Kubera iki ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FA ryahagaritse umukinyi wa Chelsea, Mykhailo Mudryk?

104
MUDRYKK

Kuri uyu wa 17/12/2024, Mykhailo Mudryk yahagaritswe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FA (Football Association) gukina umupira w’amaguru vy’imfatakibanza kubera basanze yariteye imiti yongereza inguvu. Uwo mukinyi akaba n’umusatirizi wa Chelsea ntahakana ko yafashe iyo miti, ariko yemeza ko yayifashe atabizi. Inyuma y’amatohoza ya nyuma ashobora guhagarikwa imyaka 4, hamwe bosanga ari ukuri kwuzuye.

Umugwi Chelsea wemeza kandi ko atari Mykhailo Mudryk wenyene yapimwe, ahubwo ko ari abakinyi bose ba Chelsea muri rusangi. Gushika ubu uwo mugwi ukaba uriko ukorana n’inzego zose zibijejwe kugira bakemure ico kibazo. Ingingo ya nyuma ikazofatwa inyuma y’amatohoza ya nyuma.

Mu majambo yiwe, Mykhailo Mudryk abicishije ku rubuga rwa Instagram yagize ati : “Ndashobora kwemeza ko namenyeshejwe ko ibipimo nakorewe na FA, basanze harimwo ko nafashe ibinini vyongereza inguvu kandi ivyo navyo bikaba bitemewe n’amategeko. Ariko igihari n’uko ntigeze mfata ibinini vyongereza inguvu ndabizi canke ngo nice amategeko ayo ariyo yose.”

Musomyi hari umukinyi ubona ahora akina nk’uwanyoye iyo miti?

104 thoughts on “Kubera iki ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FA ryahagaritse umukinyi wa Chelsea, Mykhailo Mudryk?

  1. hari nabana bato bakina umupira bashaka kuzobigira umwuga rero nivyiza ko boza barahanwa nabo bazokure batinya gukoresha iyomiti

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights