Umuhari M23 ngo ntuzitabira ibiganiro bihuza RDC n’imihari yitwaje ibrwanisho
Umuhari wa M23 waraye utangaje ko utazitabira ibiganiro bihuza ubutegetsi bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (DRC) n’imihari yitwaje ibirwanisho, vyubakiye kuri gahunda ya Nairobi. Ivyo biganiro vya Nairobi vyatangujwe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) muri Ndamukiza 2022. Uhuru Kenyatta ni we yagizwe umuhuza wavyo.
Abahagarariye M23 bigeze kuvyitabira gusa birukanwamwo na RDC, bagirizwa gutera intambara mu karere ka Rutshuru. Ariko bo barabihakanye, baca bavuga ko ari urwitwazo rwo kugira babakuremwo.
Mu biganiro bibera i Luanda, Angola n’Urwanda basavye RDC kuganira n’umuhari M23. Umuvugizi wa M23 ku rwego rwa politike, Lawrence Kanyuka, kuri uyu wa 20 Kigarama 2024 yatangaje ko kugira ngo ibibazo vyo mu biseruko bwa RDC bikemuke, uwo muhari ubanza kuganira n’ubuyobozi bw’ico gihugu ibiganiro bitomoye kandi birimwo ukuri.
Mu majambo yiwe yagize ati : “Umuryango wacu ushimangira ko wiyemeje guheza intambara yo mu buseruko bwa RDC mu mahoro, biciye mu biganiro bitomoye kandi vy’ukuri na Reta ya Kinshasa, bigakuraho impamvu y’inkomoko yatumye iyo ntambara iba.”
Kanyuka yavuze ko umuhari M23 utazokwitabira ibiganiro bihuza Reta ya RDC n’indi mihari. Mwomenya ko uwo muhari wa M23 wanse kwitabira ivyo biganiro mu gihe ukomeje gufata ibice vyinshi mu karere ka Lubero.
Inyishu y’ibibazo biri muri Congo ni ibiyago hagati ya M23 na Reta ya Congo.
Bashatse boreka izo rwano kuko naco zirikozifasha Africa usivye kudukwegera ubukene
Ikibazo nuko ivyo ari ibibazo vyabanyepolitike ariko umunyagihugu mutomuto niwe ahagorerwa .
Ntivyoroshe icogihugu kibayemwo intambara igihe kinini.
None badashaka ibiganiro bashaka iki?
Imana itabare igihugu kibanyi barageramiwe.
Ntivyoroshe M23 yarikomeje ndakurahiye
Ntamakuru yandi akivugwa kuri Congo atari intambara gusa .
Intambara ihezwa nikiyago hakabaho guheberanira kuneza y’abenegihugu si non ivyo nimyaka ijana yohera bakibirimwo
Umunyagihugu imisi yose niwe yamagwa mumporero muze mubirabe kenshi
Intambara zose zihezwa nibiganiro nibicare bayage kuneza yabo barongoye .
Congo irakirimbiwemwo ningwano nukuri biratey’ubwoba
politic ya african yuzuye ibibazo cane
politic ya african yuzuye ibibazo cane
Gusa nuko banka kubaha ukuri ariko iconzi baba bagwanira ukuri kabixa
ubwumvikane bobushira imbere kuko hari beshi bariko bazira ubusa mwivyo bintu
Aho impamvu batitaba iriho gusa nabo barashaka amahoro kuko congo niyabo
keshi Abatware bacu birabagora gutorera inyishu ibibazo nkibi
none arinkawe urumva worekura icubahiro
none ntubonako bwebwe aritwe tugwa mumporero
nitwe tubatora tukongera tugakubitwa bubwa iyo bashwanye
birababaje cane nukuri
ntako turibugire igikuru nuko tubikora kubera urukundo gwigihugu cacu
Iciza nibashirimbere ibiganiro batezurire abo banyagihugu
ibiganiro biragoye mugihe nabo batumvirizwa
none bakwumvirizwa gute bidaciye mubiyago
ndashaka kubona african yuzuye amahoro
turashonje biragoye guheberanira
none nimba musonza ntimuhaga?
nka congo bimaze igihe kweli
iyo nrwano zikwiye guhagarara kuko ntaho zizobashikana
komuvuga congo ukraine nimuri congo?
irya ntambara ntisa nizi tubona mur afican
Twebwe keshi bapfa ubutegetsi
nigikomeye ntanumutima wu
ikigongwe batugirira
bobo bishakira ibija munda zabo ntavyo kutwitaho
navyo bizobakorako
gusa barakwiye kuza bagerageza kumara ibibazo hadasetsetse amaraso
ivyo ntaco bibabwiye sha
Bibonekako twihenda cane
Jewe mbaze gato harumukuru wigihugu arasubira kubutegetsi iryakabiri?
MANDERA
Muritezeko tuzobona ba Mandera kandi?
igihugu c’urwanda ntikizohagarika gusomborotsa igihugu kibanyi ca DRC
Ariho jewe ndamuzi
natubwire kweli tubimenye natwe
Ahubwo nyene jewe ndibaza ? Iyo mihari yose iri muri Congo ntibofata abo bayitwara ?
uyu wiwacu ndizerako namwe muvyemera
uwuwo ntavugwa mwizina pe
Uwo ntavugwa mwizina.
Ahubwo azohorako uwo kabisa
turamwishimiye cane pe
uwo nintwari ikomeye kwisi nukuri
nimwirekere cane politic nikindi kintu gikomeye kinacanga beshi
Uburundi nigihugu cahezagiwe duca turonka nindongozi zidukunda
Ikibabaza nabamutobera
Abasuma nukuri batuma tumwitako yaduhemukiye kandi atwikundira cane
birababaje caane
ico nama nibaza nikimwe gute bokwizera ugahemuka?
Inda idahaga nico kibazo kibahanze
uwomuhari warikomeje none unyumviririza bashakiki mumajambo make cnk bashaka igihugu kunguvu
uwomuhari warikomeje none unyumviririza bashakiki mumajambo make cnk bashaka igihugu kunguvu
intambara yo muri congo sinibazako izohera kuberako banse ibiganiro knd hanini inyishu iva mubiganiro nyn reka turindire turabaho bizoherera
intambara yo muri congo sinibazako izohera kuberako banse ibiganiro knd hanini inyishu iva mubiganiro nyn reka turindire turabaho bizoherera
reka tuvyite kudatahura kuko ntivyumvikana ukuntu wogwana cnke wogwanywa nuwiwanyu nibintu bitumvikana
reka tuvyite kudatahura kuko ntivyumvikana ukuntu wogwana cnke wogwanywa nuwiwanyu nibintu bitumvikana