Miss Burundi azohabwa imodokari ikoreshwa n’umuyangankuba n’imiriyoni 25 z’amarundi
Kuva ubu umwigeme azotahukana ihiganwa rya Miss Burundi, azoronswa imiriyoni 25 Fbu, imodokari ikoresha umuyagankuba, urugendo shure mu bihugu vyo hanze no mu manama atandukanye, guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe. Nayo uwo mwigeme ategerezwa kuba afise kuva ku myaka 18 gushika kuri 24, afise uburebure bw’imetero 1 na santimetero 59 gushika ku metero 1 n’ama santimetero 75 (1m59-1m75) kandi atarenza ibiro 65.
Iruhande y’uwutahukana ikibanza ca mbere ari nawe azoronswa ivyo vyose twavuze. Hazotorwa kandi n’abandi bigeme 4 ari bo : ivyegera vy’iwe bibiri, Miss développement, na Miss populaire. Abo nabo nyene bazoronswa ubushimwe uku gukurikira :
- Icegera ca mbere azoronka imiriyoni 15 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’umugambi w’igihugu uri mu bisata vy’amagara y’abantu, indero n’ibidukikije hamwe no guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe.
- Icegera ca kabiri azoronka imiriyoni 10 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’umugambi w’igihugu uri mu bisata vyo gutabara imbabare, kurihirwa umwaka w’ishure hamwe no guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe.
- Miss Développement azoronka imiriyoni 10 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’umugambi w’igihugu uri mu bisata bijanye n’umugambi yatoye no guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe.
- Miss Populaire azoronka imiriyoni 5 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’ishirahamwe rirangurira imirimo ngaha mu Burundi no kurihirwa urugendo mu bibanza vy’iratiro bitandukanye mu Burundi.
Abo bigeme 5 bazotorwa muri 50 bazoba bakwije ibisabwa, abo nabo havemwo 27 bazoshika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma maze nabo havemwo 15 bazoshika mu gice ca nyuma (final).
Mwigeme aka karyo koba rwawe, itegure uzoje mu bahiganwa!
vyiza cane
nibabakwirize ijana nukuri
Iterambere rikomeye mumisi ninka 100M
Ayo mahera ndumva bagira bayapfishe ubusa bopfuma bayakoresha ibindi
Birahimbaye kuko biraryoshe guitsindira ihiganwa ugahindura ubuzima
Miss Burundi hejuru cane
Je ibi bintu simbona akamaro kavyo.
Gus keshi mpora numva bavugako habamwo amanyanga
kubantu bateguye irihaganwa uyumwaka bubahwe cane
ivyigiturire vyovyo vyamaho
None niryari hatozobamwo amanyanga kubwanyu
uwo avugako bibamwo amanyanga yotubwira ayamaze kubona?
nazane ivyemezo
Uzi imiryango yabantaho nikora iri mu Bdi uko ingana? ibuze amasuka, ivyo bifuka, amasafuriya, ivyambarwa nibindi bokoresha mukwikenura? Muga mugaca mwegeranya Ama Millions kwivyo biremwa vyakuze neza bigaca bibandanya bija kwitagatira nkeu 🤭😅
Ubu niho ntahura kizo événements atakamaro zimariye igihugu. pfuma muyaguriramwo ifumbire ba ntaho nikora barime bazopfume bashora Ivy barimye natwe tuhahombokere, nayo kuyihera ivyo biremwa ni zéro kweri 😩
ivyo bavyita kugumura abantu
Ayo mahera iyo muyaha wa mu petit areze impfuvyi mu Rutana ntimwaba mukoze jw sindamenya akamaro ka miss mu Burundi muntahuze
Abantu bavuga uko nibo batuma ugwamo ruvyuka nukuri
Bifashije iki igihugu
Mbona arukurya amahera
Bagerageze bakore ibikorwa vyijiza amahera
mumbwire ibintu biranga umukobwa atogwa muri miss?
nibavuge ndabe nanje cantanga akarorero
None twebwe abatwa bimeze gute? Muribagiwe ko iwacu atabarenza imetero 1? Uwufise imwe n’igice barikeka ko nyina yoba yaravuye umututsi canke umuhutu umugongo. Naho biri gutyo turafise abakobwa beza kandi baciye ubwenge. TURIPFUZA KUJAMWO!!!!!!!!!!!!! Mutwemerere natwe tujemwo, turonke amahirwe mushire ikibanza ca 6 Miss Sangwabutaka
vyarahindutse kumpande zose nukuri
iryo higanwa rizoba riryoshe cane pee
ndumva bateguye ibintu newa
Aho uwuzotsinda amazina yiwe arazwi abandi nimube muriyerekana
ebana uzuwoba uza,bere nizo,unsi nworara ndongoye
amahirwe kuri bose
imana ifashe burimuntu awoba yitabiriye inama
ubambere reka dushimire abateguye iryohiganwa
imana ibibemzo muvyo barimzo
ubu ndumva biza biteguye neza cane
ubu Miss izoba iryoshe
asha nanje umbziyeko nosiba Miss noba ndinumusazi
ubu ababiteguye barabihaye agaciro
ndabipfurije a,ahirze masa kubazitabira iryo higanwa
none kukuberiki ubu barwije ubushimwe
none kobazobaha ibintu vyinshi
Nibintu vyagaciro kuba hazoba ihiganwa nkiryo ahubwo ndabona vyoba vyiza no kuri RTNB bazovyerekana tukabira kumbuga
imana ibazigame bose bazatsindire rimwe
none uwambere wontara ntawe bazamuha angahe
Ico nzi umukobwa azotsinda azoba ari umukobwa wi i Gitega Kuko niho hasigaye hava abakobwa beza
none mbega ubuhoho ntamutza arimwo
Bisaba ko haba indinganizo itomoye Yiryo higanwa kuko burya ihiganwa rya miss Burundi sikintu coroshe
ebana uwumwaka nibisazi gusa
Mbe none kugira umuntu bamugire Miss Bamutora bafatiye kuki?
none uwumwaka babihaye agaciro karenze
Congrats before
Burya kuba Miss Burundi s’ikintu coroshe uwuzoba uwambere arakwiye gushimirwa bikwiye
Twizere ko integuro zizogenda neza kuko competition nkiyo itegurwa nabahinga
Uwo Miss Populaire Burya bamutora bafatiye kuki? Mumajambo make aba ajejwe iki?
Nizera ko Uru rubuga rwa BBNEWS tuzobandanya Dukurikirana amakuru y’ukuntu bizoba biriko biragenda
Ariko muri Final Numva ko hazoba harimwo abakobwa benshi
Iryo higanwa jewe nzorikurikirana kuko ndifuza kuraba uwo mukobwa azoba Miss Kandi mwiza wakaranga
Uwo mukobwa azoba uwambere ndifuza kumumenya
Twifuza kubona batoye abakobwa beza bakaranga bazotorwa kandi nizera ko abazotora bazobikora neza cane
Jewe ndashaka kuzobona iryo higanwa kuko niterambere kugihugu cacu
Miss Burundi atogwa habayiki? Arafise ico yinziriza igihugu? Ivyo vyose nibibazo tuba dukwiye kwibaza
Hazotorwa bangahe ga basha ?ndumva uyumwaka itazoncika .
Iyo myaka bavuga ndayirenza ariko ndabona batonyirengagiza kuntora kubera ubwiza ndabufise ama taillendi nayo ubwenge ninbwose,jewe ndabona nzotwara candidature yanje.
ubu abantu babiteguye barashizemwo akanoti gakwiye
ubu turabonako biriko biza neza