Burundi : Ikiro c’ibigori cashizwe kugiciro ca 2.100 Fbu

48
amagessa

Mw’itangazo rijanye no kugurisha umwimbu w’ibigori uri mu kigo

ANAGESSA, kuva aho Reta y’Uburundi ihimiririje abenegihugu mu kugwiza umwimbu , umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Ir.Prosper Dodiko ngo vyaribonekeje ko abenegihugu bitabiriye akamo batewe. Akemeza ko ivyo vyabonekeye mu mwimbu kuko waciye wiyongera. Yaciye avuga ko abenegihugu bahawe indwi 2 zo kugira basume ivyo bigori ku giciro c’ibihumbi bibiri n’ijana ku kiro (2.100 fbu/kg). Hari mu kiganiro uwo mushikiranganji yahaye abamenyeshamakuru.

Ico giciro cashinzwe kubera Reta y’Uburundi ibicishije ku kigo ANAGESSA, yaguze uwo mwimbu nk’uko abarimyi bari babisavye ko umumusesekara w’umwimbu Reta yowugura. Mwomenya ko abacuruza co kimwe na barya baba bafise imashini zo gusya hamwe n’aborozi bafise ibitungwa bisaba ko baronswa ibigori vyinshi, umushikiranganji yamenyesheje ko bazoramukirwa inyuma y’izo ndwi zibiri ziheze ndetse n’ibiciro bazobironswako bakazobimenyeshwa hanyuma.

Uwo mwimbu kandi washizwe kw’isoko kugira usahirize abenegihugu, narirya hariho hamwe hamwe vyari bimaze kwibonekeza ko umwimbu w’ibogori wari usigaye ugurwa ibihumbi bibiri n’amajana umunani y’amarundi (2.800 Fbu) ahandi ukagurwa ibihumbi bitatu vy’amarundi (3.000 Fbu).

Ni iyahe ntumbero y’ikigo ANAGESSA?

Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Ir.Prosper Dodiko yabandanije amenyesha kandi ko ikigo ANAGESSA gifise intumbero zitatu :

  1. Iya mbere ni iyo kugura umwimbu mu gihe umwimbu wabaye mwishi
  2. Iya kabiri ni iyo gusubiza uwo mwimbu kw’isoko kugira ngo ibiciro ntibiduge
  3. Iya gatatu ni iyo kugira ibigega ntegekanya bizoza

Akamenyesha ko bashoboye kwegeranya umwimbu ungana itoni ibihumbi mirongo irindwi na kimwe n’amajana atatu na mirongo itandatu nazitatu nibilo amajana icenda namirongo itatu na bitanu (T71.363.935). Ivyo bigori bikazegeranirizwa mu mazone yose ariko ubu bikaba vyegeranirijwe mu ma stock makuru makuru aho uwo mwimbu ubitswe neza. Ivyo bigori abenegihugu bazobitora ku ma stock ya ANAGESSA kuva isaha zibiri (8h00) kugeza isaha icenda n’igice (15h30). Akamenyesha ko atamucuruza n’umwe arekuriwe gutora ibigori muri ico kiringo kuko ari akaryo gahawe abenegihugu gusa.

Ikindi umushikiranganji yamenyesheje n’uko ibitigiri vy’abakeneye ivyo bigori ari vyinshi, ngo ntibari biteze ko bashobora kungana uko bangana, ndetse n’urugero Reta yari yarategekanije ntirwangana gutyo. Yarangije amenyesha ko amatwi abasumira imirima imeze neza biteze umwimbu mwiza. Agahumuriza abarimyi ko amahera yose azova muri uwo mwimbu bagiye gusohora azoguma mu kigega ANAGESSA maze ashobore kubandanya agura umwimbu w’umusesekara.

48 thoughts on “Burundi : Ikiro c’ibigori cashizwe kugiciro ca 2.100 Fbu

  1. Mubisanzwe icyo kigo ANAGESSA Cabitunganije neza.ariko ikibabaje naho bariko babivuga ntihazobura abikika mukiza ugasanga babigurishije kubadandaza.

  2. Abadandaza nabone n’abenegihugu bavuze ngo ntibazokwegere aho bizoba biriko biratangirwa bazoba barenganijwe kuko nabo barakeneye gusuma nutwo 25kg. Naho badandaza nabone barashonje.

  3. Ejo bundi naragiye kwisoko gusuma ibigori naguze 1kg kuri 3200fbu
    Rero koba ari akarusho kuri twebwe abenegihugu batobato.

  4. Baratabaye abenegihugu twari turemvye . Gusa mbona nabone arurudandazwa rukomeye iyo babishira nkokuri 1800fbu

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights