubera kubura imodoka zibunguruza.mwibura ry’igitoro

10

mugihe hamaze igihe kinini hibonekeza ikibazo c’ibura ry’igitoro,mu Burundi eka no mubindi bihugu,abantu benshi bamaze kumenyera kugenda n’amaguru aho usanga ikirwi c’abantu benshi bari mwibarabara,abavuye kukazi,abanyeshure,abigisha,eka n’abandi.

mugihe hamaze igihe kinini hibonekeza ikibazo c’ibura ry’igitoro,mu Burundi eka no mubindi bihugu,abantu benshi bamaze kumenyera kugenda n’amaguru aho usanga ikirwi c’abantu benshi bari mwibarabara,abavuye kukazi,abanyeshure,abigisha,eka n’abandi.

bamwe muribo harimwo nababa bafise imiduga ariko kubera ikibazo c’igitoro no gutonda bagahitamwo kuhafata n’amaguru.

Benshi mubo twashoboye kuganira nabo baratubwira ko bamaze kumenyera kandiko ataco bibatwaye nubwo bamwe usanga batamenyereye gufata ingendo ndende.

Urwaruka rwo rwaranabitoreye akazina ngo'”Ni kuharya i Reggae ntabundi buhinga” canke “kuhatera Urweranda” benshi muribo ngo nabo birabagora gushika kumwanya,narirya ari abanyeshure,ati kandi niyo bashitse batevye harigihe abavyeyi batemera ko boba bahateye i reggae nkuko bavyita.

bivanye nuko abarundi benshi bamenyereye gufata ama bus canke moto na taxi velo ,kugira bashobore kwiyunguruza,ngo benshi bari bakwiye no kumenyera kuhatera i reggae ngo kuko bifasha benshi mubatagira sport no gushobora kuziganya amahera yo kwiyunguruza kuko ibiciro biguma biduga buri musi,ngo kandi igisagara cacu ntabwo ari kinini gose kuburyo wofata urugendo rwamasaha 3 mwibarabara utarashika aho utaha.

Kuharya i reggae rero ngo hari abamaze kubigira umugenzo ntabundi buhinga

10 ivyiyumviro on “Kuharya i reggae” imvugo ikoreshwa nabenshi kubera kubura imodoka zibunguruza.mwibura ry’igitoro

    Nizigiye
    December 16, 2023

    Gahunda nukuharya rege 🤣 igitoro nizahabu

    0
    0
    Jojo
    December 16, 2023

    Gahunda nugukora sports

    0
    0
    Ganza
    December 16, 2023

    Bagabo nakamaramaza ababijejwe badutabare turahava tuvyimba amaguru

    0
    0
    Santhia
    December 16, 2023

    Kuharya I ragae by the way Abarundi barazi kwiyumvira amazing😂😂😂

    0
    0
    Kercy
    December 16, 2023

    Bamwe batanguy kuvuga ngo ,erg bwabundi muri ville so kuree😂😂

    0
    0
    Ange briella
    December 16, 2023

    Erega Basha ufise écouteurs Zivuga neza Kuva ville no mu carama nakanya gatoo😭🤣🤣

    0
    0
    Bery
    December 16, 2023

    Entouka abavylibushe Ni Gym yubuntu😂😂

    0
    0
    Kercy
    December 16, 2023

    Burundi oyeeee😂😂 tuza twazanye namabavu mu birenge🤣🤣

    0
    0
    Blenda
    January 12, 2024

    Ntubona

    0
    0
    Utnvboige
    February 5, 2024

    Nice

    0
    0

Siga Iciyumviro