Bujumbura : Abantu 5 baraye bahitanywe n’isanganya ry’imodokari

100
musaga

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 22/12/2024, abantu 5 baraye bahitanywe n’isanganya ry’imodokari, iyo modoka ikaba yariko izanana mw’ibarabara rikuru no 7 imanuka ija mu gisagara ca Bujumbura. Abandi nabo bakomeretse bakaba baciye bajanwa mu bitaro bitandukanye kugira bakurikiranwe neza. Iryo sanganya rikaba ryaturutse ku modokari yo mu bwoko bwa Hiace yagonganye n’iyindi yo mu bwoko bwa Fuso.

Inyuma yo kugongana biturutse ku mafire yaciye y’iyo hiace, iyo modokari nyene yaciye isha. Igipolisi kijejwe gutabara mu gihe c’ibiza kikaba caragerageje kuzimya.

100 thoughts on “Bujumbura : Abantu 5 baraye bahitanywe n’isanganya ry’imodokari

  1. igituma ibintu biguma bipfa nuko abakora ivyobatazi usanga bigorako babakura kuko hariho aba police beshi bokugwa mukazi

  2. Isanganya ribaye riba ryabaye nukwihangana kuko no mu bihugu biteye imbere usanga habamwo amasanganya nabantu bagapfa

  3. Abantu barakwiye cane kwiyubara igihe bafata ingendo baja mu ntara zitadukanye kuko mwiyi misi yimpera yumwaka usanga ari ibihe bitoroshe

  4. Izo modoka ziduga ruguru jewe ndazitinya nukuri kuki nyinshi ugiye kuraba zirashaje cane nivyuma vyazo bigenda birajegera

  5. Zirakwiye kuza zirasuzumwa imbere yuko zija mwibarabara kubera zifata ingendo ndende kandi namabarabara mugihe cimvura aba ameze nabi gose…

  6. Abo bashoferi bafata ingendo ndende bazohore bagenda basenze kandi bareke kwitwaza ibura ryamamodoka hama bace batangura kugira inda ndende bata abantu mumporero.

  7. bakunda amahera kubi kurusha ubuzima bwabo ugashobora kubuzi kwimodomari atafire ukaca ubirengako ukanayijana isafari

  8. arukuba vyarabaye rero nibihangane vyarashitse amasanganya araba atakibuza wagendanye na shetani uwomunsi

  9. imana niyakire abashoboye kwitaba imana gusa tunakebura abashoferi bose kuza bahaguruka basuzumye icuma

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights